Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Nta ho naja ntafise inkoho yanje

Nta ho naja ntafise inkoho yanje
  • YAVUTSE MU 1958

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO:UBUTALIYANO

  • IVYO YACIYEMWO:YARI MU KAGWI K’INKOZI Z’IKIBI

KAHISE KANJE:

Navukiye mu micungararo y’igisagara ca Roma kandi ni ho nakuriye, kakaba kari akarere k’abakene. Ubuzima ntibwari bworoshe. Sinigeze mbona mawe, kandi dawe ntitwahuza. Naciye niga kwibako mu kibano kigoye kuva nkiri umwana.

Igihe nari mfise imyaka cumi, nari maze gutangura kwiba. Mfise imyaka 12, naratanguye kuza ndomoka nkava muhira. Si rimwe si kabiri dawe yabwirijwe kuza kuntora ku gipolisi kugira ngo antahane. Nama ndiko ndashwana n’abantu. Nakarira abantu bose nkongera nkabashavurira. Igihe nari mfise imyaka 14, naravuye muhira ubutakigaruka. Naratanguye kunywa ibiyayuramutwe no kuba mw’ibarabara. Kubera ko ntagira aho nkika umusaya, nararondera ukuntu ninjira mu modoka za barundi akaba ari ho ndara gushika mu gaturuturu. Naca ndondera ahari amazi ngakaraba.

Nahavuye mba karuhariwe mu kwiba, uhereye ku gusahura abantu udusakoshi gushika no ku kumena amazu matomato na maninimanini mw’ijoro. Naratanguye kwihesha izina ribi, sinateba guhabwa ikaze mu kagwi gakomeye k’inkozi z’ikibi. Ivyo vyatumye ntera imbere nshika ku rwego rwo kwiba amabanki. Kubera ko nari nsanzwe ndi inkazi, sinatevye kwubahwa cane muri ako kagwi. Nta ho naja ntafise inkoho yanje, mbere no mu kuryama narayiseguza. Igikenye, ibiyayuramutwe, ubusuma, imvugo mbi n’ubuhumbu vyasigaye ari vyo biranga ubuzima bwanje. Igipolisi caguma kimpiga. Narafatwa kenshi nkamara imyaka n’iyindi mu munyororo nkongera nkarekurwa.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Igihe kimwe bari bandekuye, nca mfata ingingo yo kuja kuramutsa mamawacu. Sinari nzi ko we hamwe n’abana biwe babiri bari baracitse Ivyabona vya Yehova. Barantumiye ngo nitabe ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Naremeye kujana na bo kugira gusa ndabe ingene basenga. Dushitse ku Ngoro y’Ubwami, nasavye nshimitse ngo nicare hafi y’umuryango kugira ngume ndaba abinjira n’abasohoka. Aho rero na ya nkoho yanje twari kumwe.

 Iryo koraniro nagiyemwo ryarahinduye ubuzima bwanje. Ndibuka ko hageze aho niyumvira ko ndi ku yindi si. Barandamukije n’igishika cinshi, baramwenyura n’umutima mwiza. Ndacibuka ukuntu Ivyabona vya Yehova bangaragarije umutima mwiza uzira uburyarya. Ivyo rero vyari bitandukanye cane n’ivyo nari menyereye.

Naratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Uko niga ni ko narushiriza gutahura ko nkeneye guhindura rwose ukuntu nari mbayeho. Narafashe nka nkama amajambo ari mu Migani 13:20 agira ati: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” Narabonye ko nkeneye kwitandukanya na ka kagwi narimwo. Ntivyanyoroheye ariko Yehova yaramfashije ndabishikako.

Bwari bwo bwa mbere mu buzima bwanje ntanguye gukontorora ivyo nkora

Vyongeye, narityoroye ku mubiri. Narinanase ndaheba itabi n’ibiyayuramutwe. Narimosheje ibishatsi birebire nari mfise, ndakura amahereni nongera ndaheba imvugo mbi. Bwari bwo bwa mbere mu buzima bwanje ntanguye gukontorora ivyo nkora.

Sinari bwigere niyumvamwo ivyo gusoma canke kwiga, akaba ari co gituma vyambereye urugamba kwitunira ku nyigisho ya Bibiliya. Ariko rero, uko nagira akigoro ni ko nagenda nkunda Yehova kandi hariho ikintu catanguye guhinduka muri jewe: Ijwi ryanje ryo mu mutima ryaratanguye kunyagiriza. Vyarashika kenshi nkiyagiriza cane, nibwira ko Yehova atokwigeze amparira ku bibi vyose nari narakoze. Muri ivyo bihe nararemeshwa cane no gusoma ukuntu Yehova yahariye Umwami Dawidi amaze gukora ibicumuro bikomeye.2 Samweli 11:1–12:13.

Ikindi kintu cangoye cari igikorwa co kubwira abandi inzu ku nzu ivyo nizera. (Matayo 28:19, 20) Narahagarika umutima nibaza ingene vyogenze duhuye n’uwo nagiriye nabi muri kahise. Ariko bukebuke naratsinze ubwoba nari mfise. Naratanguye guhimbarwa cane no gufasha abandi kumenya ivyerekeye Data wa twese adasanzwe wo mw’ijuru, uno akaba aharira cane.

IVYIZA NAHAKUYE:

Emwe, kwiga ivyerekeye Yehova vyararokoye ubuzima bwanje! Benshi mu bagenzi banje ba kera ubu barapfuye, abandi bakaba bari mu munyororo. Ariko jewe mfise ubuzima buhimbaye kandi niteze kazoza gashimishije. Narize kwicisha bugufi no kugamburuka be no kwirinda ubukazi. Icavuyemwo ni uko mfitaniye imigenderanire myiza n’abandi. Mbanye neza na Carmen umukenyezi wanje mwiza. Twe na we turahimbarwa cane no gufasha abandi kumenya ivyerekeye Bibiliya.

Mbega uzi n’inkuru? Ubu nkora akazi katarimwo ubusuma. Hari igihe nkorera mu mabanki, aho kuyasahura nkayasukura.