Ja ku birimwo

Igicumuro c’inyanduruko ni igiki?

Igicumuro c’inyanduruko ni igiki?

Ico Bibiliya ibivugako

 Adamu na Eva ni bo bantu ba mbere bacumuye. Igihe bagarariza Imana bakarya ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi,” bari bakoze ico benshi bita igicumuro c’inyanduruko . a (Itanguriro 2:16, 17; 3:6; Abaroma 5:19) Adamu na Eva ntibari bemerewe kurya kuri ico giti kubera ko cagereranya ubutegetsi bw’Imana, canke uburenganzira Imana ifise bwo gushingira abantu iciza n’ikibi . Igihe Adamu na Eva barya kuri ico giti, bari bifatiye ibintu mu minwe, bahitamwo kwishingira iciza n’ikibi. Ico gihe, bari bagararije uburenganzira Imana ifise bwo gushinga iciza n’ikibi.

 “Igicumuro c’inyanduruko” cagize ingaruka izihe kuri Adamu na Eva?

 Kubera ko Adamu na Eva bacumuye, barashaje hanyuma barapfa. Barononye ubucuti bari bafitaniye n’Imana maze baratakaza agateka ko kubaho ibihe bidahera bafise ubuzima butagira agasembwa.​—Itanguriro 3:19.

 “Igicumuro c’inyanduruko” kitugirako ingaruka izihe?

 Adamu na Eva bararaze icaha ababakomotseko bose. Vyabaye nka kurya abavyeyi banduza abana babo indwara kanaka. (Abaroma 5:12) Ku bw’ivyo, abantu bose bavukiye “mu gicumuro,” b ivyo bikaba bisobanura ko twese tuvuka turi abanyagasembwa be n’uko tuvukana agatima ko gukora amakosa.​—Zaburi 51:5; Abanyefeso 2:3.

 Turarwara, tugasaza kandi tugapfa kubera ko twarazwe igicumuro canke agasembwa. (Abaroma 6:23) Turashikirwa kandi n’ingaruka mbi z’amakosa yacu hamwe n’ay’abandi.​—Umusiguzi 8:9; Yakobo 3:2.

 Twoba dushobora gukizwa ingaruka z’“igicumuro c’inyanduruko”?

 Ego. Bibiliya ivuga ko Yezu yapfuye “ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.” (1 Yohani 4:10) Incungu ya Yezu irashobora kudukiza ingaruka z’icaha twarazwe, igatuma kandi dushobora kuronka ico Adamu na Eva batakaje, ni ukuvuga agateka ko kubaho ibihe bidahera dufise ubuzima butagira agasembwa.​—Yohani 3:16. c

 Ibintu bitari vyo abantu biyumvira ku bijanye n’“igicumuro c’inyanduruko”

 Ivyo bavuga: Igicumuro c’inyanduruko kiradutandukanya n’Imana burundu.

 Ukuri: Si twe Imana ibaza ivyo Adamu na Eva bakoze. Iratahura ko turi abanyagasembwa, kandi ntitwitegako ibirenze ivyo dushoboye gukora. (Zaburi 103:14) Naho dushikirwa n’ingorane ziterwa no kuba twararazwe igicumuro, turi n’agateka ko kugiranira ubucuti somambike n’Imana.​—Imigani 3:32.

 Ivyo bavuga: Ibatisimu irakura ku muntu igicumuro c’inyanduruko, akaba ari co gituma inzoya zikwiye kubatizwa.

 Ukuri: Naho ibatisimu ari igisabwa kugira tuzoronke ubukiriro, kwizera incungu ya Yezu ni vyo gusa bitwoza ibicumuro. (1 Petero 3:21; 1 Yohani 1:7) Kubera ko ukwizera nyakuri gushingiye ku bumenyi, ntivyoshoboka ko inzoya zigira ukwizera. Bibiliya rero ntishigikira ibatisimu y’inzoya. Ni ko vyari biri ku bakirisu bo mu ntango. Ntibabatiza inzoya, ahubwo babatiza “abagabo n’abagore” bizera Ijambo ry’Imana.​—Ivyakozwe 2:41; 8:12.

 Ivyo bavuga: Imana yaravumye abagore kuko Eva ari we yatanguye kurya ku camwa Imana yababujije.

 Ukuri: Imana ntiyavumye abagore, ahubwo yavumye “ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani,” yo yoheje Eva gucumura. (Ivyahishuwe 12:9; Itanguriro 3:14) N’ikindi kandi, Imana yavuze ko uwagirizwa igicumuro c’inyanduruko ari Adamu, ntiyavuze ko ari umugore wiwe.​—Abaroma 5:12.

 Kubera iki Imana yavuze ko umugabo azoganza umugore wiwe? (Itanguriro 3:16) Igihe Imana yavuga ayo majambo, ntiyariko ishigikira iyo nyifato. Yariko ivuga gusa ingaruka zibabaje zokwezwe n’igicumuro. Imana yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamutera iteka, akongera akubaha cane abagore muri rusangi.​—Abanyefeso 5:25; 1 Petero 3:7.

 Ivyo bavuga: Icaha c’inyanduruko cari uguhuza ibitsina.

 Ukuri: Icaha c’inyanduruko ntikwabaye uguhuza ibitsina kubera impamvu zikurikira:

  •   Imana yabujije Adamu kurya ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi igihe yari akiri wenyene, atararonka umugore.​—Itanguriro 2:17, 18.

  •   Imana yabwiye Adamu na Eva iti: “Nimurondoke, mugwire.” Ivyo vyasobanura kwibaruka abana. (Itanguriro 1:28) Bwari kuba rero ari ubukozi bw’ikibi iyo Imana iza kubahana ibahora ko bakoze ivyo yabategetse.

  •   Adamu na Eva ntibacumuriye rimwe. Eva ni we yatanguye, hanyuma umugabo wiwe.​—Itanguriro 3:6.

  •   Bibiliya irashigikira ko umugabo n’umugore barangura amabanga y’abubatse.​—Imigani 5:18, 19; 1 Abakorinto 7:3.

a Muri Bibiliya, nta na hamwe dusanga imvugo ngo “igicumuro c’inyanduruko.” Mu vy’ukuri, igicumuro ca mbere kivugwa muri Bibiliya ni ca kinyoma cambaye ubusa Shetani yabwira Eva.​—Itanguriro 3:4, 5; Yohani 8:44.

b Muri Bibiliya, ijambo “igicumuro” ntiryerekeza gusa ku bikorwa bibi, mugabo rirerekeza no ku mimerere twarazwe yo kuba abanyagasembwa canke abacumuzi.

c Ushatse kumenya vyinshi ku bijanye n’incungu ya Yezu be n’akamaro idufitiye, raba ikiganiro kivuga ngo “Yezu adukiza gute?