Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Natera mba mubi cane

Natera mba mubi cane
  • YAVUTSE MU: 1952

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: AMERIKA

  • KAHISE: YARAKAZA ISHAVU

KAHISE KANJE:

Nakuriye i Los Angeles, muri leta ya Kaliforniya muri Amerika, mu duce twari tugwiriyemwo imigwi y’inkozi z’ikibi n’abanywarumogi. Twavukana turi batandatu, nkaba nagira kabiri.

Twakuriye mw’idini ry’abaporoti. Ariko maze kugera mu buyabaga, nari mfise ubuzima burimwo tubiri. Ku misi ya mungu nararirimba mu rusengero. Ku yindi misi naca nigira mu kirori, nkanywa ibiyayuramutwe, nkakora n’ubuhumbu.

Narakaza ishavu cane. Narwanisha ico mbonye cose. Ivyo niga ku rusengero nta co vyamfasha. Narakunda kuvuga ngo “Uguhora ni ukw’Umukama, nanje ndi igikoresho ciwe!” Igihe nari muri kaminuza mu mpera z’imyaka ya 1960, naratanguye gushigikira ivyiyumviro vy’umugwi w’ivya politike wiyita ngo ni Ingwe zirabura, waharanira agateka ka zina muntu. Narifatanije n’umuhari w’abanyeshure waharanira agateka ka zina muntu. Akenshi twaragira imyiyerekano, ico gihe cose tukaba twaramara umwanya twugarije ishure.

Kubera nakaza ishavu cane, naho twagira iyo myiyerekano sinashirwa. Naciye ntangura rero gukorera ikibi imigwi imwimwe y’abantu. Nk’akarorero, igihe kimwe jewe n’abagenzi banje twararavye amasinema yerekana amagorwa abashumba bakuwe muri Afrika baboneye muri Amerika. Ishavu ryaciye riduga duca turengera ku misore y’abazungu yari muri ico kibanza co kurabiramwo sinema. Twaciye tuja no mu micungarararo yaho kurondera abandi bazungu twokubita.

Ndi mu gushikana imyaka 20, jewe na bene wacu twari dusigaye turi inkozi z’ikibi katwa. Abategetsi ntibatwerekwa. Umwe muri batoyi banje yari mu kagwi kari kazwi cane k’inkozi z’ikibi, kandi nanje narifatanya na bo. Natera mba mubi cane.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Umwe mu bagenzi banje yari afise abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova. Barantumiye ku makoraniro yabo ajanye no gusenga, kandi naragiye. Kuva uwo musi, narabonye ko Ivyabona batandukanye n’abandi bantu. Bose baba bafise Bibiliya kandi bakayikoresha. Mbere n’abakiri bato barigisha! Nararyohewe no kumenya ko Imana yitwa Yehova no kwumva bakoresha iryo zina. (Zaburi 83:18) Ishengero ryarimwo abantu bava mu bihugu vyinshi, ariko vyaragaragara ko ata macakubiri ashingiye ku moko yari ahari.

Mu ntango, sinashaka ko Ivyabona banyigisha Bibiliya, ariko narakunda kuja gusenga iwabo. Umusi umwe mw’ijoro igihe nari gusenga, abagenzi banje baragiye ku giteramo. Kuri ico giteramo, barakubise umusore umwe gushika aho bamwica, kubera yari yanse kubaha ikoti yari yambaye. Bukeye, barigamvye kubera ico kibi baraye bakoze. Mbere baguma bitwengera n’igihe barengutswa muri sentare. Benshi muri bo baciriwe ugupfungwa ubuzima bwabo bwose. Uca wumva nawe ukuntu nahimbawe cane kubona ntari kumwe na bo ico gihe. Naciye mfata ingingo yo guhinduka maze ndatangura kwiga Bibiliya.

Kubera nari menyereye cane kubona akarenganyo gashingiye ku moko, Ivyabona barantangaje cane. Nk’akarorero, igihe Icabona w’umuzungu yaba afashe urugendo rwa kure, yasigira abana biwe umuryango w’abirabure. Ikindi gihe na ho, umuryango w’abazungu warahaye indaro umusore umwe w’umwirabure yari akeneye aho aba. Narabonye neza ko Ivyabona vya Yehova bakurikiza amajambo ya Yezu ari muri Yohani 13:35, agira ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” Naratahuye ko nari ndonse abagenzi nyakuri.

Maze gutangura kwiga Bibiliya, naratahuye ko nari nkwiye guhindura ivyiyumviro. Uretse ko nari nkwiye kuba umunyamahoro, nategerezwa no guhindura ivyiyumviro ngatahura ko ubwo ari bwo buryo bwiza bwo kubaho. (Abaroma 12:2) Buhorobuhoro, narahinduye ibintu. Muri Nzero 1974, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

Uretse ko nari nkwiye kuba umunyamahoro, nategerezwa no guhindura ivyiyumviro ngatahura ko ubwo ari bwo buryo bwiza bwo kubaho

Ariko rero naho nari maze kubatizwa, nategerezwa kuguma ncungera ishavu ryanje. Nk’akarorero, igihe nariko ndigisha Bibiliya inzu ku nzu, naromye inyuma umusuma yari ahejeje kunyiba iradiyo yo mu muduga. Ngira ndamushikire, yaciye ayiterera hasi arahunga. Igihe niganira iyo nkuru abo twari kumwe, umukurambere yari muri uwo mugwi yambajije ati: “Stephen, wari gukora iki iyo umufata?” Ico kibazo carankoze ku mutima kandi catumye mbandanya kwihatira kuba umunyamahoro.

Muri Gitugutu 1974, naratanguye kuza ndamara umwanya munini namamaza, nkamara amasaha 100 buri kwezi nigisha abandi Bibiliya. Mu nyuma, naratewe agateka ko gukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn, muri New York. Mu 1978, narasubiye i Los Angeles kugira nitwararike mawe yari arwaye. Haciye imyaka ibiri, narubakanye n’umukenyezi wanje nikundira Aarhonda. Yaramfashije cane kwitwararika mawe gushika apfuye. Jewe na Aarhonda twahavuye tuja mw’ishure rya Gileyadi rimenyereza abamisiyonari maze turungikwa gukorera muri Panama, n’ubu akaba ari ho tugikorera.

Kuva mbatijwe, ndamaze gushikirwa n’ibintu vyinshi vyotuma ntwarwa n’ishavu. Narize gukura meza igihe bariko baransomborotsa canke nkarondera ubundi buryo bwo gutsinda ishavu. Abantu benshi, harimwo n’umukenyezi wanje, barankeje kubera ingene nagerageje kuvyifatamwo neza. Na jewe ubwanje si ndavyumva! Ayo mahinduka nagize sinoyiyitirira. Ahubwo, mbona ko ari ikimenyamenya c’uko Bibiliya ifise ububasha bwo guhindura umuntu.Abaheburayo 4:12.

IVYIZA NAHAKUYE:

Bibiliya yaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero kandi yaranyigishije kuba umunyamahoro vy’ukuri. Sinkirwana, ahubwo ndafasha abantu kwiga ivyerekeye Imana. Mbere narigishije Bibiliya uwahoze ari umwansi wanje igihe twari muri kaminuza! Amaze kubatizwa, twaramaze igihe gito tubana. Gushika ubu turi abagenzi somambike. Jewe n’umukenyezi wanje turamaze kwigisha Bibiliya abantu barenga 80 baraba Ivyabona vya Yehova.

Ndakengurukira cane Yehova kubera yamfashije kugira ubuzima bufise intumbero kandi buhimbaye, ndi kumwe n’abagenzi nyakuri.