Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Abantu boba bazokwonona isi ubutakivayo?

Abantu boba bazokwonona isi ubutakivayo?

“Iyaruka rimwe riragenda, irindi rikaza; ariko isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.”—UMWAMI SALOMO WO MU KINJANA CA 11 IMBERE YA KRISTU *

Uwo mwanditsi wa Bibiliya yabayeho kera yabona ko imyaka umuntu amara ari mike cane uyigereranije n’isi, kuko yo yamaho. Kukaba nkako, haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi amayaruka aza ayandi akagenda, ariko isi yo ikaguma ikomeye, ifise n’ibikenewe kugira ngo ibifise ubuzima bibandanye kuyibako.

Kuva Intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, abantu bamwebamwe bavuga yuko habaye amahinduka akomeye cane kandi yaje mu buryo bwihuta. Mu kiringo c’imyaka nka 70, harabaye amaterambere atangaje mu vyo kwiyunguruza, mu vyo gutumatumanako amakuru no mu bundi buhinga bwa none. Ivyo vyaratumye haba amaterambere atari bwigere aba mu vy’ubutunzi. Benshi bafise ubuzima bwiza batigeze biyumvira ko bopfuye baronse. Muri ico gihe nyene, abantu baba kw’isi barongerekanye hafi incuro zitatu.

Ariko rero, naho habaye ayo materambere yose, isi yoyo yarahaboneye. Bivugwa yuko ivyo abantu bariko bakora biriko bironona ibidukikije ku buryo hazogera igihe isi ntishobore kubako ibinyabuzima. Nkako, abahinga bamwebamwe bavuga yuko twinjiye mu kiringo gishasha, aho abantu baguma barushiriza kwonona umubumbe wacu.

Bibiliya yari yaravuze ko hogeze igihe umuntu ‘agahonya isi.’ (Ivyahishuwe 11:18) Abantu bamwebamwe baribaza nimba twoba tubayeho muri ico gihe. None abantu bazobandanya kuyonona gushika ryari? Boba bazoyonona ubutakivayo?

 ISI YOBA IZOKWONONEKARA UBUTAKIVAYO?

Isi yoba izogera aho yononekara ubutakivayo? Abahinga bamwebamwe bavuga yuko bigoye kumenya ingaruka zizova ku guhindagurika kw’ikirere. Ivyo bituma bagira ubwoba bw’uko twoba turi mu kugera habi, aho ibara ryogwa haramutse habayeho amahinduka y’ikirere bukwi na bukwi.

Iyumvire nk’akarorero ibijanye n’ibibarafu biri mu gice co mu burengero bw’akarere k’amaja kw’isonga ry’epfo ry’umubumbe w’isi. Abantu bamwebamwe babona ko mu gihe ubushuhe bwo mu kirere no mu mabahari bwobandanya kwiyongera, ivyo bibarafu bishobora kuzoyonga ubutakigaruka. Mu bisanzwe, ivyo bibarafu birakevya imishwarara y’izuba. Mugabo uko bigenda bigabanuka, amazi y’ibahari ari munsi yavyo aca ashikirwa n’iyo mishwarara kubera ko adashobora kuyikevya. Kubera ko munsi y’ivyo bibarafu haba hirabura cane, haca hakwega ubushuhe bwinshi, bigatuma ivyo bibarafu birushiriza kuyonga. Ukwo kuyonga kurashobora kubandanya ntikwigere guhagarara. Amazi yo mu mabahari yoca yongerekana, bigakwegera akarambaraye abantu amamiliyoni.

UBUTUNZI BW’UMUBUMBE WACU BURIKO BURAGABANUKA

Abantu baramaze kwiyumvira uburyo butandukanye bw’ukuntu bogarukira isi amazi atararenga inkombe. Bumwe muri ubwo buryo biyumviriye babwise iterambere rirama, ni ukuvuga iterambere mu vy’ubutunzi no mu vy’imibano ritabangamira ibidukikije. None havuyemwo iki?

