Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Nararonse ubutunzi nyakuri

Nararonse ubutunzi nyakuri
  • Yavutse mu 1968

  • Igihugu akomokamwo: Leta Zunze Ubumwe za Amerika

  • Kahise: Uwatunganya ivy’amahoteli yasenga asaba gutunga

KAHISE KANJE

 Nakuriye mw’idini ry’Abagatolika i Rochester muri New York. Igihe nari mfise imyaka umunani, abavyeyi banje baratandukanye. Mu ndwi hagati naba ndi kumwe na mama, akaba yaba mu gace kabamwo abakene. Mu mpera z’indwi naho naba ndi kumwe na papa, akaba yaba mu gace kabamwo abatunzi. Igihe nabona ukuntu mama akora agatama kugira atunge abana batandatu, naciye nishingira umugambi wo kuzokora cane kugira umuryango wacu utunge.

 Papa yipfuza ko ndoranirwa mu buzima. Rero yaciye atunganya ivy’uko notembera kw’ishure ryigisha ivyo gutunganya amahoteli. Nararikunze nca ndiyandikisha kuko nibaza ko Imana yariko irishura amasengesho nayituye ndayisaba ko noba umutunzi kandi ngahimbarwa. Namaze imyaka itanu ndiko ndiga ivyo gutunganya amahoteli, amategeko ajanye n’urudandaza be n’ivyo gutunganya amashirahamwe. Muri ico gihe nyene, nariko nkorera kw’ihoteli imwe y’i Las Vegas muri Nevada yarimwo casino.

Mu vyo nakora harimwo kwitwararika abatunzi baza gukina akamari

 Mfise imyaka 22, nari umufasha w’icegera c’umukuru w’iyo hoteli. Abo twakorana babona ko ndi umutunzi be n’uko nariko ndaroranirwa, kubera ko nafungura ibifungurwa vyiza cane kandi nkanywa umuvinyu n’ibindi binyobwa bizimvye cane. Barakunda kumbwira bati: “Wibuke ko amahera ari co kintu ca mbere gihambaye kw’isi.” Babona ko amahera ari yo atuma umuntu ahimbarwa vy’ukuri.

 Mu vyo nakora harimwo kwitwararika abatunzi baza gukina akamari kuri iyo hoteli. Naho bari batunze, nta munezero bari bafise. Na jewe naratanguye gutakaza umunezero. Uko naronka amahera menshi, ni ko narushiriza kugira amaganya no kurara ntasinziriye. Naciye ntangura kwumva umenga nopfuma mpfa. Narumvise ubuzima bundambiye, nca nsenga Imana ndayibaza aho nokura umunezero nyakuri.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

 Nko muri ico kiringo nyene, bashikanje babiri bari barabaye Ivyabona vya Yehova barimukiye i Las Vegas. Naho nanse ibitabu vyabo, narabemereye gusoma Bibiliya yanje bwite ndi kumwe na bo. Muri Bibiliya yanje, amajambo Yezu yavuze yari yanditse n’ibara ritukura. Rero kubera ko nemera ibintu vyose Yezu yavuze, ni vyo bashikanje baca bashimikako. N’igihe naba ndi jenyene narasoma Bibiliya.

 Ibintu vyinshi nasoma vyarantangaza. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Mu gusenga, ntimupfe gusubiramwo ibintu ata co bivuze nk’uko abapagani bagira, kuko bibaza ko bazokwumvirwa kubera amajambo yabo menshi.” (Matayo 6:7, The New American Bible) Ariko hari umupatiri yari yarampaye ifoto ya Yezu, aca ambwira ko ninayisenga, nkaza ndasubiramwo igisabisho ca Dawe wa twese n’ica Mwaramutse Mariya incuro cumicumi, Imana yompaye amahera yose nipfuza. None ukwo ntikwari ugupfa gusubiramwo ibintu ata co bivuze? Narasomye kandi ahantu Yezu yavuze ati: “Ntihagire umuntu n’umwe wo kw’isi mwita dawe; kuko So wanyu ari umwe, uwo mw’ijuru.” (Matayo 23:9, NAB) Naciye nzirikana nti: ‘Kubera iki twebwe Abagatolika duha abapatiri amazina y’icubahiro?’

