Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ituremesha gutanga ata gahato kandi tubitumwe n’imvo nziza. Yerekana ko gutanga muri ubwo buryo bigirira akamaro uwutanze n’uwuhawe. (Imigani 11:25; Luka 6:38) Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

 Ni ryari gutanga biba ari vyiza?

 Gutanga biba vyiza igihe umuntu abigize ata gahato. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Abakorinto 9:7.

 Gutanga bivuye ku mutima biri mu bigize “insengo” Imana ishima. (Yakobo 1:27) Umuntu akunda gufasha abari n’ivyo bakeneye aba ariko akorana n’Imana, kandi Imana ibona ko aba ayiguranye. (Imigani 19:17) Bibiliya ivuga ko Imana ubwayo ari yo izobimwishura.​—Luka 14:12-14.

 Ni ryari gutanga bitaba ari vyiza?

 Igihe umuntu abitumwe n’ubwikunzi. Nk’akarorero:

 Igihe atanze kugira ashigikire ibintu Imana yanka. Nk’akarorero, si vyiza guha umuntu amahera atwara mu kamari, mu biyayuramutwe canke mu nzoga. (1 Abakorinto 6:9, 10; 2 Abakorinto 7:1) Si vyiza kandi guha umuntu yari ashoboye kwibeshaho ariko akaguma areze amaboko.​—2 Abatesalonika 3:10.

 Igihe bituma umuntu yirengagiza amabanga Imana yamujeje. Bibiliya ivuga ko ba serugo bategerezwa kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye. (1 Timoteyo 5:8) Ntivyoba vyiza serugo atanze gushika aho umuryango wiwe usigara wifumbereje. Na Yezu yariyamirije abanka gufasha abavyeyi babo bageze mu zabukuru, bakitwaza ngo ivyo bari kubaha ni “ingabirano yeguriwe Imana.”​—Mariko 7:9-13.