Ja ku birimwo

Ukwizera be n’ugusenga

Idini

Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?

Bibiliya irerekana ibintu bibiri bidufasha kwishura ico kibazo.

Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?

Hoba hari ico bitwaye umuntu atagiye mw’idini kanaka ahubwo akaza arasengera muhira?

Kubera iki hari amadini menshi y’abakirisu?

Ibi ni vyo Yezu uwatanguje ubukirisu yipfuza?

Womenya gute idini ry’ukuri?

Bibiliya iravuga ibintu 9 biranga idini ry’ukuri.

Antikristu ni nde?

Yoba ariko araza, canke yaramaze kuza?

Kuba mweranda bisobanura iki?

Abantu badatunganye nkatwe boba bashobora kuba beranda?

Isengesho

Nsenze Imana yoba izomfasha?

Imana yoba vy’ukuri yitaho ingorane zacu?

Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

Kugira yishure isengesho ryawe canke ntiryishure, ahanini bivana na wewe.

Ingene twosenga: Igisabisho ca Dawe wa twese coba ari co kibereye?

Igisabisho ca Dawe wa twese ryoba ari ryo sengesho ryonyene Imana yemera?

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Raba igituma ubwiye Imana ibikuraje ishinga itabona ko ari ikintu ata co kivuze.

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Raba ukuntu gusenga mw’izina rya Yezu bitera iteka Imana, n’ukuntu vyerekana ko twubaha Yezu.

Noba nkwiye gusenga aberanda?

Raba uwo Bibiliya ivuga ko dukwiye gusenga.

Kubera iki Imana itishura amasengesho amwamwe?

Raba amasengesho Imana itishura n’abantu Imana itumviriza.

Ubukiriro

Kwizera Yezu, vyoba bihagije kugira tuze turonke agakiza?

Bibiliya iravuga abantu bemera Yezu ariko batazoronka ubukiriro. Ivyo bishoboka gute?

Ubukiriro ni iki?

Inzira ishikana ku bukiriro ni iyihe? Umuntu akizwa iki?

Yezu adukiza gute?

Kubera iki dukeneye ko Yezu adutakambira? Kwizera Yezu vyonyene vyoba bihagije kugira dukizwe?

Kubera iki Yezu yapfuye?

Abantu benshi barazi ko Yezu yapfuye kugira turonke ubuzima. Ariko neza na neza urupfu rwiwe rutumariye iki?

Ibatisimu ni iki?

Amabatisimu menshi yo mu mazi aravugwa muri Bibiliya, ivyo bikaba bidufasha kubona insobanuro y’ibatisimu n’igituma ihambaye.

Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?

Yezu yaratanze ikigereranyo cishura ico kibazo.

Kuvuka ubwa kabiri bisobanura iki?

Woba ubwirizwa kwongera kuvuka kugira ube umukirisu?

Igicumuro n'ukubabarirwa

Igicumuro c’inyanduruko ni igiki?

Adamu na Eva baragararije Imana maze baraga ababakomotseko icaha n’urupfu, nka kurya nyene abavyeyi bashobora kwanduza abana babo indwara kanaka.

Igicumuro ni iki?

Ibicumuro vyoba bingana?

Kubabarira abandi bisobanura iki?

Bibiliya iravuga ibintu bitanu vyogufasha guharira abandi.

Ubwo Imana izombabarira?

Raba ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyo wokora kugira Imana ikubabarire.

Hoba hariho “ibicumuro indwi bikomakomeye”?

Iyo nyigisho yavuye hehe? Igicumuro kizana urupfu gitandukaniye he n’igicumuro kitazana urupfu?

Icaha kidaharirwa ni iki?

Womenya gute ko wakoze icaha kidaharirwa?

Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?

Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryoba ryaraha abantu uburenganzira bwo kwihanira?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga? Kunywa coba ari igicumuro?

Bibiliya iravuga ivyiza bitari bike ku bijanye n’inzoga.

Kunywa itabi coba ari icaha?

Ko ata na hamwe Bibiliya ivuga itabi, twoshobora gute kwishura ico kibazo?

Akamari koba ari igicumuro?

Ko Bibiliya itavuga cane ivy’akamari, twomenya gute ingene Imana ikabona?

Imigenzo y'amadini

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga ikigiracumi?

Urashobora gutangara ubonye ukuntu ivyo Bibiliya ivuga hamwe n’ivyo bamwe biyumvira ko ivuga bitandukanye.

Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?

Niba batabwirizwa kuyubahiriza, ni kubera iki Bibiliya ivuga ko Isabato ari isezerano ry’intahava?

Bibiliya yigisha iki ku bijanye no kuvuga mu zindi ndimi?

Iyo ngabirano y’impwemu nyeranda yoba ari yo iranga abakirisu b’ukuri?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwisonzesha?

Ni ibiki vyatuma abantu bamwebamwe bo mu bihe vya Bibiliya bisonzesha? Abakirisu boba basabwa kwisonzesha?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Imana ishima ugutanga kumeze gute?

Ya Mabwirizwa cumi Imana yatanga ni ayahe?

Yahawe bande? Abakirisu boba basabwa kuyubahiriza?