Ja ku birimwo

Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?

Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari muri ya mabwirizwa Imana yaha Isirayeli biciye kuri Musa, kandi na Yezu yararisubiyemwo muri ya nsiguro yashikiriza ari ku musozi. (Matayo 5:38; Kuvayo 21:24, 25; Gusubira mu vyagezwe 19:21) Ryasobanura ko uwakoze ikibi ahabwa igihano gikwiranye n’icaha yakoze. a

 Iryo tegeko ryakora igihe umuntu yaba yakomerekeje uwundi n’ibigirankana. Ku bijanye n’igihano uwo muntu yategerezwa guhabwa, Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Imvune ku yindi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Nya gahonzi nyene ateye nya muntu, ni ko na we akwiye guterwa.”​—Abalewi 24:20.

 Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari rifise intumbero iyihe?

 Iryo tegeko ntiryaha abantu uburenganzira bwo kwihanira. Ahubwo ryafasha abacamanza gutanga igihano kibereye, ntibarenze urugero canke ngo bagire impuhwe zirenze.

 Iryo tegeko ryatuma kandi abantu bafise umugambi wo kugirira abandi nabi batinya. Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Abasigaye rero [ababa biboneye ingene urubanza rw’Imana rwashikijwe] bazovyumva batinye, kandi ntibazokwigera basubira gukora ikintu na kimwe kibi nk’ico hagati yawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 19:20.

 Abakirisu boba bagengwa n’iryo tegeko?

 Oya, iryo tegeko ntirigenga abakirisu. Ryari muri ya mategeko ya Musa, na yo akaba yarakuweho n’urupfu rwa Yezu.​—Abaroma 10:4.

 Naho ari ukwo, iryo tegeko riratwereka ukuntu Imana ibona ibintu. Nk’akarorero, riratwereka ko ikunda ubutungane. (Zaburi 89:14) Riratwereka kandi ko Imana ishaka ko abanyakibi bahanwa “ku rugero rubereye.”​—Yeremiya 30:11.

 Ivyiyumviro bitari vyo abantu bafise ku bijanye n’iryo tegeko

 Iciyumviro kitari co: Iryo tegeko ryarakavya.

 Ukuri: Iryo tegeko ntiryatuma abacamanza barenza urugero mu gushitsa ubutungane. Ahubwo igihe rikurikijwe neza, ryatuma abacamanza babanza kurimbura uko ibintu vyifashe no gutohoza neza ko icaha cakozwe nkana canke bivuye kw’isanganya, imbere yo guhana inkozi y’ikibi. (Kuvayo 21:28-30; Guharūra 35:22-25) Iryo tegeko rero ryatuma abacamanza badatanga ibihano birenze urugero.

 Iciyumviro kitari co: Iryo tegeko ryatuma abantu baza barihorahorana.

 Ukuri: Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe.” (Abalewi 19:18) Iryo Tegeko ntiryaremesha kwihorahorana, ahubwo ryaremesha abantu kwizigira Imana n’abo yari yarahaye uburenganzira bwo guca imanza.​—Gusubira mu vyagezwe 32:35.

a Mu kilatini iryo tegeko ryitwa lex talionis (loi du talion) kandi ryarakoreshwa mu bijanye n’ubutungane no mu bindi bihugu bimwebimwe vya kera.