Ja ku birimwo

Ibatisimu ni iki?

Ibatisimu ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ibatisimu ni ukwibiza umuntu wese mu mazi. a Muri Bibiliya, haravugwamwo inkuru nyinshi z’ibatisimu. (Ivyakozwe 2:41) Muri zo harimwo iyijanye n’ingene Yezu yabatijwe mu kwibizwa mu ruzi Yorodani. (Matayo 3:13, 16) Mu myaka yakurikiye, Umunyetiyopiya yarabatijwe mu «mazi» yari haruhande y’ibarabara yariko aracamwo.​—Ivyakozwe 8:36-40.

 Yezu yigishije yuko ibatisimu ari igisabwa ku bayoboke biwe. (Matayo 28:19, 20) Intumwa Petero na we nyene yarerekanye ko ivyo ari ukuri. (1 Petero 3:21)

Muri iki kiganiro turaza kubona

 Ibatisimu isobanura iki?

 Ibatisimu ni ikimenyetso cerekana ku mugaragaro ko umuntu agiye kubatizwa yigaye ibicumuro vyiwe be n’uko yasezeraniye Imana gukora ivyo igomba adaca ku ruhande. Aho harimwo kwama ugamburukira Imana na Yezu mu mice yose y’ubuzima. Kubatizwa bituma umuntu ashobora kuzobaho ibihe bidahera.

 Kwibizwa mu mazi ni ikimenyetso kibereye c’ihinduka umuntu yagize mu buzima bwiwe. Uti gute? Bibiliya igereranya ibatisimu n’uguhambwa. (Abaroma 6:4; Abakolosayi 2:12) Kuja munsi y’amazi, umuntu aba yerekanye mu buryo bw’ikigereranyo ko yapfuye mu bijanye n’ukuntu yari abayeho. Iyo avuye mu mazi, aba atanguye ubuzima bushasha ari umukirisu yiyeguye.

 Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubatiza abana?

 Bibiliya ntivuga ko abana bakwiye kubatizwa.

 Kubatiza abana ntibihuye n’ivyo Bibiliya yigisha. Bibiliya yigisha ko hari ibintu bimwebimwe umuntu yipfuza kubatizwa akwiye gushitsa. Nk’akarorero, akwiye gutahura n’imiburiburi inyigisho z’ishimikiro zo mw’Ijambo ry’Imana kandi akabaho ahuza na zo. Akwiye kuba yarigaye ibicumuro vyiwe. Akwiye kandi kuba yareguriye ubuzima bwiwe Imana mw’isengesho. (Ivyakozwe 2:38, 41; 8:12) Ivyo abana ntibashobora kubikora.

 Bisobanura iki kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda?

 Yezu yigishije abayoboke biwe “guhindura abantu abigishwa, bababatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, bakabigisha kwubahiriza ibintu vyose yabategetse.” (Matayo 28:19, 20) «Mw’izina rya» bisobanura ko uwugiye kubatizwa atahura kandi akemera ubukuru n’ikibanza Data n’Umwana bafise, hamwe n’uruhara rw’impwemu nyeranda y’Imana. Tubitangire akarorero. Intumwa Petero yabwiye umugabo yari yavutse amugaye ati: «Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, tambuka!» (Ivyakozwe 3:6) Insobanuro iratahuritse. Petero yaratahura kandi akemera ubukuru bwa Kristu kandi yerekanye ko uwo mugabo yokize ku gitangaro kubera Kristu.

  •   «Data» ni Yehova b Imana. Yehova we Muremyi, Mutanzi w’ubuzima akaba na Mushoboravyose, afise ububasha rudasumbwa.​—Itanguriro 17:1; Ivyahishuwe 4:11.

  •   «Umwana» ni Yezu Kristu yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. (Abaroma 6:23) Ntidushobora kuronka ubukiriro tudatahuye ngo twemere uruhara ruhambaye Yezu arangura mu mugambi Imana ifitiye abantu.​—Yohani 14:6; 20:31; Ivyakozwe 4:8-12.

