Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Narakozwe ku mutima n’inyishu zitomoye Bibiliya itanga

Narakozwe ku mutima n’inyishu zitomoye Bibiliya itanga
  • YAVUTSE MU 1948

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: HONGIRIYA

  • KAHISE: YARIPFUZA KUMENYA INYISHU Z’IBIBAZO BIHAMBAYE BIJANYE N’UBUZIMA

KAHISE KANJE:

Navukiye mu gisagara ca Székesfehérvár muri Hongiriya. Ico gisagara kimaze imyaka irenga 1.000, cabayemwo ibintu vyinshi muri kahise kaco. Ikibabaje ni uko ncibuka amabi yaharanzwe kubera intambara ya kabiri y’isi yose.

Nkiri umwana, sogokuru na nyogokuru ni bo bandeze. Ndahimbarwa cane iyo ndabibutse, canecane nyogokuru Elisabeth. Ni we yamfashije kwizera Imana. Kuva mfise imyaka itatu, buri mugoroba twarasubiramwo rya sengesho rya Dawe wa twese. Ariko, nagiye gutahura ico iryo sengesho risobanura ndiko ndegereza imyaka 30.

Sogokuru na nyogokuru ni bo bandeze nkiri muto kubera ko abavyeyi banje bakora ijoro n’umurango barondera kuronka amahera menshi yo kugura inzu nziza. Ariko rero, buri musi wa gatandatu ugira kabiri mu kwezi, umuryango wose warahura kugira dusangirire hamwe ibifungurwa. Ivyo bihe vyarandyohera cane.

Mu 1958, ivyo abavyeyi banje bipfuza vyahavuye biranguka. Baraguze inzu twobayemwo uko turi batatu. Nari nshashaye kubana n’abavyeyi banje. Ese ukuntu nahimbawe cane! Ariko rero haciye amezi atandatu, uwo munezero wose nari mfise waraheze giturumbuka. Dawe yarahitanywe na kanseri.

Naragize umubabaro utagira uko ungana. Ndibuka nsenga Imana ndayibwira nti: “Mana, naragusavye unzigamire dawe. Ndamukeneye. Kubera iki none utishuye amasengesho yanje?” Naripfuza cane kumenya iyo dawe yari. Naribaza nti: ‘Yoba yaragiye mw’ijuru? Canke ntazosubira kubaho?’ Narababara mbonye abana bagifise ba se.

Naramaze imyaka myinshi ngenda hafi imisi yose aho twamuhamvye. Narapfukama ku mva yiwe maze ngasenga Imana ndayibwira nti: “Mana, mbwira iyo dawe ari.” Narasenga kandi nsaba Imana ngo imfashe gutahura intumbero y’ubuzima.

Mfise imyaka 13, narafashe ingingo yo kwiga ikidagi. Niyumvira yuko kumbure mu bitabu vyinshi Abadagi banditse nari kuronka inyishu z’ibibazo nibaza. Mu 1967, naratanguye kwiga mu gisagara ca Iéna, cari mu Budagi bwo mu Buseruko. Narasoma cane ibitabu vyanditswe n’abafilozofe b’Abadagi, canecane ibivuga ibijanye n’intumbero y’ubuzima. Naho nabikuyemwo ivyiyumviro bimwebimwe bishimishije, ntivyamaze inyota. Narabandanije nsenga kugira ngo ndonke inyishu.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 1970, narasubiye muri Hongiriya, mpura na Rose uwo twahavuye twubakana. Ico gihe, Hongiriya yatwarwa n’Abakomunisita. Gatoyi inyuma y’ubugeni bwacu, jewe na Rose twaciye duhungira muri Otrishe. Umugambi wacu wari uwo kuja kuba i Sydney muri Ostraliya, aho marume yaba.

Turi muri Otrishe sinatevye kuronka akazi. Umusi umwe, umukozi twakorana yambwiye yuko nshobora kuronka muri Bibiliya inyishu z’ibibazo vyose nibaza. Yarampaye ibitabu bibiri bivuga ibijanye na Bibiliya. Nabisomye mu kanya isase nca nshaka kumenya vyinshi. Naciye rero nandikira Ivyabona vya Yehova bene gusohora ivyo bitabu, nsaba ko bondonsa ibindi.

Igihe twakwiza umwaka umwe twubakanye, hari Icabona ca Yehova akiri muto wo muri Otrishe yatugendeye. Yaje azanye vya bitabu nari narasavye maze ansaba ko twotangura kwiga Bibiliya, nanje ndemera. Kubera ko nari nshashaye kumenya vyinshi, twiga kabiri mu ndwi kandi tukamara nk’amasaha ane.

Ivyo Ivyabona banyigisha bakoresheje Bibiliya, vyarampimbara cane. Naratangaye cane igihe banyereka izina ry’Imana, ari ryo Yehova, muri Bibiliya yanje yo mu gihongiriya. Mu myaka 27 namaze nja gusenga, sinigeze numva izina ry’Imana rivugwa. Narakozwe ku mutima n’inyishu zumvikana kandi zitomoye Bibiliya itanga ku bibazo nibaza. Nk’akarorero, naratahuye yuko abapfuye ata co bazi, bakaba bameze nk’abari mw’itiro ry’umukondorazosi. (Umusiguzi 9:5, 10; Yohani 11:11-15) Naramenye kandi ibijanye n’isi nshasha Bibiliya isezerana aho ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:3, 4) Ndizigiye kuzosubira kubona dawe kuko muri iyo si nshasha ‘hazobaho izuka.’Ivyakozwe 24:15.

Rose na we nyene yaratanguye kwiga Bibiliya abikunze. Twateye imbere ningoga, ku buryo mu mezi abiri gusa twari duhejeje kwiga! Twaritaba amakoraniro yose ajanye no gusenga Ivyabona vya Yehova bagira ku Ngoro y’Ubwami. Twarakozwe ku mutima cane n’urukundo, agatima ko gufashanya be n’ubumwe vyarangwa muri bo.Yohani 13:34, 35.

Mu 1976, jewe na Rose twaremerewe kuja kuba muri Ostraliya. Twaciye ubwo nyene turondera aho Ivyabona vya Yehova bari. Ivyabona baho batumye twumva twisanze. Mu 1978, natwe twarabaye Ivyabona vya Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Nahavuye ndonka inyishu z’ibibazo vyari bimaze igihe binshusha umutwe. Kwiyegereza Yehova Imana vyatumye ambera Data w’agaheta. (Yakobo 4:8) Vyongeye, ndashashaye kuzosubira kubona dawe yamvyaye mw’isi nshasha igiye kuza.Yohani 5:28, 29.

Mu 1989, jewe na Rose twafashe ingingo yo gusubira muri Hongiriya kugira tubwire abagenzi n’incuti be n’abandi ivyo twemera. Twaratewe agateka ko kwigisha Bibiliya abantu benshi. Abarenga 70 muri bo baratwiyunzeko mu gukorera Yehova, ushizemwo na mawe nikundira.

Namaze imyaka 17 nsenga kugira ngo ndonke inyishu z’ibibazo nibaza. Ubu iyindi myaka 39 iraheze, kandi ndacasenga. Ariko ubu hoho nsenga mvuga nti: “Urakoze Data wo mw’ijuru kubona warishuye amasengesho nagutuye nkiri umwana.”