Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOFASHA ABATUNTUYE

Ivyogufasha kwihanganira intuntu

Ivyogufasha kwihanganira intuntu

Uworondera impanuro zomufasha kwihanganira intuntu, yoronka umuyoro wazo. Muri izo hariho izomufasha. Kumbure ivyo bivana n’uko abantu badatuntura cokimwe, nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki. Ivyofasha umwe usanga bitofasha uwundi.

Ariko ntiwumve hariho ivyiyumviro bimwebimwe vyafashije abantu batari bake. Akenshi bitangwa n’abahinga bafasha abantu kwihanganira intuntu, kandi birafitaniye isano n’ivyiyumviro bitigera bita igihe dusanga muri Bibiliya, ca gitabu c’ubukerebutsi.

1: NIWEMERE GUFASHWA N’INCUTI N’ABAGENZI

  • Hari abahinga babona ko ico ari co kintu nyamukuru gifasha kwihanganira intuntu. Ariko vyoshika ukipfuza kuba uri wenyene. Vyonashika ugashavurira abariko bagerageza kugufasha. Ivyo ni ibisanzwe.

  • Ntiwiyumvire ko ubwirizwa kwama uri kumwe n’abandi, ariko kandi ntugerageze kubigizayo. Nakare, n’uwundi musi uzobakenera. Nubabwire ubigiranye umutima mwiza ivyo wipfuza ko bagufasha n’ivyo utoshima ko bagufasha.

  • Bivanye n’ukuntu umerewe, gerageza kurimbanya umwanya umara uri kumwe n’abandi be n’uwo umara uri wenyene.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Babiri baruta umwe . . . kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe.”​—Umusiguzi 4:9, 10.

2: NIWITWARARIKE INGENE UFUNGURA KANDI WINONORE IMITSI

  • Kwitaho ivyo ufungura birafasha igihe utuntuye. Nufungure ivyamwa bitandukanye, imbogaboga, n’ibindi bifungurwa ndemamubiri bitarimwo ibinure vyinshi.

  • Nunywe amazi menshi be n’ibindi binyobwa ntungamagara.

  • Nimba utagira akayabagu, nuze urarya utuntu dukeduke mugabo kenshi. Woshobora no kubaza umuganga ibindi wofungura vyogufasha. a

  • Gutambuka unyaruka be n’iyindi myimenyerezo biragabanya ivyiyumviro bibi. Bamwe bibaha akaryo ko kuzirikana ku buzima bushasha, abandi bikabafasha kutaguma biyumvira umuhisi.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: ‘Nta muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ahubwo arawugaburira akawubungabunga.’​—Abanyefeso 5:29.

3: NUSINZIRE BIKWIYE

  • Gusinzira vyama bikenewe, na canecane ku babuze ababo, kuko intuntu ishobora kubongerereza uburuhe.

  • Ntunywe ibintu vyinshi birimwo kafeyine canke inzoga nyinshi, kuko bishobora kukubuza itiro.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”​—Umusiguzi 4:6.

4: NUMENYE UKO URI

  • Niwibuke ko abantu batuntura ugutandukanye. Urakeneye rero kwimenya.

  • Abenshi babona ko kubwira abandi ukuntu bamerewe bibafasha kwihangana, abandi na bo bahitamwo kudaserura intuntu yabo. Iciyumviro c’uko kubwira abandi uko wiyumva bifasha cane mu kwihanganira intuntu, abahinga ntibagihurizako. Nimba wumva ugonanwa kugira uwo wituye, hari aho wosanga kuza uragira utwo uyagiye umugenzi wawe bikwubahuye.

  • Hari ababona ko kurira bibafasha kugabanya intuntu, abandi na bo ikagabanuka batarinze kurira cane.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Umutima umenya intuntu yawo.”​—Imigani 14:10, Bibiliya Nyeranda.

5: NIWIRINDE IVYOKUGIRIRA NABI

  • Hari abagerageza kugabanya umubabaro bafise mu kunywa inzoga nyinshi canke ibiyayuramutwe. Ukwitururuza mwene ukwo ni ukwigirira nabi. Naho wokwumva ko uremurutse vyoba ivy’akanya gato, kandi vyogukwegera ingorane zikomeye. Gerageza ubundi buryo butokugirira nabi.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Twiyuhagire ubuhumane bwose.”​—2 Abakorinto 7:1.

