Ja ku birimwo

Kuba mweranda bisobanura iki?

Kuba mweranda bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ikintu ceranda ni ikintu gitandukanijwe n’ubuhumane. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ceranda” rikomoka mw’ijambo risobanura “gitandukanijwe n’ibindi.” Ku bw’ivyo, ikintu ceranda ni ikintu kidakoreshwa ibintu bisanzwe canke cubahwa cane kubera gityoroye canke kitanduye.

 Imana ni nyeranda mu buryo butagira agahaze. Bibiliya ivuga iti: “Nta n’umwe ari mweranda nka Yehova.” a (1 Samweli 2:2) Birabereye rero ko ari we adushingira ibikwiye gufatwa ko ari vyeranda n’ibitari vyeranda.

 Ijambo “ceranda” rirashobora gukoreshwa ku kintu cose gifitaniye isano n’Imana, na canecane ikintu gikoreshwa gusa mu bijanye no gusenga. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ivyerekeye:

  •   Ibibanza vyeranda: Igihe Musa yari iruhande ya ca gisaka caka umuriro, Imana yamubwiye iti: “Ahantu uhagaze [ni] ubutaka bweranda.”​—Kuvayo 3:2-5.

  •   Imisi mikuru myeranda: Abisirayeli ba kera barasenga Yehova ku misi mikuru bama bagira yitwa “amahwaniro meranda.”​—Abalewi 23:37.

  •   Ibintu vyeranda: Ibintu vyakoreshwa kuri rwa rusengero rw’i Yeruzalemu vyitwa “ibikoresho vyeranda.” (1 Abami 8:4) Ivyo bikoresho vyategerezwa gufatanwa icubahiro cinshi naho bitasengwa. b

Umuntu adatunganye yoba ashobora kuba mweranda?

 Egome. Imana itegeka abakirisu iti: “Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.” (1 Petero 1:16) Ego ni ko, abantu badatunganye ntibashobora kuba beranda ku rugero Imana igezako. Yamara, igihe bagamburuka amategeko yayo agororotse, irashobora kubona ko ari beranda kandi ikabemera. (Abaroma 12:1) Umuntu yihatira kuba mweranda arabigaragaza mu mvugo no mu ngiro. Nk’akarorero, arakurikiza impanuro ya Bibiliya idusaba ‘kwezwa no kwirinda ubusambanyi’ hamwe no ‘kuba beranda mu ngeso zacu zose.’​—1 Abatesalonika 4:3; 1 Petero 1:15.

Umuntu yoba ashobora kutaguma ari mweranda imbere y’Imana?

 Egome. Igihe umuntu aretse kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu, Imana ntiba ikibona ko ari mweranda. Nk’akarorero, igitabu c’Abaheburayo candikiwe abitwa “bene wacu beranda,” ariko kiravuga ko bashobora gutsimbataza “umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima.”​—Abaheburayo 3:1, 12.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no kuba mweranda

 Iciyumviro kitari co: Umuntu arashobora gushikira ubweranda mu kubaho yibabaza.

 Ukuri: Bibiliya irerekana ko “ugusesereza umubiri,” canke kwibabaza birenze, ‘ata gaciro’ bifise ku Mana. (Abakolosayi 2:23) Ahubwo Imana ishaka ko duhimbarirwa ibintu vyiza. Ishaka ko “umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.”​—Umusiguzi 3:13.

 Iciyumviro kitari co: Kutubaka bituma umuntu arushiriza kuba mweranda.

 Ukuri: Naho umukirisu ashobora guhitamwo kutubaka urwiwe, kuguma atubatse ubwavyo si vyo bituma Imana ibona ko ari mweranda. Ni ivy’ukuri ko abaguma batubatse bashobora gukorera Imana ata kibasamaza. (1 Abakorinto 7:32-34) Ariko Bibiliya irerekana ko n’abubatse bashobora kuba beranda. Kanatsinda, n’imiburiburi umwe mu ntumwa za Yezu, ari we Petero, yari yubatse.​—Matayo 8:14; 1 Abakorinto 9:5.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. Ivyanditswe vyinshi birerekana ko iryo zina rifitaniye isano n’ijambo “mweranda” canke “ubweranda.”

b Bibiliya iriyamiriza gusenga ibishusho.​—1 Abakorinto 10:14.