  •   «Impwemu nyeranda» ni inguvu zikora z’Imana, canke ububasha ikoresha. c Imana yarakoresheje impwemu yayo nyeranda mu kurema, mu gutanga ubuzima, mu guha ubutumwa abahanuzi bayo n’abandi no mu kubashoboza gukora ivyo igomba. (Itanguriro 1:2; Yobu 33:4; Abaroma 15:18, 19) Imana kandi yarakoresheje impwemu nyeranda mu guhumekera abanditsi ba Bibiliya kugira bandike ivyiyumviro vyayo.​—2 Petero 1:21.

 Gusubira kubatizwa coba ari igicumuro?

 Abantu benshi barahindura idini. Ariko nimba bari barabatijwe mu ryo bahoramwo, boba bakoze igicumuro basubiye kubatizwa? Hari ababibona ukwo, kumbure bisunze Abanyefeso 4:5, ahavuga hati: «Hari Umukama umwe, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe.» Mugabo kino canditswe ntigisobanura ko umuntu atosubira kubatizwa. Kubera iki?

 Ivyariko biravugwa. Igihe Pawulo yavuga ayo majambo ari mu Banyefeso 4:5, yariko ashimika ku kuntu abakirisu b’ukuri bakwiye kwunga ubumwe mu vyo bemera. (Abanyefeso 4:5, 1-3, 16) Ubwo bumwe bwoshobotse ari uko gusa bakurikiye Umukama umwe Yezu Kristu, bakagira ukwizera kumwe, ni ukuvuga bagatahura kumwe ivyo Bibiliya yigisha, bakongera bagakurikiza ico ivyanditswe bisaba kugira umuntu abatizwe.

 Intumwa Pawulo yaremesheje abari bamaze kubatizwa gusubira kubatizwa. Ivyo yabivuze kubera ko bari babatijwe badatahura mu buryo bushitse inyigisho za gikirisu.​—Ivyakozwe 19:1-5.

 Imvo ibereye ituma umuntu abatizwa. Kugira ibatisimu yemerwe n’Imana, ikwiye kuba ishingiye ku bumenyi butagira amakosa bw’ukuri kwo muri Bibiliya. (1 Timoteyo 2:3, 4) Umuntu abatijwe yisunze inyigisho z’idini zidahuye n’ivyo Bibiliya ivuga, Imana ntiyokwemera iyo batisimu. (Yohani 4:23, 24) Uyo muntu ashobora kuba yarondera vy’ukuri gukora ikintu ciza, ariko ico kintu yakoze «[ntigi]shingiye ku bumenyi butagira amakosa.» (Abaroma 10:2) Kugira Imana imwemere, akwiye kwiga Bibiliya, agashira mu ngiro ivyo yiga, akiyegurira Imana maze akongera kubatizwa. Iyo ibintu vyifashe ukwo, asubiye kubatizwa ntaba ari igicumuro. Ahubwo ni vyo nyene aba akwiye gukora.

 Ayandi mabatisimu avugwa muri Bibiliya

 Bibiliya iravuga ayandi mabatisimu afise insobanuro itandukanye no kwibizwa mu mazi kw’abigishwa ba Kristu. Ehe uburorero bukeyi:

 Ibatisimu ya Yohani Umubatizi. d Abayuda n’abinjiye idini ry’Abayuda barabatizwa na Yohani bwa kimenyetso c’uko bigaye ibicumuro vyabo bakoze mu kurenga ku mategeko ya Musa, ayo Imana yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa. Ibatisimu ya Yohani yategura abantu kugira bamenye kandi bemere Mesiya, Yezu Umunyanazareti.​—Luka 1:13-17; 3:2, 3; Ivyakozwe 19:4.