6: NUZE URAHINDAGURA IVYO UKORA

  • Hari abasanze kuza baracishamwo bagakora ibikorwa bituma birengagiza umubabaro bafise bibafasha cane.

  • Kurondera abagenzi bashasha canke gukomeza ubucuti n’abagenzi bawe, kwiga ibintu bishasha canke kwiruhura, birashobora kugufasha kugabanya intuntu.

  • Uko haca igihe ibintu birashobora guhinduka. Intuntu wari ufise irashobora kugabanuka cane, ico kikaba ari ikimenyetso kiranga ko umuntu ariko arasubirana.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, . . . igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kwikina amatavu.”​—Umusiguzi 3:1, 4.

7: NUGUMANE URUTONDE WAHORANA

  • Nusubire ku rutonde wahorana vuba bishoboka.

  • Gusubira kw’isaha wahora uryamirako no ku rutonde wahorana mu bijanye n’akazi be n’utundi dukorwa, bizotuma usubira kumenyera ubuzima.

  • Kuguma ukora ibikorwa vyiza birashobora gutuma uremuruka mu mutima.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “[Si] kenshi azokwibuka imisi y’ubuzima bwiwe, kuko Imana y’ukuri imufatiriye n’umunezero w’umutima wiwe.”​—Umusiguzi 5:20.

8: NTIWIHUTAGIZE GUFATA INGINGO ZIKOMEYE

  • Abantu benshi bafata ingingo zikomeye haciye igihe gito babuze uwabo, mu nyuma baricuza.

  • Nimba bishoboka, nurindire hace igihe gihagije imbere y’uko ufata ingingo yo kwimuka, guhindura akazi, gutanga canke guta ibintu vy’umuhisi utazokenera.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.”​—Imigani 21:5.

9: NIWIBUKE UWAWE

  • Abatari bake basanze gukora ibintu bituma batibagira uwabo bibafasha.

  • Kwegeranya amafoto y’umuhisi be n’ibindi bintu vy’intibagirwa canke gutunganya agatabu wandikamwo inkuru uzomwibukirako, birashobora kuguhumuriza.

  • Nubike ibintu bizokwibutsa ibihe vyiza mwamaranye kugira ngo uzobirabe niwamara gusubirana.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Ibuka imisi ya kera.”​—Gusubira mu vyagezwe 32:7.

10: NURABE AHO WOJA

  • Hari aho vyoba vyiza ugiye mu karuhuko.

  • Nimba gufata ikonje ndende vyogorana, wofata nk’umusi umwe canke ibiri ugakora ikintu cokuryohera, nko kuja ku kiyaga, kugendera inzu ndangakaranga canke gutembera bisanzwe.

  • Mbere no gukora igikorwa ico ari co cose utahora ukora vyogufasha kugabanya umubabaro.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.”​—Mariko 6:31.

11: NUFASHE ABANDI

  • Niwibuke ko akanya kose womara ufasha abandi gashobora gutuma wumva uremurutse.

  • Wohera ku gufasha abo musangiye umubabaro wo kubura uwawe, nk’incuti n’abagenzi.

  • Gushigikira abandi be no kubaremesha birashobora kukugarurira umunezero, ugasubira kwumva ko uri n’ico umaze.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guh abwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

12: NUSUBIRE GUSUZUMA IVYO USHIRA IMBERE Y’IBINDI

  • Kubura uwawe birashobora gutuma urushiriza gutahura ibihambaye kuruta.

  • Nukoreshe ako karyo kugira usuzume ingene uriko urakoresha ubuzima bwawe.

  • Nuce ugira ivyo uhinduye mu bijanye n’ivyo ushira imbere mu buzima.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Kuja ku nzu y’ikigandaro biraruta kuja ku nzu y’inzimano, kuko iryo ari ryo herezo ry’abantu bose; kandi umuzima akwiye kubishira ku mutima.”​—Umusiguzi 7:2.

Tuvugishije ukuri, nta kintu na kimwe cozimanganya intuntu yo kubura uwawe. Naho ari ukwo, abamaze kubura ababo baremeza ko kugira ivyo bakoze, nk’ibi vyavuzwe muri iki kiganiro, vyabafashije kuremuruka. Naho uru rutonde rutariko ibintu vyose bifasha kugabanya intuntu, niwagerageza kwisunga bimwe muri vyo bizokuruhurira ku rugero rushemeye.

a Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha uburyo kanaka bwo kubungabunga amagara.