Ja ku birimwo

Iyi si yoba izohonywa?

Iyi si yoba izohonywa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, iyi si tubako ntizokwigera ihonywa, iturirwa canke isubirizwa. Bibiliya yerekana ko Imana yaremye isi kugira ngo abantu bayibeko ibihe bidahera.

  •   “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

  •   “[Imana] yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye; ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.”​—Zaburi 104:5.

  •   “Isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”​—Umusiguzi 1:4.

  •   “Uwabumvye isi akayihingura, We yayishimangiye, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu.”​—Yesaya 45:18.

Abantu boba bazohonya isi?

 Imana ntizoreka ngo abantu bahonye isi buhere bivuye ku gutosekaza ibidukikije, ku ndwano canke ibindi. Ahubwo, “[izo]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) None izobahonya gute?

 Imana izokuraho intwaro z’abantu kuko zananiwe gukingira isi, izisubirize Ubwami bwayo bwo mw’ijuru. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10) Ubwo Bwami buzoba burongowe na Yezu Kristu Umwana w’Imana. (Yesaya 9:6, 7) Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko afise ububasha ku bidukikije. (Mariko 4:35-41) Kubera rero ko ari we Mwami w’Ubwami bw’Imana, azotegeka isi hamwe n’ibidukikije. Azotuma isi isubira kumera neza nka kumwe Edeni yari imeze.​—Matayo 19:28; Luka 23:43.

None Bibiliya ntiyigisha ko isi izoturirwa mu muriro?

 Habe namba. Ukwo gutahura ibintu ukutari kwo akenshi kuva ku kudatahura neza insobanuro ya 2 Petero 3:7, ahavuga hati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro.” Raba ibintu bibiri bihambaye bidufasha gutahura insobanuro y’ayo majambo:

  1.   Bibiliya irakoresha imvugo “amajuru,” “isi,” n’“umuriro” ishaka kuvuga ibintu bitandukanye. Nk’akarorero, mw’Itanguriro 11:1 havuga hati: “Isi yose yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe.” Ng’aho ijambo “isi” ryerekeza ku bantu.

  2.   Imirongo y’imbere ya 2 Petero 3:7 irerekana ico amajuru, isi n’umuriro bivugwa muri uwo murongo bisigura. Ku murongo wa 5 n’uwa 6 harerekana ko ibivugwa ku murongo wa 7 bifitaniye isano na wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa. Ico gihe, isi ya kera yaratikijwe ariko isi butaka yagumyeho. Iyo “si” umwuzure watikije ni abantu babi. (Itanguriro 6:11) Waratikije kandi “amajuru,” ni ukuvuga abatware bategeka abo bantu babi. Uca wumva ko hatikijwe abantu babi, hatatikijwe isi bukata. Nowa n’umuryango wiwe bararokotse kandi babandanije kuba kw’isi inyuma y’umwuzure.​—Itanguriro 8:15-18.

 “Umuriro” uvugwa muri 2 Petero 3:7, ari kwo gutikizwa, uzohonya abantu babi, ntuzohonya isi butaka, nka kurya nyene umwuzure wahoneje abantu babi. Imana idusezeranira “amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13) “Isi nshasha,” ni ukuvuga ikibano c’abantu gishasha, izotegekwa n’“amajuru mashasha,” ni ukuvuga ubutegetsi bushasha, ari bwo Bwami bw’Imana. Igihe ubwo Bwami buzoba buganza, isi izohinduka iparadizo.​—Ivyahishuwe 21:1-4.