Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | SARA

“Uri umugore asa neza”

“Uri umugore asa neza”

SARA ahagaze mu cumba, araba irya n’ino. Mera nk’uwubona mu bwenge uwo mugore w’inzobe, mugabo akaba adakeye mu maso. Yoba asa n’uwubabaye? Nimba asa n’uwubabaye, biroroshe gutahura igituma. Iyo nzu yabo ifise inkuru ndende. Sara n’umugabo wiwe Aburahamu bayimazemwo igihe kitari gito. * Emwe, bari barayitsimbatayemwo.

Igisagara babamwo citwa Uri. Cari gitunze cane, kikabamwo n’abanyatugenegene be n’abadandaza benshi. Uca wumva rero ko bari batunze ibintu bitari bike. Ariko ntiwumve, Sara ntiyabona inzu yabo nk’ikibanza gusa co gushinguramwo ivyo atunze. We n’umugabo wiwe bari bayibayemwo imyaka itari mike, basangira amahirwe n’amagorwa. Vyongeye, bari barayisengeyemwo Imana yabo Yehova incuro zidaharurika. Sara rero yari n’imvo nyinshi zo gukunda aho hantu.

Yamara rero, Sara yari yiteguriye gusiga ivyo yikundira vyose. Naho kumbure yari afise imyaka nka 60, yogiye mu turere atazi, akaba mu buzima butoroshe kandi burimwo akaga, ata n’icizigiro co kugaruka muri ico gisagara. Ni igiki none catumye agira iryo hinduka rikomeye mu buzima? Vyongeye, ni igiki dushobora kwigira ku kwizera kwiwe muri iki gihe?

“VA MU GIHUGU CAWE”

Birashoboka ko Sara yakuriye i Uri. Ahahoze ico gisagara, ubu ni umusaka gusa. Ariko mu gihe ca Sara, amato y’abadandaza yaguma acanacanako mu ruzi Efurate no ku mihora yarwo, azanye muri ico gisagara gikomeye ibintu vy’agaciro bivuye hirya no hino. Amabarabara y’ico gisagara wasanga yuzuyemwo uruja n’uruza rw’abantu, ivyambu vyaho bikuzura amato, amamangazini na yo akuzura ibidandazwa. Ng’ico rero igisagara Sara yakuriyemwo, akaba yari azinanyi n’abantu benshi baho. Na bo nyene ntibomwibagiye, kuko yari umugore mwiza bidasanzwe. Yari ahafise n’incuti nyinshi.

Bibiliya irerekana ko Sara yari afise ukwizera gukomeye. Ariko ntiyizera imana-kwezi yasengwa cane aho i Uri, iyo abantu bari barubakiye umunara muremure muri ico gisagara. Ahubwo Sara yasenga Imana y’ukuri ari yo Yehova. Ivyanditswe ntibivuga ingene yamenye ivyerekeye iyo Mana, kuko se wiwe yamaze igihe kanaka asenga ibigirwamana. Ikizwi ni uko Sara yubakanye na Aburahamu, uwamurusha imyaka cumi. * (Itanguriro 17:17) Aburahamu yahavuye yitwa “se w’abari n’ukwizera bose.” (Abaroma 4:11) Sara na Aburahamu barashinze umubano w’akarorero kandi ukomeye, uwarangwa no kwubahana, kuyaga bashira hamwe be no gushigikirana mu ngorane. Ariko igihambaye kuruta, umubano wabo warangwa no gukunda Imana.

Sara yarakunda cane umugabo wiwe. Bamaze gushinga urwabo, baciye baba i Uri, mu ncuti zabo. Ariko haciye igihe gito, barahanganye n’ikintu kivuna umutima. Bibiliya ivuga ko Sara “yari ingumba; [ko ata] mwana yari afise.” (Itanguriro 11:30) Mu migenzo y’ico gihe, kuba ingumba cari icago kidasanzwe. Naho ari ukwo, Sara ntiyigeze ahemukira Imana yiwe n’umugabo wiwe. Biboneka ko Loti umuhungwabo na Aburahamu yaciye ababera nk’umwana, kuko se yari yarapfuye. Bagumye muri ubwo buzima, gushika igihe bashikirwa n’ihinduka rikomeye.

