Ja ku birimwo

Nsenze Imana yoba izomfasha?

Nsenze Imana yoba izomfasha?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego, Imana irafasha abayisaba babikuye ku mutima ibihuye n’ivyo igomba. Naho utoba urigera usenga, uburorero bwo muri Bibiliya bw’abasenze Imana bayisaba ngo ibafashe burashobora kukuremesha. Ehe umwe muri bo:

  •   “Ewe Mana, ntungume kure. Ewe Mana yanje, nyaruka umfashe.”—Zaburi 71:12.

  •   “Nyaragasa umfashe, ewe Yehova bukiriro bwanje.”—Zaburi 38:22.

 Ni ivy’ukuri ko uwanditse ayo majambo yari umuntu yizera Imana rwose. Naho ari ukwo, Imana irumviriza abantu bose bayitura bafise agatima kabereye, nk’akarorero ab’“umutima umenetse” canke “abajanjaguritse mu mutima.”—Zaburi 34:18.

 Ntiwiyumvire ko Imana iri kure cane ku buryo itokwitaho ingorane zawe. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ari hejuru, yamara arabona uwuciye bugufi; ariko uwiduza amumenyera kure gusa.” (Zaburi 138:6) Nkako, igihe kimwe Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “N’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose.” (Matayo 10:30) Imana irabona n’utuntu dutoduto tukwerekeye wewe utazi. Uca wumva rero ko izokwumviriza niwayisenga uyisaba ngo igufashe mu bikuraje ishinga!—1 Petero 5:7.