Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Bashaka ko nitohoreza ukuri”

“Bashaka ko nitohoreza ukuri”
  • YAVUTSE MU 1982

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

  • IVYO YACIYEMWO: YAKURIYE MW’IDINI RY’ABAMORUMONE

KAHISE KANJE:

Navukiye i Saint-Domingue muri République dominicaine, nkaba ndi umuhererezi mu bana bane. Abavyeyi banje bari abantu bize kandi bipfuza kurerera abana babo mu bantu bameze neza. Hagisigaye imyaka ine ngo mvuke, abavyeyi banje barahuye n’abamisiyonari b’abamorumone. Kubera ko abavyeyi banje bashimye cane ukuntu imisore y’abamorumone yitunganya neza ikagira n’urupfasoni, baciye bafata ingingo y’uko umuryango wacu woba mu miryango ya mbere yo muri ico gihugu yinjira mw’idini rya Yezu Kristu ry’aberanda bo mu misi ya nyuma, ari bo bamorumone.

Uko nakura, narahimbarwa n’ibintu vyo kwinezereza vyategurwa n’idini ryacu, ngashima n’ukuntu rishimika ku buzima bwo mu muryango be n’inyifato runtu. Narishimira kuba ndi umumorumone kandi nari mfise umugambi wo kuba umumisiyonari.

Mfise imyaka 18, umuryango wacu warimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira nige kuri kaminuza yigisha neza. Haciye nk’umwaka, mamawacu n’umugabo wiwe, bano bakaba bari Ivyabona vya Yehova, baraje kuturamutsa i Floride. Baradutumiye kw’ikoraniro rinini ry’ivya Bibiliya ry’Ivyabona vya Yehova. Naratangajwe no kubona ingene abantu bose twari kumwe bakurikirana muri Bibiliya bakongera bakagira utwo banditse. Naciye rero nsaba ikaramu n’urupapuro, nca ntangura kubigana.

Kubera yuko mamawacu n’umugabo wiwe babona ko nari mfise icipfuzo co kuba umumisiyonari, iryo koraniro rirangiye baciye bambwira yuko bari kumfasha kumenya ivyerekeye Bibiliya. Narashimye ico ciyumviro kubera yuko ico gihe nari nzi cane Igitabu c’abamorumone kurusha uko nari nzi Bibiliya.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Uko twaganira ivya Bibiliya na mamawacu n’umugabo wiwe kuri telefone, baguma bandemesha kugereranya ivyo nemera n’ivyo Bibiliya yigisha. Bashaka ko nitohoreza ukuri.

Hari inyigisho nyinshi z’abamorumone nemera, ariko sinari nzi neza ico Bibiliya izivugako. Uwo mamawacu yarandungikiye ikinyamakuru Be maso! co ku wa 8 Munyonyo 1995 casohowe n’Ivyabona vya Yehova, kikaba cari kirimwo ibiganiro bivuga ivyo abamorumone bemera. Naratangaye nsanze hari inyigisho nyinshi z’abamorumone ntari nzi. Ivyo vyatumye ngira ubushakashatsi ku muhora wo kuri Internet w’abamorumone kugira ngo nsuzume yuko ico kinyamakuru cavuga ukuri. Nasanze cavuze ukuri, kandi nararushirije guhera amazinda igihe nagendera ubushinguro bw’utwa kera bw’abamorumone bw’i Utah.

Nahora niyumvira yuko Igitabu c’abamorumone na Bibiliya vyunganirana. Ariko igihe natangura gusoma Bibiliya n’ubwira, narabonye ubudasa hagati y’inyigisho z’abamorumone n’ibivugwa muri Bibiliya.

Uretse amahinyu nabona mu nyigisho z’abamorumone, naravurugwa ubwenge n’ivyiyumviro vyo kwiratira igihugu bigisha. Nk’akarorero, abamorumone bigishwa yuko itongo ry’i Edeni ryari mu ntara ya Jackson, muri Leta ya Missouri, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abakuru b’iryo dini bavuga yuko “Ubwami bw’Imana nibwaganza, ibendera rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika rizohungabana ryihayagiza kandi rityoroye, rimanitse ku giti c’umwidegemvyo n’uburenganzira bungana.”

Naribaza ingene ico gihe bizoca bigendera ibindi bihugu, ushizemwo n’ico navukiyemwo. Umusi umwe ku mugoroba, umusore umwe w’umumorumone yariko aramenyerezwa kuzoba umumisiyonari yaranterefonye, maze turiko turaganira ndamubaza ico yiyumvira kuri ico kibazo. Naramubajije ntomora nimba yorwana n’abamorumone bagenziwe mu gihe igihugu ciwe coba kiriko kirarwana n’igihugu cabo. Naratangaye kwumva avuga ko yorwana! Naciye nsuzuma nitonze inyigisho zo mw’idini narimwo nongera ndaja kubaza abakuru baryo. Bambwiye ko inyishu z’ibibazo vyanje ari ibinyegezwa, yuko bizoteba bigahishurwa umuco umaze kwongerekana.

Ivyo bansiguriye vyaramvunye umutima, nca ntangura kuzirikana nitonze ku binyerekeye no ku gituma nipfuza kuba umumisiyonari w’umumorumone. Naratahuye yuko nashaka kuba umumisiyonari kubera nipfuza gusa gufasha abantu nk’uko nari kubigira ndi mw’ishirahamwe ry’abagiraneza. N’ikindi catuma nshaka kuba umumisiyonari ni uko nipfuza kuba umuntu yubahwa mu kibano. Ariko mu vy’ukuri, nta vyinshi nari nzi ku bijanye n’Imana. Naho nari narigeze kuba nsoma Bibiliya akatari gake, sinayihaye agaciro vy’ukuri. Nta co nari nzi ku vyerekeye umugambi Imana ifitiye isi canke abantu.

IVYIZA NAHAKUYE:

Biciye ku nyigisho ya Bibiliya nagiranye n’Ivyabona vya Yehova, naramenye ibitari bike, nk’akarorero izina ry’Imana, ingene bigenda iyo umuntu apfuye be n’uruhara Yezu afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Nahavuye ntangura kumenyera cane ico gitabu ciza utoraba, nongera ndaryoherwa no kubwira abandi ukuri nariko ndiga. Namye nemera ko Imana ibaho, ariko ico gihe hoho narashobora kuyitura mw’isengesho nk’Umugenzi aruta abandi bose. Nabatijwe ku wa 12 Mukakaro 2004 mba Icabona ca Yehova, inyuma y’amezi atandatu ntangura kuba umwamamaji amara umwanya munini mu gikorwa co kuvuga ubutumwa.

Naramaze imyaka itanu nkorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn, i New York. Narahimbawe cane no kugira ico nterereye mu gucapura amabibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo bifasha abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi, kandi ndacahimbarwa n’ugufasha abandi kwiga ivyerekeye Imana.