Umusi umwe, Aburahamu yaregereye Sara adatekanye namba. Ntiyavyumva. Emwe, Imana yabo yari ihejeje kuvugana na we, mbere iramubonekera biciye ku mumarayika! Niwihe ishusho Sara ahanze amaso umugabo wiwe, akiruhutsa maze agaca amubaza ati: “None yakubwiye ngw’iki? Ntabara umbarire!” Kumbure Aburahamu yabanje kwicara, arazirikana gatoyi, aca aramubwira ivyo Yehova yari yavuze ati: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe uze mu gihugu nzokwereka.” (Ivyakozwe 7:2, 3) Bamaze guturura, baciye batangura kuzirikana kuri ico kintu Yehova yari abasavye. Ibaze nawe! Bategerezwa kuva aho bari baratsimbataye, mu buzima bwiza, bagatangura kubaho baza barimukanga! None Sara yari kuvyakira gute? Nta nkeka ko Aburahamu yamushinze ijisho ngo arabe ingene avyakira. Yoba yari kumushigikira muri ico kintu cohinduye ubuzima bwabo bimwe bikomeye?

Ivyashikiye Sara, abenshi twoshobora kubona umengo ntibituraba. Twokwibwira duti: ‘Jewe n’uwo twubakanye, Imana ntirigera idusaba ikintu nk’ico!’ Naho ari ukwo, twese turashikirwa n’ikintu gisa n’ico. Tubaye mw’isi irangwa n’agatima k’amaronko, ikaba ishobora kutwosha ngo dushire imbere ukwimerererwa neza, ubutunzi canke ukubaho dutekaniwe. Ariko Bibiliya iduhimiriza gushira imbere ibihimbara Imana aho gushira imbere ibiduhimbara ubwacu. (Matayo 6:33) Kuzirikana ivyashikiye Sara vyotuma twibaza duti: ‘None nzohitamwo iki mu buzima bwanje?’

‘BARAVUYE MU GIHUGU’

Igihe Sara yariko aratekera, ntivyamworoheye guhitamwo ivyo yotwara n’ivyo yoreka. Ntiyari gutekera ibintu bininibinini ingamiya n’ibitwazi bitoshoboye kwikorera. Vyongeye, ntiyari gutwara ibintu ata co vyomufashije mu buzima bushasha bwo kwimukanga. Uca wumva ko vyinshi mu vyo bari batunze bobigurishije canke bakabigaba. Ibindi bosezeye ni ibintu vyaborohereza mu buzima bwo muri ico gisagara, nk’amasoko canke amamangazini bashobora gusumiramwo intete, inyama, ivyamwa, impuzu be n’ibindi bintu vya nkenerwa mu buzima.

Ukwizera kwa Sara kwatumye yemera guheba inzu yarimwo vyose

Ikindi kintu gishobora kuba caragoye cane Sara, kwari ukuvirira inzu yiwe. Nimba iyo nzu yari imeze nk’inzu nyinshi abahinga mu vy’ubucukuzi bubuye i Uri, Sara yahevye ikintu gikomeye cane. Zimwe muri izo nzu wasanga zifise ivyumba cumi n’ibindi, zikabamwo n’amazi. Mbere n’inzu isanzwe wasanga isakaye neza, ifise impome zikomeye be n’imiryango bugaza ibihindizo. Wumva none ihema ryobakingiye gutyo? Ryoba ryari kubakingira ibisuma, intambwe, ingwe, idubu be n’amabingira, narirya ico gihe vyari bigwiriye muri utwo turere?

