Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Niyumvira ivyanje gusa

Niyumvira ivyanje gusa
  • YAVUTSE MU 1951

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUDAGI

  • IVYO YACIYEMWO: YARIYEMERA, AGASHAKA KWIGENGA

KAHISE KANJE:

Nkiri umwana, umuryango wacu waba hafi y’igisagara ca Leipzig mu Budagi bwo mu Buseruko, hakaba hatari kure y’umupaka Ubudagi buhana na République tchèque be na Polonye. Mfise imyaka itandatu, dawe yararonse akazi katumye tuja kuba mu mahanga. Ubwa mbere twagiye kuba muri Brezile, hanyuma tuja muri Équateur.

Mfise imyaka 14, bandungitse kwiga mw’ishure ry’indaro mu Budagi. Kubera ko abavyeyi banje baba kure cane muri Amerika y’Epfo, vyabaye ngombwa ko nibako. Ivyo vyatumye mbaho nigenga. Nari umuntu atitaho ukuntu abandi bambona.

Mfise imyaka 17, abavyeyi banje baragarutse mu Budagi. Mu ntango, twarabanye. Ariko vyaranse ko mbana na bo kuko nari maze kumenyera kubaho nigenga. Maze gushikana imyaka 18, naciye nja kwibana.

Nararushirije kubura ico mfata n’ico ndeka mu buzima kuko ntabona intumbero nobuha. Maze kwitegereza uburyo butandukanye abantu babayeho n’imihari itandukanye, naciye mbona yuko ata kindi nokoresha ubuzima bwanje atari kugira ingendo zo kuraba ubwiza bw’isi yacu imbere y’uko abantu bayihonya.

Naravuye mu Budagi, nja muri Afrika kw’ipikipiki nari naguze. Ariko hadaciye igihe, vyarabaye ngombwa ko ngaruka i Buraya gukoresha ipikipiki yanje. Mu misi mike, nari ngeze ku nkengera y’ibahari muri Portigale. Naciye niyumvira kuza ndakoresha ubwato mu kugira ingendo aho gukoresha iyo pikipiki yanje.

Naciye nifatanya n’umugwi w’abakiri bato bariko bitegurira kujabuka Ibahari Atlantike. Umwe muri bo yitwa Laurie, akaba yahavuye aba umukenyezi wanje. Twatanguye kuja mu mazinga ya Karayibe, tumara igihe gito i Porto Rico, maze dusubira i Buraya. Jewe na Laurie twari twizigiye ko tworonse ubwato twohindura bukaba ubwo kubamwo. Tumaze amezi atatu gusa turondera ubwo bwato, narahamagawe mu gisoda c’Ubudagi, umugambi wacu uba urahagaze ata wari avyiteze.

Naramaze umwaka n’amezi atatu ndi mu gisoda c’Ubudagi kirwanira mu mazi. Muri ico gihe, jewe na Laurie twarubakanye maze twitegurira kubandanya za ngendo zacu. Gatoyi  imbere y’uko nja mu gisoda, twari twaraguze ubwato butagira ivya ngombwa bimwebimwe. Igihe nari mu gisoda, buhorobuhoro twagiye turabushiramwo ivyari bikenewe, tubuhinduramwo ubwato bwo kugiramwo ingendo. Twipfuza kububamwo no kubandanya kugira izo ngendo zo kuraba ubwiza bw’isi yacu. Narangije ikiringo nari narahawe mu gisoda tutaraheza gutunganya neza ubwo bwato. Ni ho rero Ivyabona vya Yehova batugendera maze dutangura kwiga Bibiliya.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu ntango, sinabona ko hari vyinshi nkeneye guhindura mu buzima bwanje. Twari tubanye n’umugore wanje w’impeta, kandi nari narahevye itabi. (Abanyefeso 5:5) Nayo ku bijanye n’imigambi twari dufise yo kugira ingendo, nabona yuko kumara ubuzima bwacu twitegereza ibitangaza vy’irema ari ikintu ciza.