 Ibatisimu ya Yezu ubwiwe. Ibatisimu Yezu yabatijwe na Yohani Umubatizi yari itandukanye n’izindi batisimu. Yezu yari umugabo atunganye kandi nta bicumuro yari yarakoze. (1 Petero 2:21, 22) Rero ibatisimu yiwe ntiyari iyo kwerekana ukwigaya canke «gusaba Imana ijwi ryo mu mutima ryiza.» (1 Petero 3:21) Ahubwo, yerekana ko yishikanye ku Mana kugira akore ivyo igomba ari Mesiya canke Kristu yari yarasezeranywe. Ukwo kwishikana kwiwe kwarimwo kandi gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu.​—Abaheburayo 10:7-10.

 Kubatizwa mu mpwemu nyeranda. Yaba Yohani Umubatizi canke Yezu, bose baravuze ibijanye no kubatizwa mu mpwemu nyeranda. (Matayo 3:11; Luka 3:16; Ivyakozwe 1:1-5) Ukwo kubatizwa kuratandukanye no kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda. (Matayo 28:19) Kubera iki?

 Hari abigishwa ba Yezu bake gusa babatizwa mu mpwemu nyeranda. Barobanuzwa impwemu nyeranda kuko bahamagariwe kuganza isi bari kumwe na Kristu mw’ijuru ari abami n’abaherezi. e (1 Petero 1:3, 4; Ivyahishuwe 5:9, 10) Bazoganza abayoboke ba Yezu amamiliyoni bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi.​—Matayo 5:5; Luka 23:43.

 Kubatizwa muri Kristu Yezu no mu rupfu rwiwe. Ababatizwa mu mpwemu nyeranda “barabatizwa muri Kristu Yezu.” (Abaroma 6:3) Rero iyo batisimu yerekeye abigishwa ba Yezu barobanujwe impwemu bazoganza bari kumwe na we mw’ijuru. Mu kubatizwa muri Yezu, bacika abagize ishengero ryiwe ry’abarobanuwe. Ni umutwe, na bo ni umubiri.​—1 Abakorinto 12:12, 13, 27; Abakolosayi 1:18.

 Vyongeye, abakirisu barobanuwe “babatijwe mu rupfu rwa Yezu.” (Abaroma 6:3, 4) Barigana Yezu bakabaho bitanga mu kugamburukira Imana kandi bagaheba icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi. Barangiza iyo batisimu yabo y’ikigereranyo igihe bapfuye maze bakazukira ubuzima bwo mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu.​—Abaroma 6:5; 1 Abakorinto 15:42-44.

 Kubatizwa mu muriro. Yohani umubatizi yabwiye abamwumviriza ati: «Uwo [Yezu] azobabatiza mu mpwemu nyeranda no mu muriro. Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora, kandi azokubura neza imbuga yiwe. Azokwegeraniriza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro utazima.» (Matayo 3:11, 12) Urabona ko kubatizwa mu muriro bitandukanye no kubatizwa mu mpwemu. None Yohani yashatse kuvuga iki muri ico kigereranyo?

 Ingano zigereranya abumviriza Yezu bakamugamburukira. Barashobora kubatizwa mu mpwemu nyeranda. Umuguruka ugereranya abatazokwumviriza Yezu. Iherezo ryabo ni ukubatizwa mu muriro, ibigereranya ukurandurwa buhere.​—Matayo 3:7-12; Luka 3:16, 17.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «ibatisimu» risobanura «ukwibizwa, ugashirwa munsi y’amazi hanyuma ukiburuka», nk’uko bivugwa na kazinduzi imwe.​—Vine’s Complete Expository Dictionary of Old and New Testament Words.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

c Raba ikiganiro kivuga ngo «Impwemu nyeranda ni iki?»

d Raba ikiganiro kivuga ngo « Qui était Jean le Baptiseur? »

e Raba ikiganiro kivuga ngo «Ni bande baja mw’ijuru?»

f Bibiliya irakoresha kandi ijambo «ibatisimu» mu kudondora uburyo bumwebumwe bwo kwoza ibikoresho bijanye n’ugusenga, nko kubisukako amazi. (Mariko 7:4; Abaheburayo 9:10) Ariko rero ivyo biratandukanye cane n’ukuntu Yezu n’abigishwa biwe babatijwe mu kwibizwa mu mazi.