Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Bararonse “imaragarita y’agaciro kanini”

Bararonse “imaragarita y’agaciro kanini”

 Yezu yigishije ko Ubwami bw’Imana buzotorera umuti ingorane abantu bafise. (Matayo 6:10) Muri Matayo 13:44-46, yaratanze ibigereranyo bibiri bikurikira kugira yerekane agaciro k’ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana:

  •   Umuntu yariko arakora mw’itongo aca yubura itunga ryanyegejwe.

  •   Umudandaza w’ingenzi yariko ararondera imaragarita nziza hanyuma aca araronka imaragarita y’agaciro kanini.

 Bompi baragurishije ivyo bari bafise vyose kugira baronke ubutunzi bari bubuye. Uko ari babiri bagereranya abantu baha agaciro cane Ubwami ku buryo bagira ivyo bahevye kugira bironkere imihezagiro yabwo. (Luka 18:29, 30) Muri iyi videwo, raba inkuru z’abantu babiri bameze nk’abantu bavugwa mu kigereranyo Yezu yatanze.