Ariko rero mvugishije ukuri, nari nkeneye kugira amahinduka, na canecane muri kamere kanje. Kubera ko nari umuntu yishima kandi yiyemera, niyumvira gusa ubuhanga mfise n’ivyo nari maze gushikako. Niyumvira ivyanje gusa.

Umusi umwe narasomye ya Nsiguro rurangiranwa Yezu yashikiriza ari ku Musozi. (Matayo, ikigabane 5-7) Ngisoma iyo nkuru, sinatahuye agahimbare Yezu yashaka kuvuga ako ari ko. Nk’akarorero, yavuze ko abashonje n’abanyotewe ari bo bahiriwe. (Matayo 5:6) Sinatahura ukuntu umuntu atagira ico yiha yogira agahimbare. Uko nabandanya niga Bibiliya, nahavuye ntahura ko twese dukeneye kumenya ivy’Imana. Ariko ntidushobora kubimenya tutabanje kwicisha bugufi ngo twemere ko tubikeneye. Nk’uko Yezu yabivuze, “hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.”Matayo 5:3.

Jewe na Laurie tumaze gutangura kwiga Bibiliya mu Budagi, twarimukiye mu Bufaransa, mu nyuma tuja mu Butaliyano. Ahantu hose twagiye, twahasanze Ivyabona vya Yehova. Narakozwe ku mutima cane n’ukuntu bakundana vy’ukuri n’ubumwe bafitaniye. Emwe, narabonye ko Ivyabona vya Yehova bagize umuryango ukwiye kw’isi yose. (Yohani 13:34, 35) Jewe na Laurie twahavuye tubatizwa, tuba Ivyabona vya Yehova.

Maze kubatizwa, narabandanije guhinduka muri kamere kanje. Jewe na Laurie twari twarafashe ingingo yo guca ku nkengera ya Afrika turi mu bwato, tukajabuka Ibahari Atlantike tuja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Turi twenyene muri ubwo bwato bukikujwe n’ico kibahari amahero, ni ho natahura ko ata co maze nigereranije n’Umuremyi wacu mwiza utoraba. Kubera ko namara umwanya mwinshi ata co ndiko ndakora, naciye nza ndawukoresha mu gusoma Bibiliya. Narakozwe cane ku mutima n’inkuru zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu igihe yari ng’aha kw’isi. Yari umuntu atunganye kandi afise ubushobozi budasanzwe, yamara ntiyigeze ashira imbere ivyiwe. Ntiyiyumvira ivyiwe, ahubwo yiyumvira ivya Se wiwe wo mw’ijuru.

Narabonye yuko nari nkwiye gushira ivy’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje

Kuzirikana ku karorero ka Yezu vyatumye mbona yuko nari nkwiye gushira ivy’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje, aho gushira imbere ivyo nashaka gushikako. (Matayo 6:33) Igihe rero jewe na Laurie twashika muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, twafashe ingingo yo kubayo tukitwararika cane ivy’Imana.

IVYIZA NAHAKUYE:

Kera nari umuntu yiyemera ariko mu mutima ngakekeranya ku ngingo nafata. Ariko ubu nararonse isôko ryo kwizigirwa rimfasha gufata ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi. (Yesaya 48:17, 18) Vyongeye, ubuzima bwanje busigaye bufise intumbero kuko ndabukoresha mu gusenga Imana no mu gufasha abandi kumenya ibijanye na yo.

Gukurikiza ivyo Bibiliya ivuga vyarakomeje cane umubano wacu. Twararonse n’umwana w’umukobwa mwiza. Ubu arazi Yehova kandi aramukunda.

Sinovuga ko ata ngorane twigera tugira mu buzima. Ariko twiyemeje kubandanya gukorera Yehova no kumwizigira, kandi azodufasha.Imigani 3:5, 6.