Tuvuge iki ku bijanye n’umuryango? Ni bande yosize? Itegeko Imana yabahaye ryo ‘kuva mu gihugu cabo no mu ncuti zabo’ ntiryari ryoroshe, canecane kuri Sara. Uwo mugore w’igishika kandi yakundana, ashobora kuba yari afise bene wabo, basazawe, abasengezana, abahungwabo n’abakobwabo, ba inasenge, ba nyinabo na ba inarume. Naho yabiyumvamwo cane, hari igihe batosubiye kubonana. Yamara rero, ivyo ntivyabujije Sara kuguma yitegura ku musi ku musi, yitegurira nya rugendo.

Naho bitari vyoroshe, Sara yaratekeye, arindira gusa umusi wo gufata urugendo. Naho umuvyeyi wabo Tera yari afise imyaka hafi amajana abiri, yategerezwa kujana na bo. (Itanguriro 11:31) Uca wumva ko Sara yogize igikorwa kitoroshe co kwitwararika uwo mutama. Loti na we nyene yojanye na bo mu kugamburuka itegeko rya Yehova ryo “[ku]va mu gihugu c’Abakaludaya.”​—Ivyakozwe 7:4.

Uwo mugwi w’abantu n’ibitwazi, wabanje gushikira i Harani. Bagenze ibilometero nka 960 berekeza mu buraruko bushira uburengero, bajanye inkengera z’uruzi Efurate. Aho i Harani barahamaze igihe. Tera ashobora kuba yari yarwaye, atakibasha kubandanya urugendo. Baciye bagumaho gushika asandavye, afise imyaka 205. Imbere gatoyi y’uko babandanya urugendo, Yehova yarasubiye kuvugana na Aburahamu, yongera kumusaba ngo ave muri ico gihugu maze aje mu gihugu yomweretse. Ariko ico gihe, Imana yaciye yongerako uwu muhango ushimishije ugira uti: “Nzogukuramwo ihanga rikomeye.” (Itanguriro 12:2-4) Mugabo rero igihe bava i Harani, Aburahamu yari afise imyaka 75, Sara na we 65, kandi nta kana bari bafise. Wumva none Aburahamu yovuyemwo ihanga gute? Yoba yari kurongora uwundi mugore? Sara ashobora kuba yaragize ibibazo, narirya ico gihe guharika vyari ibisanzwe.

Bahavuye bava i Harani, barashishikara urugendo. Woba none uzi abajanye na bo ico gihe? Iyo nkuru itubwira ko Aburahamu n’abiwe bagiye bajanye amatungo hamwe “n’abantu bari bararonse i Harani.” (Itanguriro 12:5) None abo bantu bari bande? Bashobora kuba bari abasuku. Mugabo rero, Aburahamu na Sara bategerezwa kuba barabwira ivyo bizera abashima kubumviriza. Hari ibitabu vya kera vy’Abayuda bivuga ko abavugwa muri uwo murongo uretse ko bari abasuku, bari barifatanije kandi na Aburahamu na Sara mu gusenga Yehova. Nimba ari vyo, ukwizera gukomeye Sara yari afise gutegerezwa kuba kwaratuma avugana ukujijuka kudasanzwe igihe yaba ariko abwira abandi ibijanye n’Imana yiwe be n’ivyo yari yizigiye. Yaratubereye akarorero twokwigana, narirya tubayeho mu gihe usanga abantu batakigira ukwizera n’icizigiro. Igihe rero hari ikintu gishasha umenye muri Bibiliya, vyoba vyiza ukibwiye abandi.

