Ja ku birimwo

Kuvuka ubwa kabiri bisobanura iki?

Kuvuka ubwa kabiri bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imvugo ‘kwongera kuvuka’ yerekeza ku ntango y’ubucuti bushasha buba hagati y’Imana n’uwuvutse irya kabiri. (Yohani 3:3, 7) Abavuka irya kabiri Imana ibagira abana bayo. (Abaroma 8:15, 16; Abagalatiya 4:5; 1 Yohani 3:1) Nka kurya kw’umwana w’umurerano acika uwo mu bagize umuryango, abavuka irya kabiri baracika abo mu bagize umuryango w’Imana.​—2 Abakorinto 6:18.

Kubera iki umuntu avuka irya kabiri?

 Yezu yavuze ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” (Yohani 3:3) Ukuvuka irya kabiri rero bitegurira umuntu kuzoganza ari kumwe na Kristu mu Bwami bw’Imana. Ubwo Bwami buganza buri mw’ijuru. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko “ivuka rishasha” ritanga intoranwa ‘ibitswe mw’ijuru.’ (1 Petero 1:3, 4) Abongera kuvuka barakurwa amazinda ko ‘bazoganzanya’ na Kristu.​—2 Timoteyo 2:12; 2 Abakorinto 1:21, 22.

Ni gute umuntu yongera kuvuka?

 Igihe Yezu yavuga ibijanye no kwongera kuvuka, yavuze ko abongera kuvuka bovyawe “n’amazi be n’impwemu.” (Yohani 3:5) Iyo mvugo yerekeza ku kubatizwa mu mazi gukurikirwa n’ukubatizwa mu mpwemu nyeranda.​—Ivyakozwe 1:5; 2:1-4.

 Yezu ni we wa mbere yasubiye kuvuka. Yarabatijwe mu Ruzi Yorodani Imana ica iramusukako impwemu nyeranda, ari kwo kumubatiza mu mpwemu nyeranda. Muri ubwo buryo, Yezu yarongeye kuvuka biciye ku mpwemu nyeranda aca aba umwana w’Imana, afise icizigiro co kuzosubira kuba mw’ijuru. (Mariko 1:9-11) Imana yarashikije ico cizigiro mu kuzura Yezu afise umubiri w’impwemu.​—Ivyakozwe 13:33.

 Abasubira kuvuka na bo nyene barabatizwa mu mazi imbere y’uko baronka impwemu nyeranda. a (Ivyakozwe 2:38, 41) Baraheza bakagira icizigiro ntakekeranywa co kuzoba mw’ijuru, ikizoranguka Imana niyabazura.​—1 Abakorinto 15:42-49.

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ukwongera kuvuka

 Iciyumviro kitari co: Kugira umuntu akizwe canke abe umukirisu ategerezwa kwongera kuvuka.

 Ukuri: Incungu ya Kristu ntirokora gusa abongera kuvuka, ari bo bazofadikanya na Kristu kuganza bari mw’ijuru, ariko kandi irarokora n’abazotwarwa n’Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi. (1 Yohani 2:1, 2; Ivyahishuwe 5:9, 10) Abo bazotwarwa n’Ubwami bw’Imana bazobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Zaburi 37:29; Matayo 6:9, 10; Ivyahishuwe 21:1-5.

 Iciyumviro kitari co: Umuntu arashobora kwihitiramwo kwongera kuvuka.

 Ukuri: Abantu bose barafise akaryo ko kugiranira ubucuti n’Imana be no gukizwa. (1 Timoteyo 2:3, 4; Yakobo 4:8) Ariko Imana ni yo icagura abongera kuvuka, ni ukuvuga abarobanuzwa impwemu nyeranda. Bibiliya yerekana ko ukwongera kuvuka “bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana.” (Abaroma 9:16, Bibiliya Yera) Imvugo ‘kwongera kuvuka’ ishobora kandi guhindurwa ngo “ukuvuka guturutse hejuru.” Ivyo vyerekana ko ivyo guhitamwo abongera kuvuka bibera mw’ijuru, ni ukuvuga ko biva ku Mana.

a Koruneliyo n’abo mu rugo rwiwe ni bo bonyene baronse impwemu nyeranda imbere y’uko babatizwa.​—Ivyakozwe 10:44-48.