Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Agashimwe karuta ubundi bwose naronse

Agashimwe karuta ubundi bwose naronse
  • YAVUTSE MU 1967

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: FINLANDE

  • KAHISE: UMUKINYI RURANGIRANWA WA TENISI

KAHISE KANJE

 Nakuriye ku mpera y’igisagara ca Tampere muri Finlande, hakaba ari ahantu hatekanye kandi hari ivyatsi bitotahaye. Umuryango wacu ntiwakunda cane ivyo gusenga, ariko waraha agaciro kuja kw’ishure no kugira inyifato nziza. Kubera yuko mawe ava mu Budagi, nkiri umwana rimwe na rimwe naraja gutembera mu Budagi bwo mu burengero, akaba ari ho abavyeyi ba mawe baba.

 Nakuze nkunda siporo. Nkiri umwana, naraja mu masiporo nka yose, ariko ndi mu gushikana imyaka 14, nahisemwo gukurikirana urukino rwa tenisi. Nshikanye imyaka 16, nimenyereza kabiri canke gatatu ku musi. Nimenyereza kabiri ndi kumwe n’umumenyereza, ku mugoroba na ho ngaca nimenyereza ndi jenyene. Narakunda imice itandukanye y’urwo rukino. Urukino rwa tenisi rwaramfasha kwinonora no gukoresha ubwenge. Narakunda kwifatanya n’abagenzi kandi rimwe na rimwe ngafata agacupa, ariko sinigeze nja mu vyo kunywa ibiyayuramutwe canke inzoga zirenze. Ubuzima bwanje bwari bushingiye ku gukina tenisi.

 Nshikanye imyaka 17, naratanguye kuja mu mahiganwa ategurwa n’ishirahamwe ry’abakinyi bakanongoreye. a Naratsinze amahiganwa menshi, bituma mba rurangiranwa muri Finlande. Mfise imyaka 22, nari mu bakinyi 50 ba mbere kw’isi.

 Naramaze imyaka ngira ingendo mu bihugu bitandukanye ngiye mu mahiganwa ya tenisi. Narabonye ibibanza bimwebimwe biteye igomwe, ariko narabonye n’ingorane nyinshi zihanze abantu, nk’ubwicanyi, kunywa ibiyayuramutwe hamwe n’ukwonona ibidukikije. Nk’akarorero, igihe kimwe turi muri Amerika, hari ibibanza vyo mu bisagara bimwebimwe batubujije kujamwo kubera ko vyarimwo ubwicanyi bwinshi. Ivyo vyose vyarantesha umutwe. Bisubiye, naho nariko nkora ikintu nkunda, umusi urangiye numva ata munezero mfise.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

 Umukobwa twakundana yitwa Sanna yari yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Vyarantwengeje kumubona yitaho ivy’Imana, ariko sinamurwanije. Mu 1990 twaragize ubugeni, mu mwaka ukurikira na ho aca arabatizwa. Ku ruhande rwanje, sinovuga ko nari umuntu akunda gusenga, ariko naremera ko Imana ibaho. Ndibuka ko nyokuru avyara mama yakunda gusoma Bibiliya, kandi yari yaranyigishije no gusenga.

 Umusi umwe, twe na Sanna twaragiye kuramutsa Kari n’umugore wiwe, bakaba bari Ivyabona. Kari yaranyeretse ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyo vyarankoze ku mutima, kuko vyatumye menya igituma ibintu bimeze nabi cane mw’isi. Uwo musi nta vyinshi twaganiriye ku bijanye n’idini. Ariko kuva ico gihe, naratanguye kuza ndayaga na Kari ivyerekeye Bibiliya, kandi ivyo niga vyose vyarumvikana. Kubera yuko nari mfise ibintu vyinshi nkora kandi nkama ndi mu ngendo, ntivyoroha ko twama tubonana na Kari, ariko ntiyigeze atana n’akabando. Ibibazo naba namubajije turiko turiga yaca avyishura akoresheje amakete. Bibiliya yarandonkeje inyishu zitomoye z’ibibazo vyose bihambaye vyerekeye ubuzima, kandi buhorobuhoro naratanguye gutahura iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya, na co kikaba ari uko Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi wayo. Kumenya ko Imana yitwa Yehova no gutahura ivyo yadukoreye, vyarankoze ku mutima cane. (Zaburi 83:18) Icankoze ku mutima kuruta ibindi, ni ukuba yaratanze incungu. Si ikintu yakoze kugira gusa aheze umwuga canke kugira gusa yubahirize amategeko, ahubwo yabitumwe n’urukundo. (Yohani 3:16) Naramenye kandi ko nshobora kuba umugenzi w’Imana kandi nkazokwibera mw’iparadizo irangwamwo amahoro. (Yakobo 4:8) Naciye ntangura kwibaza nti: “Nokwereka Imana gute ko ndayishimira?”

