Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Naricaye ndiyumvira iyo ubuzima bwanje bwariko buraja”

“Naricaye ndiyumvira iyo ubuzima bwanje bwariko buraja”
  • YAVUTSE MU 1941

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSTRALIYA

  • IVYO YACIYEMWO: YARANYWA ITABI N’INZOGA ZIRENZE

KAHISE KANJE:

Nakuriye mu gasagara kitwa Warialda ko mu gihugu hagati, muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Ababa muri ako gasagara barorora intama n’inka, bakongera bakarima ibiterwa vy’intete, n’ibindi biterwa. Ni agasagara gasukuye, katarangwamwo ubukozi bw’ikibi bwinshi.

Ni je nari mukuru mu bana cumi twavukana. Igihe nari mfise imyaka 13, naratanguye gukora kugira ngo mfashe kurondera igitunga umuryango. Kubera ko nize amashure make, naciye nja gukorera ahantu bakorera uburimyi n’ubworozi. Mfise imyaka 15, nakora akazi ko kumenyereza amafarasi mashasha.

Gukorera aho hantu vyarimwo ivyiza n’ibibi. Ku ruhande rumwe, narahimbarwa n’ico gikorwa be n’ukuntu aho hantu hari hameze. Mw’ijoro, naricara iruhande y’umuriro nkitegereza ukwezi n’ijuru ryuzuye inyenyeri, imiyaga na yo ikaguma ihuhera akamoto keza kava mu mashamba yari akikuje aho hantu. Ndibuka yuko vyashitse nkiyumvira ko hategerezwa kuba hariho Umuremyi w’ivyo vyiza vyose. Ku rundi ruhande, aho hantu hari hariho ibintu vyangirako akosho kabi. Narakunda kwumva amajambo y’ibiterasoni, kandi vyari vyoroshe ko ndonka itabi. Sinatevye kwandukirwa n’ingeso yo kunywa itabi no kuvuga amajambo ateye isoni.

Igihe nakwiza imyaka 18, naciye nimukira i Sydney. Naragerageje kwinjira mu gisoda mugabo baranyankira kubera ko nari nize amashure make. Nararonse akazi, nca mara umwaka ndi ng’aho i Sydney. Ico gihe ni ho natangura kumenyana n’Ivyabona vya Yehova. Naremeye ubutumire bwo kuja ku makoraniro yabo, kandi naciye ubwo nyene mbona ko ivyo bigisha ari ukuri.

Ariko rero haciye igihe gitoyi, naciye mfata ingingo yo kwisubirira muri rya shamba nahora nkoreramwo. Nahavuye nja i Goondiwindi, muri Leta ya Queensland. Naraharonkeye akazi, ndubaka n’urwanje. Ariko ikibabaje, naciye ntangura no kunywa inzoga.

Twahavuye twibaruka abana b’abahungu babiri. Haheze igihe abo bana bavutse, naricaye ndiyumvira iyo ubuzima  bwanje bwariko buraja. Naributse ivyo nari narumvise kuri ya makoraniro y’Ivyabona vya Yehova i Sydney, nca mfata ingingo yo kutabipfisha ubusa.

Nararonse ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi ca kera, kikaba cari kirimwo aderese y’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ostraliya. Naciye ndabandikira ikete nsaba ko bomfasha. Baciye bandungikira Icabona ca Yehova yimereye neza aza kundaba. Ntiyatevye gutangura kunyigisha Bibiliya.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Uko niga Bibiliya, nahavuye mbona ko nari nkeneye kugira amahinduka akomeye. Umurongo umwe wo muri Bibiliya wankoze ku mutima cane ni 2 Abakorinto 7:1. Uwo murongo udusaba ngo “twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri.”

Naciye mfata ingingo yo guhagarika kunywa itabi n’inzoga zirenze. Kugira ayo mahinduka ntivyari vyoroshe, kuko izo ngeso zari zimaze igihe kinini zarantsimbatayemwo. Ariko rero, nari niyemeje kubaho mpimbara Imana. Icamfashije cane ni ugushira mu ngiro ibivugwa mu Baroma 12:2 havuga hati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.” Naratahuye yuko guheba ingeso nari mfise vyansaba guhindura ukuntu niyumvira, nkazibona nk’uko Imana izibona, ko ari ingeso zonona. Ndabifashijwemwo n’Imana, narashoboye guheba iyo ngeso yo kunywa itabi n’inzoga zirenze.

“Naratahuye yuko guheba ingeso nari mfise vyansaba guhindura ukuntu niyumvira”

Icambereye urugamba kuruta ibindi, ni uguheba amajambo ateye isoni. Nari nzi impanuro Bibiliya itanga mu Banyefeso 4:29 iti: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu.” Naho ari ukwo, vyarangoye gushoka mpeba iyo mvugo mbi. Kuzirikana ku bivugwa muri Yesaya 40:26 vyaramfashije. Ku bijanye n’amajuru yuzuye inyenyeri, uwo murongo uvuga uti: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo. Kubera umurengera w’inguvu rukozi, kandi akaba yuzuye ingoga mu bubasha, nta n’imwe muri zo ibura.” Nariyumviriye nti: ‘Niba Imana ifise ubushobozi bwo kurema ikirere amahanga nkunda kuratira ijisho, nta nkeka ko ishobora kumpa inguvu zo kugira amahinduka kugira ndayihimbare.’ Amasengesho menshi be n’utwigoro nagize vyaratumye niga gukoresha imvugo nziza.

IVYIZA NAHAKUYE:

Igihe nakora akazi ko kwitwararika ibitungwa, sinaronka uturyo twinshi two kuyaga n’abantu kuko aho nakorera wasanga ata bantu benshi bahari. Ariko biciye ku kumenyerezwa naronkeye ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, narize kuyagisha abandi. Kimwe mu vyo nungukiye kuri ukwo kumenyerezwa ni uko kwatumye nshobora kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.—Matayo 6:9, 10; 24:14.

Ubu maze imyaka itari mike ndi umukurambere mw’ishengero. Gukora ivyo nshoboye vyose kugira mfashe abakirisu bagenzi banje, mbona ko ari agateka. Ariko umuhezagiro naronse uruta iyindi yose ni ukuba nkorera Yehova ndi kumwe n’umukenyezi wanje mukundwa kandi w’umwizigirwa be n’abana banje bameze neza.

Ndakengurukira Yehova kuba yaremeye ko nigishwa na we, jewe umuntu yize amashure make. (Yesaya 54:13) Ndemera rwose amajambo yo mu Migani 10:22 agira ati: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha.” Jewe n’umuryango wanje turashashaye kuzokwiga vyinshi ku vyerekeye Yehova no kumukorera ibihe bidahera.