Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?

Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?

 Abantu barahagaritse umutima kubera ko hariho abariko barahonya iyi si be n’ibiri kuri yo. Abahinga mu bijanye n’ibidukikije bamwebamwe, bavuga ko abantu bariko barakora ibintu bibangamira ibidukikije bishobora gutuma mbere bimwebimwe bihona.

 Abantu boba bazohonya isi? Canke vyoba bizokwigera bishoboka ko babaho batonona ibidukikije?

Abantu boba bazokwigera baroranirwa?

 Abahinga benshi bizigiye ko abantu bashobora gukingira isi kandi bakabaho batonona ibidukikije. Abashakashatsi bamwebamwe bemera ko kugira abantu baroranirwe hari ibintu vyinshi bitegerezwa guhinduka kandi bikabera mu mwanya umwe. Muri ivyo harimwo:

  •   Kuryohora ukuntu abantu bitwararika ubutaka, amashamba, ahantu hateze amazi, hamwe n’amabahari.

  •   Gukoresha uburyo butandukanye bwo kurima hamwe n’amasoko ntanganguvu atandukanye.

  •   Guhindura ingene abantu bafungura, bakagabanya inyama n’amafi, hanyuma bagafungura ahanini ibiterwa, maze bigatuma bagabanya ivyo bafungura n’ivyononekara.

  •   Kwemera ko ubuzima bwiza butava ku kuronka amatungo menshi.

 Uvyibaza ko iki? Twoba twokwitega ko hazogera igihe intwaro, amashirahamwe, n’abantu bazoja hamwe kuruta uko bahora babigira kugira bitwararike ico kibazo? Canke wibaza ko bitoshoboka kubera ko abantu bamwebamwe bagaragaza umwina, bikunda, kandi batitaho ivya kazoza?​—2 Timoteyo 3:1-5.

Igituma twogira icizigiro

 Bibiliya iradukura amazinda ko kazoza k’iyi si ari keza. Bibiliya iratubwira igituma utwigoro tw’abantu tudahagije kugira iyi si ibe nziza, ikongera ikatubwira ibintu bitegerezwa guhinduka. Vyongeye, iratubwira ukuntu ivyo bintu bizohinduka.

 Igituma utwigoro tw’abantu tudahagije kugira isi ibe nziza. Yehova a Imana yararemye isi, aca aha abantu ibanga ryo kuyitwararika. (Itanguriro 1:28; 2:15) Kugira babishobore, vyasaba ko bemera yuko Umuremyi wabo abafasha kandi bakagamburuka ivyo abasaba. (Imigani 20:24) Ariko aho kubigenza gutyo, barateye akagere Yehova, bahitamwo kwigenga. (Umusiguzi 7:29) Abantu ntibashoboye kwitwararika isi badafashijwe n’Imana. Naho bogira utwigoro tumeze gute, ntibashobora guhindura ibintu vyose bikenewe kugira isi imere neza.​—Imigani 21:30; Yeremiya 10:23.

 Ibintu bitegerezwa guhinduka. Imana ifise umugambi wo guhonya abahonya isi. (Ivyahishuwe 11:18) Aho gufasha intwaro z’abantu ziriko zironona isi, izozisubiriza. (Ivyahishuwe 21:1) Ku bw’iyo mvo, Yehova avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”​—Ivyahishuwe 21:5.

 Ukuntu ibintu bizohinduka. Yehova azokuraho intwaro z’abantu azisubirize intwaro yo mw’ijuru yitwa Ubwami bw’Imana. Iyo ntwaro Yezu Kristu azoba ayoboye izoca itwara isi yose.​—Daniyeli 2:44; Matayo 6:10.

 Ubwami bw’Imana buzokwigisha abantu kubaho bakurikiza amategeko y’Imana agororotse. Igihe abantu bazoba bemerwa kuyoborwa n’Umuremyi wabo kandi bagakora ivyo abasaba, bazoshobora kubaho batonona ibidukikije. (Yesaya 11:9) Bibiliya iravuga ukuntu intwaro y’Imana izotuma abatwarwa bayo baronka ubuzima bwiza cane kandi butabangamira isi. Ng’ibi ivyo iyo ntwaro izokora:

 Urashobora kwizigira ko Ubwami bw’Imana bugiye gukora ivyo bintu. Ushaka ayandi makuru, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.