Ico vyavuyemwo kirababaje. Nka kurya nyene gusesagura amahera vyatumye ibihugu vyo kw’isi bija mu madeni y’umurengera, ni ko n’ugukoresha nabi ubutunzi umubumbe wacu ufise bituma ikigega cabwo kirushiriza kugabanuka. Ubutunzi bw’umubumbe wacu abantu baguma bakoresha, ni bwinshi kuruta ubwo isi ibusubiriza. Hoba hari icokorwa? Umuhinga umwe mu vy’ibidukikije yariyemereye ati: “Novuga ko tutazi ico twokora kugira dukoreshe neza umubumbe wacu.” Ivyo birahuye neza n’ivyo Bibiliya ivuga iti: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”Yeremiya 10:23.

Ariko rero, Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda yuko Umuremyi atazokwigera areka ngo umuntu yonone isi ubutakivayo. Muri Zaburi 115:16 dusoma duti: “Isi [Imana] yayihaye abana b’abantu.”  Vy’ukuri, umubumbe wacu ni “ingabirano nziza” Data wa twese wo mw’ijuru yaduhaye. (Yakobo 1:17) None twoba dukwiye kwitega yuko ingabirano Imana yaduhaye yomara igihe kinaka gusa nk’aho umengo yarayishingiye igihe itorenza? Ihibambewe! Uburyo umubumbe wacu waremwe burerekana ko utaremewe kumara igihe kinaka gusa.

UMUGAMBI UMUREMYI AFITIYE ISI

Igitabu c’Itanguriro co muri Bibiliya kiravuga ido n’ido ukuntu Imana yaremye isi yitonze. Mu ntango, isi “ntiyagira imero kandi yari igiharabuga, kandi ku buringanire bw’inyenga y’amazi hari umwiza.” Ariko ico gitabu kiratomora yuko kw’isi ico gihe hariho “amazi,” na yo akaba ari ngirakamaro kugira ubuzima bushoboke kw’isi. (Itanguriro 1:2) Mu nyuma Imana yavuze iti: “Nihabeho umuco.” (Itanguriro 1:3) Biboneka ko imishwarara y’izuba yaciye mu kirere maze umuco uraboneka kw’isi ari bwo bwa mbere. Iyo nkuru ivuga ko haciye haboneka isi yumutse n’amabahari. (Itanguriro 1:9, 10) Ubukurikira, haciye haboneka “ivyatsi, ibimera vyama imbuto . . . , n’ibiti bitanga ivyamwa.” (Itanguriro 1:12) Ivyo vyatumye haboneka rero ibintu bikenewe kugira ngo ubuzima bushoboke. Muri ivyo harimwo bwa buhinga ibiterwa bikoresha mu guhingura ibifungurwa be na wa mwuka mwiza duhema witwa ogisijeni. None ni kubera iki Imana yaremye ivyo bintu vyose?

Umumenyeshakazoza wa kera Yesaya yavuze ko Imana ari yo ‘yabumvye isi ikayihingura, ikayishimangira, ntiyiremere ubusa gusa, mugabo ikayirema ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Biribonekeza ko umugambi Imana ifise ari uko abantu boba kw’isi ibihe vyose.

Ikibabaje ni uko abantu bakoresheje nabi isi nziza Imana yaduhaye barayonona. Yamara, umugambi Umuremyi afise ntiwahindutse. Umugabo umwe yabayeho kera yavuze ati: “Imana si umuntu ngo ibeshe, canke umwana w’abantu ngo yicuze. Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?” (Guharūra 23:19) Imana ntizoreka ngo abantu babandanye bonona isi. Nkako, igihe c’uko “[i]honya abahonya isi” kiriko kiregereza cane.Ivyahishuwe 11:18.

