Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Kuyaga ivyerekeye ubutumwa buteye isoni buhanahanwa kuri telefone

Kuyaga ivyerekeye ubutumwa buteye isoni buhanahanwa kuri telefone

INGORANE

Uramaze kwumva ko ivyo kurungikiranira ubutumwa buteye isoni biciye kuri telefone vyiraye mu bakiri bato. Woshobora kwibaza uti: ‘Umwana wanje yoba na we abigira?’

Uripfuza kuganira n’umwana wawe kuri ico kintu, ariko uguma wibaza ingene wobigenza. Imbere y’uko umenya ingene wobigenza, banza urimbure ibintu bituma abakiri bato bamwebamwe barungikiranira ubutumwa buteye isoni, hanyuma ubone igituma ukwiye kuvyitaho. *

IKIBITERA

  • Imiyabaga imwimwe irungika ubutumwa buteye isoni bujanye n’ivy’igitsina irondera gukundana n’umuntu yiyumvamwo.

  • Hari igihe umukobwa arungika ifoto yiwe iteye isoni kubera umuhungu kanaka aguma amusaba kubigira.

  • Birashika umuhungu akarungika ku bwinshi ifoto iteye isoni y’umukobwa kanaka kugira ngo anezereze abagenzi biwe canke amwihore kubera ko bahebanye.

Ikibitera caba ikihe, umuyabaga atunze telefone ngendanwa arashobora kugwa mu ngorane nyinshi. Igitabu kimwe (CyberSafe) kivuga giti: “Gufyonda akabuto kamwe gusa birashobora gutuma ubuzima bw’umuntu buhinduka ubutagisubira inyuma.”

Abenshi ntibatahura yuko iyo umuntu ashize ifoto kuri Internet, ata bushobozi aba agifise bwo kubuza abandi kuyikoresha ico bashaka. Icegeranyo kimwe casohowe n’igipolisi c’iperereza (FBI) co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga yuko hari umukobwa w’imyaka 18 “yiyahuye aho amenyeye ko ifoto yifotoje ari gusa hanyuma akayirungikira umuhungu bakundana biciye kuri telefone ngendanwa, yari yarungikiwe n’abandi banyeshure b’imiyabaga amajana bo kw’ishure iwabo. Bivugwa ko uwo mukobwa yagumye abuzwa amahoro n’abandi banyeshure biboneka ko babandanije gukwiragiza iyo foto.”

Vyongeye, kurungikiranira ubutumwa buteye isoni birashobora gutuma umuntu akurikiranwa n’ubutungane. Nk’akarorero, mu mihingo imwimwe abana bataragera mu bigero barungikiye abana nka bo amashusho yerekana ivy’igitsina mu buryo bweruye baragiriwe n’icaha co kwonona abana biciye ku mashusho y’ubushegabo, kandi amadosiye yabo vyasabwe ko ashirwa mu madosiye y’inkozi z’ikibi mu bijanye n’igitsina. N’umuvyeyi arashobora gukurikiranwa n’ubutungane mu gihe ari we yanditsweko inomero ya telefone umwana wiwe yakoresheje canke mu gihe atafashe ingingo zo kumubuza kurungikira abandi kuri telefone ubutumwa buteye isoni.

 ICO WOKORA

Nushinge amategeko atomoye. Naho udashobora gucungera ijana kw’ijana ingene umwana wawe w’umuyabaga akoresha telefone ngendanwa, urashobora kumumenyesha amategeko wipfuza ko akurikiza, hamwe n’ingaruka vyokwega aramutse ayarenze. Niwibuke kandi yuko wewe umuvyeyi ufise uburenganzira bwo gucungera ingene umwana wawe akoresha telefone yiwe ngendanwa.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 6:1.

Fasha umwana wawe kuzirikana ku ngorane vyoteza. Woshobora kuvuga uti: “Abantu ntibabona kumwe ico ari co ubutumwa buteye isoni burungikwa biciye kuri telefone. None wewe wovuga ko ari iki?” “Ni amafoto bwoko ki wibaza ko atabereye?” “Mu mihingo imwimwe amategeko avuga ko umwana ataragera mu bigero arungikiye uwundi ifoto y’umwana nka we ari gusa ahanwa n’amategeko. Wewe wibaza ko kurungika amafoto nk’ayo ari bibi?” “Kubera iki kurungika ubutumwa nk’ubwo bitaranga urupfasoni?” Nutege ugutwi witonze inyishu umwana wawe atanga hanyuma umufashe kwiyumvira ingaruka vyoteza.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaheburayo 5:14.

Niwiyumvire ingaruka vyoteza

Nufatire ku bishobora gushika. Woshobora kubwira umukobwa wawe uti: “Dufate ko hari umuhungu aguma asaba umukobwa kanaka ngo amurungikire kuri telefone ubutumwa buteye isoni. None ubona uwo mukobwa yokora iki? Yoba akwiye kubigira kugira ngo ubugenzi bwabo ntibuhagarare? Yoba akwiye kwanka kubigira mugabo akaguma agirana na we imigenderanire? Yoba akwiye guhagarika ubugenzi bafitaniye? Yoba akwiye kubibwira umuntu akuze?” Nufashe umukobwa wawe kubizirikanako. Ukwo nyene ni ko wobigenza no ku muhungu.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abagalatiya 6:7.

Fasha umwana wawe kuba umuntu ameze neza. Numubaze utubazo nk’utu: Wewe ubona kuvugwa neza bihambaye ku rugero rungana iki? Wipfuza ko abantu bakumenyera ku biki? Wokwumva umerewe gute hamwe womaramaza umuntu mu kurungikira abandi ifoto yiwe itabereye? Wokwumva umerewe gute hamwe wokora ibibereye? Fasha umwana wawe w’umuyabaga “[kugira] ijwi ryo mu mutima ryiza.”—1 Petero 3:16.

Wewe ubwawe nutange akarorero. Bibiliya ivuga yuko ubukerebutsi buva ku Mana butanduye kandi ko butiyorobeka. (Yakobo 3:17) Ivyo ukora vyoba bihuje n’ayo majambo? Ca gitabu CyberSafe kivuga giti: “Twebwe ubwacu turakwiye gutanga akarorero keza mu kutaraba amashusho be n’imihora bishobora kubonwa ko bitabereye canke bitemewe n’amategeko.”

^ par. 5 Ubwo butumwa buteye isoni usanga bugizwe n’ibi bintu: amajambo, amafoto canke amavidewo barungikiranira ku matelefone bivuga canke vyerekana ivy’igitsina mu buryo bweruye. Nimba wipfuza kumenya n’ibindi kuri ivyo, nuje ku muhora jw.org, usome ikiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza—Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira kuri telefone ubutumwa buteye isoni?”—Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.