 Narazirikanye cane ku kuntu nari mbayeho. Ivyo nariko ndiga muri Bibiliya vyaranyeretse ko agahimbare nyakuri kava ku gutanga. Naciye ngira icipfuzo co kubwira abandi ivyo nari nsigaye nemera. (Ivyakozwe 20:35) Kubera yuko gukina tenisi nari nabigize umwuga, naramara amezi arenga atandatu mu mwaka ndi mu mahiganwa. Urukino rwa tenisi, imyimenyerezo n’ibindi bijanye n’urwo rukino ni vyo nashira imbere y’umuryango wanje. Narabonye ko nategerezwa guhindura ibintu.

 Nari nzi ko guheba umwuga urimwo amahera menshi kubera imvo z’idini ari ingingo benshi batotahuye. Ariko akaryo ko kumenya Yehova neza no kuzobaho ibihe bidahera kararuta kure n’iyo agashimwe ako ari ko kose noronse mu gukina tenisi. Ntivyangoye rero guhitamwo ico nokora. Nari niyemeje kudashira umutima ku vyo abantu bari kuvuga kuko gufata iyo ngingo bwari uburenganzira bwanje. Icanditswe co muri Zaburi 118:6 caramfashije cane. Kivuga giti: “Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya. Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki?”

 Muri ico gihe nyene, hari amashirahamwe yansavye ko twogiranira amasezerano yotumye mara imyaka myinshi nkina mu mahiganwa akomeye kandi ngahembwa amahera menshi. Ariko rero, nari namaze gufata ingingo. Naciye ndabankira kandi nahavuye mpagarika kuja mu mahiganwa ategurwa na rya shirahamwe ry’abakinyi bakanongoreye. Narabandanije kwiga Bibiliya, maze mbatizwa itariki 2 Mukakaro 1994.

IVYIZA NAHAKUYE

 Sinovuga ko hari ingorane zikomeye zatumye ntangura kurondera Imana, kandi sinovuga ko nariko ndarondera kumenya ukuri. Nabona ko ubuzima bwanje bwari bumeze neza kandi ko ata birenze ivyo nari nkeneye. Rero, ni nk’aho ukuri ari kwo kwari kundindiriye. Naramenye neza intumbero y’ubuzima kandi naragize ubuzima bwiza kuruta uko navyibaza. Ubu umuryango wacu urunze ubumwe ku rugero tutari bwigere dushikako. Ndahimbawe kandi kubona abahungu bacu batatu baranyiganye, bakaba abakirisu aho kuba abakinyi rurangiranwa.

 Ndacakunda gukina tenisi. Maze imyaka nisumamwo mu gukora ubuzi bujanye n’ivya tenisi, nko kuba umumenyereza canke umuyobozi w’ikigo c’ivya tenisi. Ariko ubuzima bwanje ntibugishingiye kuri siporo. Kera namara amasaha menshi ku ndwi ndiko ndimenyereza kugira mbe umukinyi w’igihangange. Ariko ubu, umwanya munini ndawumara ndiko ndamamaza inkuru nziza kandi ndahimbarwa no gufasha abandi kwiga no gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya zamfashije guhindura ubuzima. Gushira imbere ubucuti mfitaniye na Yehova no kubwira abandi icizigiro ciza cane ca kazoza, bituma ngira umunezero mwinshi.​—1 Timoteyo 6:19.

a Iryo shirahamwe ryitwa ATP, rikaba rihagarikiye amahiganwa y’abakinyi b’abahungu bakanongoreye muri tenisi. Abatsinda ayo mahiganwa bararonka amanota bagahabwa n’agashimwe k’amahera. Amanota umukinyi aronka ni yo yisungwa mu kumenya ikibanza arimwo ku rwego rwo kw’isi yose.