Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Ubu sinkibona ko ntegerezwa guhindura isi”

“Ubu sinkibona ko ntegerezwa guhindura isi”
  • YAVUTSE MU 1966

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: FINLANDE

  • IVYO YACIYEMWO: YAHARANIRA AMAHINDUKA MU KIBANO

KAHISE KANJE:

Namye nkunda ibidukikije kuva nkiri umwana. Uko tugize umuryango twarakunda kuja gutembera ku biyaga biryoheye ijisho be n’amashamba meza cane vyari bikikuje igisagara cacu ca Jyväskylä, muri Finlande yo Hagati. Ariko kandi ndakunda ibikoko. Nkiri umwana, mbonye akayabu canke imbwa, naca numva nobigumbira! Uko nagenda ndakura, vyarambabaza kubona ingene abantu usanga kenshi bafata nabi ibikoko. Nahavuye nja mw’ishirahamwe ryaharanira agateka k’ibikoko, ndahahurira n’abandi twari dusangiye ivyiyumviro.

Twaratunganya ibikorwa vyinshi vyo guharanira agateka k’ibikoko. Twarakwiragiza amakuru ajanye n’ivyo twaharanira, tugatunganya ingendo be n’imyiyerekano vyo kwiyamiriza amaduka yadandaza ibintu bihinguwe mu bwoya bw’ibikoko no mu nshato zavyo be n’ibigo vyafata ibikoko nk’ibikoresho vyo kugirirako ubushakashatsi. Twaranashinze ishirahamwe rishasha ryo gukingira ibikoko. Kubera ko twafata ingingo zikomeye kugira duteze imbere umugambi wacu, wasanga kenshi tugiranira ingorane n’abategetsi. Akatari gake, narafashwe ndarengutswa muri sentare.

Uretse ko nari ndajwe ishingwa n’ibikoko, narahagarikwa umutima n’izindi ngorane zo hirya no hino kw’isi. Nahavuye nkorana n’amashirahamwe atari make, harimwo na rimwe riharanira agateka ka zina muntu ryitwa Amnesty International be n’iriharanira gukingira ibidukikije ryitwa Greenpeace. Nakoresha inguvu zanje zose mu gushigikira ivyo bikorwa. Naravugira abakene, abatagira ivyo bafungura, be n’abandi bantu bamerewe nabi.

Ariko rero, naratanguye kubona ko ntari gushobora guhindura isi. Naho ayo mashirahamwe yafasha hakagira utugorane tumwetumwe dutorerwa umuti, ingorane zikomakomeye zozo zasa n’iziguma zunyuka. Nabona umengo ikibi cigaruriye isi yose kandi ko ata muntu n’umwe yari abibabaye. Numva ata co nshoboye.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Kuba ata co nari nshoboye guhindura vyatumye numva mbabaye, nca ntangura kwiyumvira ivyerekeye Imana na Bibiliya. Nari narigeze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Narashimye umutima mwiza bagaragaza be n’ukuntu banyitwararitse, mugabo sinari niteguriye guhindura ukuntu nari mbayeho. Ariko ubu hoho vyari bitandukanye n’ico gihe.

Naciye ntora Bibiliya yanje ntangura kuyisoma. Ntiworaba ukuntu numvise ndemeshejwe! Narabonye imirongo itari mike yo muri Bibiliya ivuga ukuntu dukwiye gufata neza ibikoko. Novuga nk’akarorero Imigani 12:10, ahavuga yuko “umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe.” (Bibiliya Yera) Naratahuye kandi ko Imana atari yo yobazwa ingorane zihanze isi, ahubwo ko izo ngorane zagiye zirunyuka kubera ko abantu benshi badakurikiza ivyo Imana ivuga. Narakozwe ku mutima cane menye ivyerekeye urukundo rwa Yehova n’ukwihangana kwiwe.​—Zaburi 103:8-14.

Ico gihe, nararonse agapapuro ko gusabirako igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? nca ndakarungikira Ivyabona vya Yehova. Haciye igihe gito, hari umugabo n’umugore b’Ivyabona vya Yehova bangendeye, bansaba ko twigana Bibiliya, nca ndemera. Nahavuye kandi ntangura kwitaba amakoraniro ajanye no gusenga bagirira ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo vyatumye ukuri kwo muri Bibiliya gutangura gushinga imizi mu mutima wanje.

Bibiliya yaramfashije kugira amahinduka menshi. Narahevye kunywa itabi n’inzoga nyinshi. Narahinduye n’imvugo yanje be n’ingene nambara nkongera nkitunganya. Narahinduye kandi ingene nabona abategetsi. (Abaroma 13:1) Narahevye n’ingeso z’ubuhumbu nari mfise, nkaba nari nsanzwe nigenza nk’impene yo mu ci.

Icambereye urugamba kuruta ibindi vyose ni uguhindura ukuntu nabona amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’ibikoko. Emwe, vyasavye igihe kitari gito. Mu ntango, numva umengo nzoba mpemukiye ayo mashirahamwe ndamutse ndayavuyemwo. Ariko rero, nahavuye ntahura ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotorera umuti ingorane zihanze isi. Naciye mfata ingingo yo gukoresha inguvu zanje zose mu gushigikira ubwo Bwami, ngafasha n’abandi kumenya ibibwerekeye.​—Matayo 6:33.

IVYIZA NAHAKUYE:

Igihe naharanira amahinduka mu kibano, abantu nabashira mu migwi ibiri: abeza n’ababi. Kandi nari niteguriye kugira ico nkoze ngo ndwanye abo nabona ko ari babi. Ariko Bibiliya yaramfashije kwikuramwo urwo rwanko. Aho kwanka abandi, ndihatira gukunda abantu bose nk’uko umukirisu abisabwa. (Matayo 5:44) Bumwe mu buryo ngaragaza urwo rukundo ni mu kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Biranezera kubona ukuntu ico gikorwa co kwitanga gituma abantu bagira amahoro, agahimbare n’icizigiro nyakuri.

Kurekera ibintu mu maboko ya Yehova vyatumye ngira amahoro mu mutima. Kubera ko ari we Muremyi, ndazi neza ntakeka ko atazoreka ngo abantu n’ibikoko bigume bifatwa nabi canke ngo isi yacu nziza ihonywe. Ahubwo riho, biciye ku Bwami bwiwe, azotunganya ibintu vyose abantu bononye. (Yesaya 11:1-9) Ntiworaba ukuntu bimpimbara kuba nzi ivyo bintu no kuba mfasha abandi kuvyizera. Ubu sinkibona ko ntegerezwa guhindura isi.