Ja ku birimwo

Kubera iki hari amadini menshi avuga ko ari ay’abakirisu?

Kubera iki hari amadini menshi avuga ko ari ay’abakirisu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abantu barakoresheje inyigisho za Yezu Kristu mu gushinga amadini atandukanye y’abakirisu. Ariko rero, Bibiliya yerekana ko hariho idini ry’abakirisu ry’ukuri rimwe gusa. Raba imvo zitatu gusa zemeza ico kintu.

  1.   Yezu yavuze ko yigishije “ukuri,” kandi abakirisu bo mu ntango babona ko idini ryabo ari iry’“ukuri.” (Yohani 8:32; 2 Petero 2:2; 2 Yohani 4; 3 Yohani 3) Ivyo birerekana ko abigisha inyigisho ziteye kubiri n’iza Yezu batari mw’idini ry’ukuri.

  2.   Bibiliya yigisha abakirisu iti: “Mwese muvuge rumwe.” (1 Abakorinto 1:10) Ariko rero, amadini menshi y’abakirisu ntavuga rumwe ku bijanye n’ico bisobanura kuba Umukirisu. Ayo madini yose ntashobora kuba ari ay’ukuri.​—1 Petero 2:21.

  3.   Yezu yari yaravuze ko abantu benshi bokwiyise abakirisu kandi batagamburuka amategeko yiwe. Yavuze kandi ko atokwemeye abantu nk’abo. (Matayo 7:21-23; Luka 6:46) Abantu bamwebamwe bohenzwe n’abigisha b’amadini bonona ugusenga kw’ukuri kugira bironderere inyungu zabo bwite. (Matayo 7:15) Ariko rero, hari n’abandi bohisemwo kuja mw’idini kanaka ry’abakirisu kubera ko bobwiwe ivyo bashaka kwumva aho kubwirwa ukuri kwo muri Bibiliya.​—2 Timoteyo 4:3, 4.

 Mu kigereranyo Yezu yatanze c’ingano n’icatsi kibi, yaravuze ko ubukirisu bw’ukuri bworwanijwe cane. (Matayo 13:24-30, 36-43) Hociye igihe kirekire bitoroha gutandukanya abakirisu b’ukuri n’abakirisu b’ikinyoma. Nk’uko Yezu yari yarabivuze, ivyo vyobaye intumwa zimaze gupfa. (Ivyakozwe 20:29, 30) Naho inyigisho z’ikinyoma zishobora kuba atari zimwe, amadini atandukanye ya gikirisu “[y]arataye ukuri” buhere.​—2 Timoteyo 2:18.

 Yezu yaravuze kandi ko amaherezo itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri n’abakirisu b’ikinyoma ryokwibonekeje. Ivyo vyabaye muri iki gihe cacu, igihe c’“insozero y’ivy’isi.”​—Matayo 13:30, 39.