Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Sinashaka gupfa!

Sinashaka gupfa!
  • YAVUTSE MU 1964

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBWONGEREZA

  • KAHISE: UMUYABAGA YASARAGURIKA, ACA AVYARA ATARUBAKA

KAHISE KANJE

Navukiye i Londres mu Bwongereza, mu karere kitwa Paddington kabamwo abantu benshi. Twabana na mawe na bakuru banje batatu b’abakobwa. Kubera ko dawe yari imborerwa, yaza araduta akongera akagaruka.

Nkiri umwana, mawe yaranyigishije kuza ndasenga buri mugoroba. Nari mfise akabibiliya gatoya k’amazaburi gusa, kandi narayatunganijemwo indirimbo kugira ngo nze ndaziririmba. Hari iryungane nigeze gusoma mu gitabu kimwe kitavuga ivy’Imana, rikaba ryarangumye mu bwenge. Ryagira riti: “Umusi umwe, uzosinzira ntuvyuke.” Ayo majambo yaratumye ndara ntagohetse, niyumvira ibijanye na kazoza. Nibwiye nti: ‘Uko biri kwose, ubuzima si ubu gusa. Kubera iki none ndiho?’ Emwe, sinashaka gupfa!

Naciye ntangura kuja mu bintazi. Naragerageza kuvugana n’abapfuye, nkaja ku mva ndi kumwe n’abana twigana, tukaraba n’amasinema ateye ubwoba cane. Naho yari ateye ubwoba, twabona ko aryoshe.

Natanguye gusaragurika mfise imyaka cumi gusa. Natanguye kunywa itabi, bidatevye ndaba umuja waryo. Mu nyuma, nahavuye nshika ku ntambwe yo kunywa urumogi rwitwa marijuwana. Ku myaka 11, naciye ntangura kunywa inzoga. Naho zitandyohera, naryoherwa no kwumva gusa ko naborewe. Narakunda kandi umuziki be no gutamba. Igihe cose bishoboka, naraja mu biteramo, ushizemwo n’ivy’ijoro. Nasohoka mw’ijoro ata wumbona, maze ngataha mu bucagucagu. Kubera ko mu gitondo naba ndushe, akenshi sinaja kw’ishure. Ngiyeyo naho, narakunda kunywa inzoga mu masaha y’ivyigwa.

Umwaka wa nyuma nize, naronse amanota mabi cane. Mawe vyaramubabaje vyongera biramuca intege, narirya atari azi neza ko nari maze kurenga ihaniro. Twarashwanye, nca ndiyomokera. Naciye mara igihe nibanira n’umuhungu twakundana yitwa Tony, akaba yari umurasta. Yariba, akadandaza ibiyayuramutwe kandi yari azwi ko ari umuntu yitwaza igikenye. Bidatevye naratwaye inda, maze nibaruka umuhungu mfise imyaka 16 gusa.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Nabonanye n’Ivyabona vya Yehova ari ryo rya mbere igihe naba mu kigo cari kigenewe abakobwa bavyaye batarubaka, be n’abana babo. Abategetsi ni bo bari barampaye icumba nabamwo. Hari abagore babiri b’Ivyabona vya Yehova bakunda kugendera abakobwa bamwebamwe twabana. Umusi umwe, nanje naragiye kwumviriza, mfise intumbero yo kubeshuza ivyo Vyabona. Ariko ibibazo vyose nababajije, barabinyishuye neza bakoresheje Bibiliya kandi batekanye. Bari abantu bameze neza kandi bitonda, ivyo bikaba vyarankoze ku mutima cane. Naciye rero nemera ko nanje banyigisha Bibiliya.

Bidatevye, hari ikintu nize muri Bibiliya cahinduye ubuzima bwanje. Kuva nkiri muto, naratinya gupfa. Ariko ico gihe, naramenye ivyo Yezu yigishije ku bijanye n’izuka! (Yohani 5:28, 29) Naramenye kandi ko Imana inyitwararika ku giti canje. (1 Petero 5:7) Narakozwe cane ku mutima n’amajambo ari muri Yeremiya 29:11, agira ati: “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’” Naciye ntangura kwemera yuko nshobora kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.Zaburi 37:29.

Ivyabona vya Yehova barangaragarije urukundo nyakuri. Igihe natangura kuja aho basengera, nasanze ari abantu barangwa igishika n’ubwakiranyi. Emwe, bose bari bimereye neza ntiworaba! (Yohani 13:34, 35) Vyari bitandukanye cane n’ukuntu nakiriwe mw’idini rimwe nigeze kuja gusengeramwo. Ivyabona banyakiranye urweze, bataravye ukuntu ivyanje vyari vyifashe. Barampaye umwanya, baranyitwararika bongera baramfasha bimwe biboneka. Numvise umengo ninjiye mu muryango munini kandi ukundana.

Igihe niga Bibiliya, narabonye ko nari nkwiye kugira ivyo mpinduye, nkabaho nisunga ingingo z’Imana zigenga inyifato runtu. Guheba itabi ntivyanyoroheye. Vyongeye, narabonye ko imiziki imwimwe yatuma ndushiriza kwipfuza rwa rumogi marijuwana, nca ndayiheba. Narahagaritse no kuja mu biteramo be no mu butambiro bw’ijoro, kugira ngo nirinde akosho ko kuborerwa. Ikigeretseko, naciye ndondera abandi bagenzi bonshigikiye muri ubwo buzima bushasha nari ninjiyemwo.Imigani 13:20.

Ico gihe, Tony na we nyene yariko ariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Uko bamwishura ibibazo yari afise bakoresheje Bibiliya, ni ko yajijuka yuko ivyo yariko ariga ari ukuri. Yaragize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe: yaritandukanije n’abagenzi yahorana bitwaza igikenye, araheba kwiba no kunywa marijuwana. Kugira ngo twe na Tony turushirize guhimbara Yehova, twarabonye ko dukwiye guheba ivy’ubuhumbu kugira ngo dutume umwana wacu akura atekaniwe. Twaciye twubakana mu 1982.

“Sinkirara ntagohetse nibaza ivya kazoza canke urupfu”

Ndibuka ingene narondeye mu Munara w’Inderetsi no muri Be maso! * ibiganiro vyigana inkuru z’abantu bagize amahinduka nk’ayo nanje nipfuza kugira. Emwe, uburorero bwabo bwarandemesheje cane! Naciye ndonka ingoga zo kubandanya ngira akigoro. Nagumye nsenga Yehova ndamusaba ngo ntampebe. Twe na Tony twahavuye tubatizwa muri Mukakaro 1982, maze tuba Ivyabona vya Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE

Kugiranira ubucuti na Yehova vyararokoye ubuzima bwanje. Vyongeye, twe na Tony twariboneye ingene Yehova yagiye aradushigikira mu bihe bigoye. Twarize kwiheka kuri Yehova muri ivyo bihe, kandi turabona ko atigeze ahengeshanya gushigikira umuryango wacu.Zaburi 55:22.

Narahimbawe no gufasha abana bacu kumenya Yehova. Ubu na ho, ntiworaba ingene mpimbarwa no kubona ingene abana babo na bo nyene bariko bakurira mu kuri.

Sinkirara ntagohetse nibaza ivya kazoza canke urupfu. Twe na Tony tuguma dufise vyinshi dukora buri ndwi, uko tugendera amashengero atandukanye y’Ivyabona vya Yehova kugira ngo tuyaremeshe. Turifatanya na yo mu kwigisha abandi yuko hamwe bokwizera Yezu, na bo nyene bashobora kuzokwiberaho ibihe bidahera.

^ ing. 19 Na vyo nyene bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.