Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Abana be na telefone: Igice ca 2: Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone

Abana be na telefone: Igice ca 2: Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone

 Telefone irashobora kuba ngirakamaro canke ikonona bivanye n’ukuntu umuntu ayikoresha. Wokwigisha gute umwana wawe gufata ingingo nziza igihe akoresha telefone? Nk’akarorero, womwemerera ko ayikoresha umwanya ungana gute ku musi? a

 Ico ukwiye kumenya

  •   Telefone irashira mu kaga uwuyikoresha. Nk’uko bivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Abana be na telefone: Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gutunga telefone?”, telefone irashobora gutuma umuntu ashikira ibintu vyose biri kuri internet, vyaba vyiza canke bibi.

     “Biroroshe ko twibagira yuko telefone ishobora gutuma abana bacu bagwa mu kaga ko kuyaga n’abantu bateye amakenga canke gusoma ibintu bitabereye.”​—Brenda.

  •   Abana barakenera ko ubafasha. Abakiri bato b’ubu bavutse babona telefone, ariko abavyeyi babo batanguye kuzikoresha bakuze. Mugabo ivyo ntibisigura ko abavyeyi ata na kimwe bazi ku bijanye n’utwuma two mu buhinga bwa none. Ntibisigura kandi ko abana bashoboye kwihitiramwo ingene bokoresha telefone canke igihe boyikoresha.

     Ni ivy’ukuri ko abana bashobora kuba bazi gukoresha telefone kugusumvya, ariko ivyo ntibisigura ko bazi uburyo bwiza bwo kuyikoresha. Mbere n’abana bazi cane ibijanye n’ubuhinga bwa none usanga bakeneye ko abavyeyi babo babigisha ukuntu bokoresha telefone mu buryo budateye akaga.

     “Guha umwana telefone utabanje kumwigisha ingene ayikoresha bimeze nko kumuha imfunguruzo z’umuduga, ukamureka akicara ku ntebe y’umushoferi, akatsa umuduga, hanyuma ukamubwira gusa ngo ‘Uriyubara’ utabanje kumwigisha kuwutwara.”​—Seth.

 Ico wokora

  •   Numenye ibigize telefone y’umwana wawe. Numenye ibintu biri muri telefone y’umwana wawe bishobora kumufasha kuyikoresha neza. Nk’akarorero:

     Woca he mu kuregera telefone y’umwana wawe kugira umushingire akarimbi k’umwanya yomara ayikoresha hamwe n’imihora yo kuri internet yojako?

     Wari uzi ko uburyo bwo kuzibira imihora itabereye butama bukora neza?

     Igihe uzi ibigize telefone y’umwana wawe, uba witeguriye neza kumufasha kuyikoresha mu buryo budateye akaga.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umuntu w’ubumenyi ashimangira ububasha.”​—Imigani 24:5.

  •   Numushingire uturimbi. Nuhitemwo ivyo uzomwemerera n’ivyo utazomwemerera. Nk’akarorero:

     Woba uzomwemerera kuzana telefone ku meza mu gihe co gufungura canke kuyikoresha mwagiye kuramutsa incuti n’abagenzi?

     Woba uzomwemerera kuyirarana?

     Ni amaprograma ayahe uzomwemerera gushiramwo?

     Uzomwemerera kuyikoresha umwanya ungana gute?

     Woba uzomushingira umwanya adakwiye kurenza ku musi?

     Numubwire uturimbi washinze kandi ugume witeguriye kumuhana hagize utwo arengako.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ntiwime indero umwana.”​—Imigani 23:13.

  •   Nuze urasuzuma ibiri muri telefone y’umwana wawe. Numenye akajambo murekarengane akoresha kandi uze urasuzuma ibiri muri iyo telefone, ushizemwo amamesaje, amaprograma, amafoto be n’imihora ajako.

     “Twarabwiye umukobwa wacu ko tuzoza turasuzuma telefone yiwe tutabanje kumuteguza. Dusanze atariko arayikoresha neza tuzoca tumushingira utundi turimbi.”​—Lorraine.

     Kubera ko uri umuvyeyi, urafise uburenganzira bwose bwo kumenya ingene umwana wawe akoresha telefone.

     Ico Bibiliya ivuga: “Biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.”​—Imigani 20:11.

  •   Numwigishe ingingo ngenderwako yokwisunga. Niwigishe umwana wawe gukora ibigororotse bimwiviriyeko. Kubera iki ivyo bihambaye? Kubera ko igihe umwana yipfuza vy’ukuri guhisha ikintu abavyeyi biwe, arakinyegeza ku buryo ata co bopfa babonye naho bogira iki. b

     Ku bw’ivyo, niwigishe umwana wawe imico myiza, nko kuvugisha ukuri, kwigumya no kwumva ko hari ico abazwa mu vyo akora. Umwana afise imico myiza biramworohera cane gukoresha telefone mu buryo bwiza.

     Ico Bibiliya ivuga: “Abantu bahumuye, . . . ububasha bwabo bwo gutegera bu[ra]menyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Abaheburayo 5:14.

a Muri iki kiganiro, ijambo “telefone” tuza kurikoresha mu kuvuga telefone ngendanwa ishobora kujamwo internet. Ikora nka orodinateri ntoyi.

b NK’akarorero, abakiri bato bamwebamwe barakoresha amaprograma umengo nta co atwaye yamara atuma banyegeza ibintu badashaka ko abavyeyi babo babona.