Ja ku birimwo

“Kwizera Yezu” gusa, vyoba bizotuma umuntu aronka agakiza?

“Kwizera Yezu” gusa, vyoba bizotuma umuntu aronka agakiza?

Ico Bibiliya ibivugako

 Abakirisu bemera ko Yezu yapfuye kubera ibicumuro vy’abantu. (1 Petero 3:18) Ariko rero, kwizera gusa ko Yezu ari Umukiza ntibihagije kugira ngo umuntu azokizwe. Amadayimoni arazi ko Yezu ari “Umwana w’Imana,” ariko yiteze kuzorandurwa, ntiyiteze kuzokizwa.​—Luka 4:41; Yuda 6.

 Wokora iki kugira ngo uzokizwe?

  •   Utegerezwa kwemera ko Yezu yapfuye ku bw’ ibicumuro vyacu. (Ivyakozwe 16:30, 31; 1 Yohani 2:2) Ivyo birimwo kwemera ko Yezu yabayeho koko, be n’uko ivyo Bibiliya ivuga vyose ku bimwerekeye ari ukuri.

  •   Nurondere kumenya ivyo Bibiliya yigisha. (2 Timoteyo 3:15) Bibiliya ivuga ko intumwa Paulo na Silasi babwiye umurinzi w’ibohero bati: “Emera Umukama Yezu urakizwa.” Inyuma y’aho, baciye batangura kumwigisha “ijambo rya Yehova.” a (Ivyakozwe 16:31, 32) Ivyo vyerekana ko uwo murinzi w’ibohero atari kwizera Yezu vy’ukuri atabanje gutahura Ijambo ry’Imana. Yari akeneye ubumenyi nyakuri bushingiye ku Vyanditswe.​—1 Timoteyo 2:3, 4.

  •   Niwigaye. (Ivyakozwe 3:19) Ukwiye kandi kwigaya, canke gutuntuzwa n’ingendo mbi wahozemwo. Abandi bazobona ko wigaye niwaheba ingeso Imana yanka maze ugakora “ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya.”​—Ivyakozwe 26:20.

  •   Nubatizwe. (Matayo 28:19) Yezu yavuze ko abipfuza gucika abigishwa biwe botegerejwe kubatizwa. Wa murinzi w’ibohero twavuga, yarabatijwe. (Ivyakozwe 16:33) N’igihe intumwa Petero yigisha abantu isinzi ukuri kwerekeye Yezu, “abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose [barabatijwe].”​—Ivyakozwe 2:40, 41.

  •   Nugamburuke amabwirizwa ya Yezu. (Abaheburayo 5:9) Abantu bose “[bubahiriza] ibintu vyose” Yezu yabategetse, mu buzima bwabo barerekana ko ari abigishwa biwe. (Matayo 28:20) ‘Barashira mu ngiro rya jambo, aho kuryumva gusa.’​—Yakobo 1:22.

  •   Niwihangane gushika kw’iherezo. (Mariko 13:13) Abigishwa ba Yezu ‘barakeneye kwihangana’ kugira ngo bazokizwe. (Abaheburayo 10:36) Nk’akarorero, intumwa Paulo yarakurikije neza inyigisho za Yezu yongera aguma ari intahemuka ku Mana, kandi yarumiye kuri ubwo buzima kuva atanguye kuba umukirisu gushika apfuye.​—1 Abakorinto 9:27.

 Woba ukwiye kuvuga “igisabisho co kwigaya”?

 Mu madini amwamwe abantu baravuga ibisabisho, nk’ico bita “igisabisho co kwigaya.” Mu bisanzwe, abavuga ico gisabisho baremera ko ari abacumuzi kandi ko Yezu yapfuye ku bw’ibicumuro vyabo. Barasaba kandi Yezu ngo aze mu mitima yabo canke mu buzima bwabo. Ariko rero, nta na hamwe muri Bibiliya dusanga ico gisabisho kandi ntiyigera iremesha abantu kuvuga igisabisho nk’ico.

 Hari abibaza ko iyo umuntu ahejeje kuvuga ico gisabisho co kwigaya, aca aronka agakiza k’ibihe bidahera. Ariko rero, nta wushobora gukizwa ngo ni uko gusa yavuze igisabisho kanaka. Kubera ko turi abanyagasembwa, turabandanya gukora amakosa. (1 Yohani 1:8) Ni co gituma Yezu yigishije abayoboke biwe kwama basenga basaba kubabarirwa ibicumuro. (Luka 11:2, 4) Vyongeye, hari abakirisu bari kuronka agakiza k’ibihe bidahera batakaje ako gateka kuko baguye canke bagaheba Imana.​—Abaheburayo 6:4-6; 2 Petero 2:20, 21.

 “Igisabisho co kwigaya” cakomotse he?

 Abahinga mu vya kahise ntibahuza ku bijanye n’iyo ico gisabisho cakomotse. Hari abavuga ko uwo mugenzo watanguye kwibonekeza igihe abaporotisanti batunganya ivy’idini bushasha. Abandi bemera ko abantu batanguye gutura iryo sengesho igihe amadini yatangura kugwirirana mu kinjana 18 n’ica 19. Uko vyagenze kwose, Bibiliya ntishigikira uwo mugenzo, ahubwo irawiyamiriza.

a Yehova ni izina ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.