Ja ku birimwo

Bibiliya yigisha iki ku bijanye no kuvuga mu zindi ndimi?

Bibiliya yigisha iki ku bijanye no kuvuga mu zindi ndimi?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abakirisu bamwebamwe bo mu ntango bararonka ku gitangaro ubushobozi bwo kuvuga ururimi kanaka batabanje kurwiga. Ico ni co bita ‘kuvuga izindi ndimi.’ (Ivyakozwe 10:46, Bibiliya Yera) Abazi urwo rurimi barashobora gutahura ivyo abo bakirisu baba bariko baravuga. (Ivyakozwe 2:4-8) Kuvuga mu zindi ndimi yari imwe mu ngabirano z’impwemu nyeranda Imana yaha abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere.​—Abaheburayo 2:4; 1 Abakorinto 12:4, 30.

 Ivyo kuvuga mu zindi ndimi vyatanguriye hehe kandi ryari??

 Ico gitangaro catanguriye i Yeruzalemu. Hari mu gitondo ku musi mukuru w’Abayuda wa Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Ico gihe abigishwa ba Yezu nka 120 bari bakoraniye hamwe, maze “buzuzwa impwemu nyeranda, batangura kuvuga mu zindi ndimi.” (Ivyakozwe 1:15; 2:1-4) Abantu isinzi “bo mu mahanga yose yo mu yari munsi y’ijuru” bari bakoranye, kandi “umwe wese yabumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite.”​—Ivyakozwe 2:5, 6.

 Vyari bifise intumbero iyihe?

  1.   Kwerekana ko Imana ishigikiye abakirisu. Kera Imana yarakora ibitangaro kugira yerekane ko ishigikiye abantu b’abizigirwa nka Musa. (Kuvayo 4:1-9, 29-31; Guharūra 17:10) Muri ubwo buryo nyene, no kuvuga mu zindi ndimi vyarerekana ko Imana ishigikiye ishengero rya gikirisu ryaheruka gushingwa. Intumwa Paulo yanditse ati: “Indimi . . . ni iz’ikimenyetso, atari ku bemera, ahubwo ku batemera.”​—1 Abakorinto 14:22.

  2.   Gufasha abakirisu gushinga intahe inogangije. Abumvise abo bayoboke ba Yezu kuri uwo musi wa Pentekoti, bavuze bati: “Tubumva bavuga mu ndimi zacu ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” (Ivyakozwe 2:11) Rero, iyindi ntumbero y’ico gitangaro kwari ugufasha abakirisu “gushinga intahe inogangije” no “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa” nk’uko Yezu yari yarabategetse. (Ivyakozwe 10:42; Matayo 28:19) Abantu nka 3.000 biboneye ico gitangaro, bakiyumvira n’intahe yashinzwe n’abo bigishwa baracitse abemera kuri uwo musi nyene.​—Ivyakozwe 2:41.

 Vyoba vyari kubandanya?

 Oya. Ingabirano z’impwemu nyeranda, harimwo n’iyo kuvuga mu zindi ndimi, zari iz’igihe gito. Bibiliya yari yaravuze iti: “Zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi, zizohagarara.”​—1 Abakorinto 13:8.

 Vyahagaze ryari?

 Mu bisanzwe, ingabirano y’impwemu nyeranda yahabwa abandi bakirisu mu maso y’intumwa, akenshi intumwa zikaba zarabarambikako ibiganza kugira bayironke. (Ivyakozwe 8:18; 10:44-46) Biboneka ko abaronka ingabirano y’impwemu nyeranda biciye ku ntumwa batashobora kuyiha abandi. (Ivyakozwe 8:5-7, 14-17) Tubitangire akarorero: Umutegetsi arashobora guha umuntu uruhusha rwo kugendesha umuduga, ariko uwo muntu ntaba aronse uburenganzira bwo guha abandi mwene urwo ruhusha. Rero, bishoboka ko ivyo kuvuga mu zindi ndimi vyaheranye n’urupfu rw’intumwa n’urw’abantu bose izo ntumwa zari zarahaye iyo ngabirano.

 Bite ho muri iki gihe?

 Biboneka ko igitangaro co kuvuga mu zindi ndimi caheze nko mu mpera z’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Muri iki gihe uwovuga ko Imana ari yo imushoboza kuvuga mu zindi ndimi, yoba ariko arabesha. a

 Ni igiki kiranga abakirisu b’ukuri?

 Yezu yavuze ko abigishwa biwe boranzwe n’urukundo ruzira ubwikunzi. (Yohani 13:34, 35) Intumwa Paulo na we yavuze ko urukundo ari co kimenyetso camaho kiranga abakirisu b’ukuri. (1 Abakorinto 13:1, 8) Yarerekanye ko impwemu y’Imana yotumye abakirisu bagira kamere zitwa “icamwa c’impwemu,” iya mbere muri zo ikaba ari urukundo.​—Abagalatiya 5:22, 23.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Kuvuga izindi ndimi vyoba biva ku Mana?