Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Kera abantu benshi baranyanka”

“Kera abantu benshi baranyanka”
  • YAVUTSE MU 1978

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: SHILI

  • IVYO YACIYEMWO: YARI INKAZI BIRENGEJE

KAHISE KANJE:

Nakuriye i Santiago umurwa mukuru wa Shili, mu gace karangwamwo ibiyayuramutwe, ubugizi bwa nabi be n’utugwi tw’inkozi z’ibibi. Igihe nari mfise imyaka itanu, dawe yaragandaguwe. Inyuma y’aho, mawe yaciye abana n’umugabo w’inkazi. Yama yadukubise twempi. Ivyanshikiye muri iyo myaka vyaransizemwo inkovu mu mutima.

Uko nakura, utwosho tubi tw’aho hantu nakuriye twahavuye dutuma mba inkazi birenze. Narumviriza umuziki utabereye witwa heavy metal, nkanywa inzoga nyinshi, kandi vyarashika ngafata n’ibiyayuramutwe. Nama ndiko ndarwana mu mabarabara n’abadandaza b’ibiyayuramutwe, incuro zitari nke bakaba bararondeye kunyica. Igihe kimwe, hari akagwi k’inkozi z’ikibi katurwanya kahaye ingero umwicanyi umwe karuhariwe ngo anyice. Narashoboye guhunga mugabo yari yancumise imbugita. Ikindi gihe, hari umugwi w’abadandaza b’ibiyayuramutwe wamfatiyeko agakoho ku mutwe, uca ugerageza kumanika.

Mu 1996, narakundanye n’umukobwa yitwa Carolina maze turubakana mu 1998. Inyuma y’aho tuvyariye umwana wa mbere, naragize ubwoba bw’uko nohavuye mera nka wa mugabo wa mawe, ngafata nabi umuryango wanje kubera ko nari nsanzwe ndi umuntu w’inkazi. Naciye rero nitura ikigo kimwe co mu karere iwacu gifasha abafise ingorane nk’iyo. Barampaye imiti bongera barangira inama, ariko biba impfagusa. Nagumye ndi umuntu ashavuzwa mbere n’utuntu dutoduto; emwe, nari umuntu agoye. Naragerageje kwiyahura, niyumvira ko ivyo vyotumye ntaba nkibabaza umuryango wanje. Ariko igishimishije, sinashoboye kwiyahura.

Naho nari maze imyaka myinshi ntemera Imana, naripfuje kuyemera. Nahavuye rero mara igihe nifatanije n’ishengero ryitwa évangélique. Muri ico gihe, umugore wanje yariko ariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naranka Ivyabona vya Yehova, kandi narabatutse incuro zitari nke. Ariko baguma ari abanyamahoro, ivyo bikaba vyarantangaje.

Igihe kimwe, Carolina yaransavye gufata Bibiliya yanje ngo nsome Zaburi 83:18. Uwo murongo uratomora neza ko izina ry’Imana ari Yehova. Naratangaye kubona mw’idini nari ndimwo nari narize ivyerekeye Imana muri rusangi, mugabo atari  ivyerekeye Yehova. Mu ntango z’umwaka wa 2000, na jewe naciye ntangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

: Igihe nabandanya kwiga Bibiliya, narahumurijwe no kumenya yuko Yehova ari Imana y’ikibabarwe kandi iharira. Nk’akarorero muri Kuvayo 34:6, 7, Bibiliya ivuga ko Yehova ari “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.”

Narahumurijwe no kumenya yuko Yehova ari Imana y’ikibabarwe kandi iharira

Naho ari ukwo, vyarangora gushira mu ngiro ivyo nariko ndiga. Nabona ko bitokwigeze bishoboka ko mpeba kuba umuntu w’inkazi. Ariko igihe cose naba ntirimutse, Carolina yarandemesha abigiranye urukundo. Yaranyibutsa yuko Yehova yabona utwigoro nariko ndagira. Kuba yaranshigikira vyaratuma ngira inkomezi zo kubandanya ngerageza guhimbara Yehova, naho akenshi vyashika nkabona umengo nta co nsha nokora.

Umusi umwe, umuvukanyi yanyigisha Bibiliya yitwa Alejandro yaransavye gusoma Abagalatiya 5:22, 23. Iyo mirongo ivuga ko icamwa c’impwemu y’Imana ari “urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” Alejandro yaransiguriye yuko gutsimbataza izo kamere bitava ku nkomezi zanje bwite ariko ko biva ku mpwemu nyeranda y’Imana. Ukwo kuri kwaratumye mpindura rwose ukuntu nabona ibintu!

Mu nyuma, naragiye kw’ihwaniro rinini ry’ivy’ugusenga ry’Ivyabona vya Yehova. Urutonde nahasanze, isuku n’urukundo, vyaratumye njijuka ko nari nubuye idini ry’ukuri. (Yohani 13:34, 35) Nabatijwe muri Ruhuhuma 2001.

IVYIZA NAHAKUYE

: Yehova yaratumye mva mu bukazi, mpinduka umunyamahoro. Mbona ko ari nk’aho yankuye mw’ishayo. Kera abantu benshi baranyanka, ariko ivyo sinobibahora. Ariko ubu ndahimbarwa no gukorera Yehova mu mahoro, mfadikanije n’umukenyezi wanje n’abana banje babiri.

Incuti n’abagenzi nahorana ntibatahura ingene nahindutse ukuraho. Ivyo vyatumye abatari bake muri bo bashimishwa no kumenya ukuri kwo muri Bibiliya. Vyongeye, naratewe agateka ko gufasha abandi kumenya Yehova. Ese ukuntu mpimbarwa no kubona na bo nyene ukuri kwo muri Bibiliya kwarahinduye ubuzima bwabo!