Ja ku birimwo

Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego, izoyishura. Bibiliya be n’ivyama vyabaye mu buzima bwa misi yose birerekana ko Imana yishura amasengesho. Ku vyerekeye Imana, Bibiliya ivuga iti: ‘Icipfuzo c’abayitinya izogishitsa, kandi izokwumva ugutabaza kwabo, ibakize.’ (Zaburi 145:19) Ariko kugira Imana yishure amasengesho yawe canke ntiyishure, ahanini bivana na wewe.

Ivyo Imana ibona ko bihambaye

  •   Gusenga Imana, atari ugusenga Yezu, Mariya, aberanda, abamarayika canke ibishushanyo. Yehova Imana ni we wenyene ‘yumva amasengesho.’​—Zaburi 65:2.

  •   Gusenga mu buryo buhuye n’ivyo Imana igomba canke isaba biri muri Bibiliya.​—1 Yohani 5:14.

  •   Gusenga mw’izina rya Yezu, umuntu akaba yerekanye ko yemera ubukuru Yezu afise. Yezu yavuze ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”.​—Yohani 14:6.

  •   Gusengana ukwizera, umuntu agasaba kwongerezwa ukwizera nimba bikenewe.​—Matayo 21:22; Luka 17:5.

  •   Kwicisha bugufi no kuba inziraburyarya. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ari hejuru, yamara arabona uwuciye bugufi.”​—Zaburi 138:6.

  •   Guhozako. Yezu yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa.”​—Luka 11:9.

Ivyo Imana ibona ko bidahambaye

  •   Ubwoko bwawe canke ubwenegihugu ufise. “Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

  •   Kuba wifashe mu buryo bunaka. Urashobora gusenga Imana wicaye, wunamye, upfukamye canke uhagaze.​—1 Ngoma 17:16; Nehemiya 8:6; Daniyeli 6:10; Mariko 11:25.

  •   Gusenga uvuga canke usengera mu mutima. Imana irishura n’amasengesho umuntu asengeye mu mutima.​—Nehemiya 2:1-6.

  •   Ivyo uyibwira vyaba bikomeye canke bisanzwe. Imana ituremesha iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.