 Igihe nasoma igitabu co muri Bibiliya ca Yakobo, ni ho natangura kuzirikana nitonze ivyo nariko nshira imbere mu buzima bwanje. Mu kigabane ca 4, Yakobo yanditse ati: “Ntimuzi ko gukunda isi ari ukwankana n’Imana? Uwo wese rero yipfuza kuba umukunzi w’isi, aba yigize umwansi w’Imana.” (Yakobo 4:4, NAB) Umurongo wa 17 wowo warantangaje kuruta. Ugira uti: “Kuko uwuzi gukora neza ariko ntabikore bimubera icaha.” Naciye mpamagara bashikanye ndababwira ko ngomba mpebe gukora kuri ya hoteli kuko yakorerwamwo ibintu ntacemera, nko gukina akamari n’umwina.

“Igihe nasoma igitabu co muri Bibiliya ca Yakobo, ni ho natangura kuzirikana nitonze ivyo nariko nshira imbere mu buzima bwanje”

 Naripfuza kunagura ubucuti nari mfitaniye n’Imana be n’abavyeyi banje n’abo tuvukana. Kugira ndabishikeko, naciye mfata ingingo yo kugabanya ivyo nakora kugira ndonke umwanya wiyongereye. Ariko ivyo ntivyari vyoroshe. Nk’akarorero, kuri iyo hoteli baransaba gukora akazi kotumye umushahara wanje wigwizamwo kabiri canke gatatu. Mugabo maze gusenga ku bw’ico kintu, narafashe ingingo yo gusezerera ubwo buzima. Narahevye ako kazi, nca nja gukorera mu kazu kari kwa mama igikorwa co gutunganya intonde z’imfungurwa zikoreshwa mu marestora.

 Naho Bibiliya yari yaramfashije guhitamwo neza ivyo noshira imbere y’ibindi mu buzima, sinitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Bashikanje barambajije igituma ntakunda Ivyabona. Nabishuye nti: “Ni kubera ko Imana yanyu Yehova itandukanya imiryango. Akaryo keza ndonka ko kwifatanya n’umuryango ni kuri Noweli no ku misi mikuru y’ivuka, none namwe iyo misi mikuru ntimuyihimbaza.” Umwe muri bo yaciye atangura kurira, aca ambaza ati: “None mu yindi misi isigaye uba uri hehe? Twipfuza kwamana nawe. Ariko wewe ushaka kuza kuri iyo misi mikuru gusa, naho nyene utabikuye ku mutima.” Ayo majambo yarankoze ku mutima cane, nanje nca ntangura kurira.

 Ico gihe ni ho natahura ko ivyo niyumvira bitari vyo, ahubwo ko Ivyabona vya Yehova bakunda imiryango yabo. Naciye mfata ingingo yo kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami yari mu karere iwacu. Naramenyanye n’uwitwa Kevin, akaba yari umwigisha wa Bibiliya abishoboye. Naratanguye kwiga Bibiliya na we.

 Kevin n’umukenyezi wiwe bari babayeho mu buzima bubayabaye kugira ngo baronke umwanya uhagije wo gufasha abandi gutahura Bibiliya. Barashoboye kuziganya uduhera dukeyi baronka, ivyo bikaba vyarabafashije kuja muri Afrika no muri Amerika yo hagati gufasha kwubaka ibiro vy’amashami y’Ivyabona. Bari bahimbawe kandi barakundana cane. Nibwiye nti: ‘Ubwo ni bo buzima namye nipfuza.’

 Kevin yaranyeretse ividewo yerekana ukuntu igikorwa c’ubumisiyonari gitera umunezero, nca mfata ingingo yo kuzokora ico gikorwa. Mu 1995, maze amezi atandatu niga Bibiliya ntahorereza, narabatijwe ndaba Icabona ca Yehova. Aho gusenga Imana ndayisaba ubutunzi, naciye ntangura kuza ndayisenga nti: “Ntumpe ubworo, ntumpe n’ubutunzi.”​—Imigani 30:8.

IVYIZA NAHAKUYE

 Ubu ndi umutunzi vy’ukuri, atari kubera mfise amahera menshi ahubwo kubera mfitaniye ubucuti bwiza n’Imana kandi nkaba mpimbawe. Igihe nari muri Honduras, naramenyanye n’uwitwa Nuria, tukaba twahavuye twubakana. Twarakoranye igikorwa c’ubumisiyonari muri Panama no muri Megizike. Ese ukuntu ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri, ngo: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.”​—Imigani 10:22.