Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ndahimbarwa no kumarana umwanya n’abakiri bato bo mw’ishengero

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Nta candutira urukino rwa base-ball!

Nta candutira urukino rwa base-ball!
  • YAVUTSE MU 1928

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: KOSTA RIKA

  • KAHISE: YARI YARATWAWE N’INKINO BE N’AKAMARI

KAHISE KANJE

Nakuriye i Puerto Limón no mu micungararo yaho, kikaba ari igisagara co mu buseruko bwa Kosta Rika kiri ku nkengera y’ikiyaga. Tuvukana turi umunani, nkaba ngira indwi. Dawe yapfuye mfise imyaka umunani. Mawe rero yaciye aturera wenyene.

Narakunda cane urukino rwitwa base-ball *, kandi narukunze kuva nkiri umwana. Igihe nari umuyabaga, naciye ninjira mu mugwi wakina ku bwo kwinezereza. Ngeze mu myaka 20, hari intumwa y’umugwi wo muri Nikaragwa yansavye kuja gukinira umugwi wabo, bakaza barampemba. Ariko sinashimye kujayo, kuko ico gihe mawe yarwaragurika kandi akaba ari jewe namwitwararika. Naciye rero ndamuhakanira. Mu nyuma, hari uwundi yantumyeko gukinira umugwi nserukiragihugu wo muri Kosta Rika, ukaba wari ugizwe n’abakinyi bacaguwe mu migwi itandukanye. Ico gihe hoho naremeye. Narakiniye uwo mugwi kuva mu 1949 gushika mu 1952, ndakina inkino nyinshi muri Kiba, muri Megizike no muri Nikaragwa. Nari umwe mu bakinyi b’ivyugazo, nkaba mbere narashobora gukina inkino 17 ntakoze ikosa na rimwe. Nararyoherwa cane igihe isinzi ry’abafana ryaba ririko ririha akamo rivuga izina ryanje!

Ikibabaje ni uko nagendera no mu buhumbu. Naho nari mfise umukobwa twakundana, nama ngendana n’abandi. Vyongeye, narakunda kuborerwa. Umusi umwe, naranyoye ndaborerwa ku buryo bukeye, ntashoboye kwibuka ingene nashitse i muhira. N’ikindi kandi, narakina akamari mu rukino rumeze nk’urudo nkongera ngakina ivya tombora.

Mawe yabaye Icabona ca Yehova igihe nari muri ubwo buzima. Yaragerageje kunkundisha ivyo yemera, mugabo biranka kubera ko nari naratwawe cane n’inkino. Igihe naba ndi ku kibuga nimenyereza, no mu masaha yo gufungura sinumva inzara! Ubwenge bwanje bwaba buri ku rukino gusa. Mvugishije ukuri, nta candutira urukino rwa base-ball!

Ariko igihe nari mfise imyaka 29, narakomeretse cane ndiko ndiruka inyuma y’umupira mu gihe c’urukino. Maze gukira, naciye mpeba ivyo gukinira amahera. Naho ari ukwo, nagumye nkurikirana ivy’urwo rukino, mu kuza ndamenyereza abakinyi bo mu mugwi wakinira hafi y’i muhira.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Mu 1957, naritavye igikorane c’Ivyabona vya Yehova cabereye ku kibuga twigeze gukinirako. Igihe nariyo, narabonye ingene Ivyabona barangwa n’urupfasoni. Bari batandukanye cane n’amasinzi y’abaza kurorera inkino zacu, abo wasanga barangwa n’induru nyinshi. Ivyo nabonye kuri ico gikorane vyaratumye ntangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ndatangura no kuja gusengera iwabo.

Narakozwe cane ku mutima n’ibintu bitari bike nize muri Bibiliya. Nk’akarorero, narabonye ko Yezu yavuze yuko mu misi ya nyuma, abigishwa biwe bovuze inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose. (Matayo 24:14) Naramenye kandi ko abakirisu b’ukuri batavuga ubutumwa barondera amahera. Yezu yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”​—Matayo 10:8.

Igihe naba ndiko ndiga Bibiliya, naza ndagereranya ivyo ivuga be n’ivyo nabona mu Vyabona vya Yehova. Narakozwe cane ku mutima n’ishaka ridasanzwe bagira mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose. Nasanze bafise wa mutima wo gutanga Yezu yasaba abakirisu kugaragaza. Igihe rero nasoma Mariko 10:21, nkabona akamo Yezu adutera ngo ‘tumukurikire,’ naciye nipfuza kuba Icabona ca Yehova.

Ariko rero gufata ingingo vyarafashe igihe. Nk’akarorero, naramaze imyaka myinshi nza ndakina tombora buri ndwi, kugira ngo ngerageze imigisha yanje. Mugabo nahavuye mbona ko Bibiliya ivuga yuko Imana iterekwa abasenga “imana y’Umugisha” be n’abanyamwina. (Yesaya 65:11; Abakolosayi 3:5) Naciye mpeba akamari. Ku wa mungu w’indwi nyene nahebeyeko gukina tombora, uwakoresheje inomero yanje yaciye atombora. Abantu barantwenze kubera ko iyo ndwi ntari nakinye. Baranandemereye ngo nsubire gukina, mugabo ndanka. Sinigeze nsubira gukina akamari.

Nahavuye mbatizwa ku gikorane kimwe c’Ivyabona vya Yehova. Uwo musi nyene, narashikiwe n’ikindi kigeragezo cashize ahabona nimba nari maze kwambara “wa muntu mushasha.” (Abanyefeso 4:24) Ku mugoroba ntashe kw’ihoteli nari nashikiyemwo, nasanze umukobwa twahora dukundana andindiriye imbere y’umuryango w’icumba canje. Yambwiye ati: “Ingo sha turyimare gatoya!” Ubwo nyene naciye ndamwiyama. Naramwibukije yuko nari nsigaye nisunga inyigisho zo muri Bibiliya. (1 Abakorinto 6:18) Yaciye yinamura ati: “Uvuze ngo?” Yaciye ambwira ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no guhuza ibitsina ari ugukavya, maze aguma anyinginga ngo dusubire kwikundanira. Naciye niyinjirira mu cumba, urugi ndababira. Ubu ndahimbawe n’uko kuva mbaye Icabona ca Yehova mu 1958, nagumye nshikamye ku ngingo nafashe mu buzima.

IVYIZA NAHAKUYE

Hamwe nodondora ivyiza nironkeye kubera nabayeho nisunga impanuro Bibiliya itanga, noheba nkandika igitabu! Bimwe muri ivyo vyiza, ni uko ubu nifitiye abagenzi benshi beza, nkagira agahimbare nyakuri, nkagira n’ubuzima buri n’intumbero.

Ndacakunda urukino rwa base-ball, ariko si rwo nshira imbere. Ngikina urwo rukino, naravugangwa nkaronka n’amahera menshi, ariko ntivyamara na kabiri. Yamara rero ubucuti mfitaniye n’Imana be n’abo dusangiye ukwemera, buzokwamaho. Bibiliya ivuga iti: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yohani 2:17) Ubu nta kindutira Yehova Imana be n’abasavyi biwe!

^ ing. 9 Urukino rwa base-ball rukinwa n’imigwi ibiri.Umwumwe uba ugizwe n’abakinyi icenda.Umukinyi wo mu mugwi umwe aratera n’amaboko agapira gatoyi, uwo mu wundi mugwi agaca agakubita akoresheje ubuhiri bwabigenewe.