Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twe n’umukenyezi wanje Tabitha, tugiye kuvuga inkuru nziza

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Nabona ko Imana itabaho

Nabona ko Imana itabaho
  • YAVUTSE MU 1974

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUDAGI BW’UBUSERUKO

  • KAHISE: UMUHAKANAMANA

KAHISE KANJE

Navukiye mu kigwati co muri leta ya Saxe, mu cahoze ari Ubudagi bw’Ubuseruko. Muhira iwacu harangwa igishika n’urukundo, kandi abavyeyi banje baranyigishije ingeso nziza. Kubera ko ico gihugu yari leta y’Abakomunisita, abenshi muri Saxe babona ko idini ata co rimaze. Na jewe nabona ko Imana itabaho. Imbere y’uko nshikana imyaka 18, hari inyigisho zibiri zangizeko akosho gakomeye: iy’uko Imana itabaho be n’iy’Abakomunisita.

Ni kubera iki ivy’Abakomunisita vyandyohera? Narakunda iciyumviro c’uko abantu bose bangana. Vyongeye, nabona ko amatongo yose yari akwiye kugaburwa neza, kuko vyotumye hadasubira kuba abatunze cane n’abakenye cane. Naciye rero ninjira mu muhari w’urwaruka rw’Abakomunisita. Mfise imyaka 14, narakoze cane mu gukingira ibidukikije, nkaza ndahingura ibintu mu bisigarira vy’impapuro. Abo mu gisagara cacu ca Aue barakengurutse cane igikorwa canje, maze abagitwara barampa agashimwe k’iteka. Naho nari nkiri muto, naramenyanye n’abanyapolitike bakomakomeye bo mu Budagi bw’Ubuseruko. Nabona ko imbere ari heza.

Bukwi na bukwi, vyose vyarahindutse. Mu 1989, ca gihome c’i Berlin be n’Umuhari w’Abakomunisita wo mu Buraya bwo mu Buseruko, vyaratemvye. Ngo amabi ntasiga ayandi. Bidatevye, narabonye ukuntu akarenganyo kari karabaye ndanse mu Budagi bw’Ubuseruko. Nk’akarorero, abatashigikira ivyiyumviro vy’Abakomunisita bafatwa ko ari abo hasi. Nibajije nti: ‘Ivyo birabaho? None twebwe Abakomunisita ntituvuga ko abantu bose bangana? Bwa bundi ni uruhendo?’ Numvise ndengewe n’amaganya.

Naciye mpindura, nigira mu vy’umuziki no gucapa. Naragiye kw’ishure ryigisha umuziki, nkaba nashaka no kuzoja kubiminuza. Nabona mu bwenge umwuga wo kuririmba no gucapa gusa. Ikibabaje, naciye mpeba indero runtu nari nararonse nkiri umwana. Ico nari nsigaye mbona ko gihambaye kwari ukwiryohera gusa, harimwo no gukundana n’abakobwa benshi icarimwe. Ariko rero uwo muziki, ukwo gucapa be no kubaho uko nishakiye ntivyatumye ndeka kurengerwa n’amaganya. Mbere n’ibicapo nashushanya wasanga biserura ubwoba. Naribaza nti: ‘Kazoza katubikiye iki? Kubera iki turiho?’

Igihe nahava nkaronka inyishu z’ibibazo nari mfise, naratangaye cane. Hari ku mugoroba kuri rya shure ry’umuziki, nkaba nari kumwe n’abanyeshure bariko baraharira ku vya kazoza. Umwe muri bo yari umukobwa yitwa Mandy, * akaba yari Icabona ca Yehova. Uwo musi, Mandy yaranzimuruye pe! Yambwiye ati: “Andreas, nimba ukeneye inyishu ku vyerekeye ubuzima be na kazoza, urasuzuma Bibiliya witonze.”

Naho atanjijuye, naciye nipfuza kurondera inyishu z’ibibazo vyanje muri Bibiliya. Mandy yandungitse muri Daniyeli ikigabane ca 2, kandi ivyo nahasomye vyarantangaje cane. Ubwo buhanuzi burimwo urukurikirane rw’inganji nganzasi zohinduye ibintu vyinshi gushika no muri iki gihe. Mandy yaranyeretse n’ubundi buhanuzi bwerekeye kazoza. Emwe, nari ngiye naronka inyishu z’ibibazo vyanje! Ariko naribaza nti: “None ni nde yanditse ubwo buhanuzi? Mbega hoho uwo muntu ni nde yashoboye kuvuga ivya kazoza ata kwihenda? Ubwo ntiwosanga bwa bundi Imana ibaho?”

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Mandy yarampuje na Horst be n’umukenyezi wiwe Angelika, bakaba ari Ivyabona vya Yehova bamfashije gutahura neza Bibiliya. Sinatevye kubona ko Ivyabona vya Yehova ari ryo dini ryonyene riguma rikoresha kandi rikamenyekanisha izina ry’uruharo ry’Imana ari ryo Yehova. (Zaburi 83:18; Matayo 6:9) Narize yuko Yehova Imana asezeranira abantu ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo. Muri Zaburi 37:9 hagira hati: “Abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi.” Narahimbawe no kwumva ko ivyo bishoboka ku bantu bose bisunga ingingo ngenderwako z’Imana dusanga muri Bibiliya.

Ariko rero, ntivyanyoroheye guhindura ingeso kugira mbeho nisunga Bibiliya. Kuba icamamare mu vy’umuziki no gucapa vyatumye mba umunyabwibone. Nari nkeneye rero kubanza kwiga kwicisha bugufi. Vyongeye, vyarambereye urugamba guheba ingeso y’ubuhumbu. Ese ukuntu nkengurukira Yehova kubona yihanganira abihatira gushira mu ngiro ivyo Bibiliya yigisha, akabababarira kandi akabatahura!

Naho ivyiyumviro vy’Abakomunisita n’abahakanamana vyangizeko akosho gushika ku myaka 18, Bibiliya yoyo yahinduye ubuzima bwanje gushika n’ubu. Ivyo nize vyaratumye ntasubira kwiganyira ku vya kazoza, bituma n’ubuzima bwanje bugira intumbero. Mu 1993, narabatijwe mba Icabona ca Yehova. Mu 2000 narubakanye na Tabitha, Icabona mugenzanje w’umwete. Turamara umwanya munini ushoboka dufasha abandi kumenya ibiri muri Bibiliya. Benshi mu bo duhura bameze nk’uko nahoze meze: Bisunga ivy’Abakomunisita n’abahakanamana. Ndahimbarwa cane iyo ndaberetse ingene bomenya Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE

Igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, abavyeyi banje baragize ubwoba. Yamara rero, kuva ico gihe bagumye baza ngo barabe ico kwifatanya n’Ivyabona bimarira. Ikinshimisha ni uko ubu basoma Bibiliya kandi bakitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova.

Twe na Tabitha twibaniye neza kubera ko tugerageza kwisunga impanuro zo muri Bibiliya zigenga ababiranye. Nk’akarorero, gukurikiza impanuro yo kudahemukiranira bibandanya gukomeza umubano wacu.​—Abaheburayo 13:4.

Sinkibaho ntekewe n’ubwoba canke amaganya ku bijanye na kazoza. Ubu ndi mu muryango ukwiye kw’isi yose w’abo dusangiye ukwizera, ukaba urangwamwo amahoro n’ubumwe. Muri wo, dufatana cokimwe. Ico ni co kintu namye nipfuza mu buzima bwanje bwose.

^ ing. 12 Si ko asanzwe yitwa.