ISI TUZOKWAMA TUYIBAKO

Muri ya Nsiguro rurangiranwa Yezu Kristu yashikiriza ari ku Musozi, yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5) Muri iyo nsiguro nyene, Yezu yarerekanye uburyo Imana izokoresha  kugira isi ntibandanye kwononekara. Yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yayo, ni bwo buzotuma umugambi Imana ifitiye isi uranguka.Matayo 6:10.

Ku bijanye n’amahinduka adasanzwe Ubwami bw’Imana buzozana, Imana imenyesha iti: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.” (Ivyahishuwe 21:5) Ivyo vyoba bisobanura yuko Imana izorema iyindi isi? Oya. Isi ubwayo nta kabi kayo. Ahubwo, Imana izokuraho “abahonya isi,” ni ukuvuga intwaro zo muri kino gihe be n’ikibano c’abantu batagamburukira Imana. Izo ntwaro n’ico kibano bizosubirirwa n’“ijuru rishasha n’isi nshasha.” Iryo “juru rishasha” ni intwaro nshasha yo mw’ijuru, ari yo Bwami bw’Imana buzotwara “isi nshasha,” ni ukuvuga abantu bagamburukira Imana.Ivyahishuwe 21:1.

Kugira ngo ikinogo abantu basize mu kigega c’ubutunzi umubumbe wacu ufise kihave, Imana izosubiriza ubutunzi abantu basesaguye. Mu kudondora ukuntu Imana izobigenza, umwanditsi w’amazaburi yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba; urayitungisha cane.” Ikirere ntikizoba kigihindagurika. N’igihambaye kuruta ni uko Imana izohezagira isi. Ivyo bizotuma isi ihinduka Iparadizo yimbuka cane.Zaburi 65:9-13.

Umuhisi Mohandas Gandhi, uwari indongozi y’Abahindi mu vy’idini, yavuze ati: “Isi irashoboye guha abantu bose ibintu bakeneye, ariko ntishoboye kubaha ibibamara umwina.” Ivyo vyanditswe n’umwanditsi wiwe yitwa Pyarelal. Ubwami bw’Imana buzotorera umuti ikintu nyamukuru gituma isi igira ingorane mu gutuma abantu bahindura imitima. Wa mumenyeshakazoza Yesaya yari yaravuze yuko igihe Ubwami bw’Imana buzoba butegeka, ata “kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye.” Nta wuzokorera nabi uwundi canke ngo yonone isi. (Yesaya 11:9) Nkako, muri kino gihe, abantu amamiliyoni b’uburyo bwose bariko bariga ibijanye n’ingingo ngenderwako z’Imana zisumba izindi zose. Bariko barigishwa gukunda Imana na bagenzi babo, kuba abantu bakenguruka, bakingira ibidukikije, babungabunga ubutunzi umubumbe wacu ufise kandi babaho bahuza n’umugambi Umuremyi afitiye abantu n’isi. Bariko barategurwa ngo bazobe mw’isi izoba yahindutse Iparadizo.Umusiguzi 12:13; Matayo 22:37-39; Abakolosayi 3:15.

Isi yacu ni nziza cane ku buryo Imana idashobora kureka ngo yononekare ubutakivayo

Inkuru y’irema iri mw’Itanguriro isozerwa n’aya majambo agira ati: “Imana yihweza ikintu cose yari yakoze, isanga [ni] ciza cane.” (Itanguriro 1:31) Vy’ukuri, isi yacu ni nziza cane ku buryo Imana idashobora kureka ngo yononekare ubutakivayo. Biradusubiriza umutima mu nda kumenya yuko kazoza k’umubumbe wacu kari mu minwe y’Umuremyi wacu yuzuye urukundo, Yehova Imana. Asezerana ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Ese woba muri abo “bagororotsi” bazokwibera kw’isi ibihe bidahera!

^ par. 3 Ayo majambo yakuwe muri Bibiliya, mu Musiguzi 1:4.