‘BAMANUKA MU MISIRI’

Bamaze kujabuka uruzi Efurate, kumbure hakaba hari ku wa 14 Nisani 1943 imbere ya Kristu, baciye berekeza mu bumanuko bw’igihugu Yehova yari yarabasezeraniye. (Kuvayo 12:40, 41) Niwihe ishusho Sara ariko araba irya n’ino, atangarira ubwiza bw’ico gihugu, ibimera bitandukanye, ikirere ciza n’akayaga kameze neza cane. Bageze hafi y’akarere ka Shekemu, iruhande y’ibiti bininibinini vya More, Yehova yarasubiye kubonekera Aburahamu, amubwira ati: “Uruvyaro rwawe ngiye kuruha iki gihugu.” Basha, iryo jambo “uruvyaro” ryaragize ikintu kinini ribwira Aburahamu! Ritegerezwa kuba ryaciye rimwibutsa ivyabaye mw’itongo rya Edeni, igihe Yehova yamenyesha ibijanye n’uruvyaro rwokuyeho Shetani. Yehova yari yaramaze kubwira Aburahamu ko ihanga ryomukomotseko ryotumye abantu bo kw’isi yose bironkera imihezagiro.​—Itanguriro 3:15; 12:2, 3, 6, 7.

Ariko ntiwumve, uwo muryango ntiwabuze guhura n’ingorane. Inzara yarateye mu gihugu ca Kanani, Aburahamu aca amanukana umuryango wiwe mu Misiri. Ariko yaricura ko ashobora kugirirwa nabi. Yaciye abwira Sara ati: “Ehe rero ndakwinginze! Ndazi neza yuko uri umugore asa neza. Ntibizobura rero gushika yuko Abanyamisiri bazokubona, bakavuga bati: ‘Uyu ni umugore wiwe.’ Kandi ntibazobura kunyica, mugabo wewe bakuzigamire ubuzima. Ndakwinginze uvuge ko uri mushikanje, kugira bingendere neza kubera wewe, kandi sinzobura kubaho ndabikesheje wewe.” (Itanguriro 12:10-13) Ni kubera iki none Aburahamu yasavye Sara ico kintu gisa n’igitangaje?

Aburahamu ntiyari umubeshi canke umunyabwoba, nk’uko bamwebamwe bavyiyumvira. Mu vy’ukuri Sara yari mushikiwe, naho batari basangiye nyina. Vyongeye, amakenga ya Aburahamu yari afise ishingiro. Aburahamu na Sara bari bazi ko umugambi Imana yari ifise wo gukura muri Aburahamu uruvyaro rudasanzwe be n’ihanga, cari ikintu gihambaye cane. Vyari nkenerwa rwose rero ko Aburahamu akingirwa. Ikigeretseko, abacukuzi b’ivya kera barubuye ibimenyamenya vy’uko ico gihe abategetsi bo mu Misiri bakunda kwigarurira abagore b’abandi, bagaca bica abagabo babo. Uca wumva rero ko Aburahamu yakoranye ukwiyubara, Sara na we arashigikira yicishije bugufi iciyumviro c’umugabo wiwe.

Budakeye na kabiri, ivyakurikiye vyarerekanye ko amakenga ya Aburahamu yari n’ishingiro. Hari abaganwa ba Farawo babonye ingene Sara yasa n’irirenga, kikaba cari ikintu kidasanzwe uravye imyaka yari afise. Baciye baja kubibwira Farawo, na we aca ategeka ko bamuzanira uwo mugore. Iyumvire ingene Aburahamu yahagaritse umutima canke ingene Sara yatekewe n’ubwoba! Ariko rero, biboneka ko Sara bamufashe nk’umushitsi w’iteka aho kumufata nk’imbohe. Farawo ashobora kuba yashaka kuryosharyosha Sara no kumwereka itunga ryiwe ritangaje, mu nyuma akabona gusaba uwo yitwa musazawe ngo amumuhe amubere umugore.​—Itanguriro 12:14-16.

Mera nk’uwubona Sara ari ku kirimba kwa Farawo, ahagaze ku kabaraza canke ari mw’idirisha yitegereza ubwiza bw’igihugu ca Misiri. None yumvise amerewe gute kubona asubiye mu nzu isakaye neza, ibifungurwa binoboye na vyo batondetse imbere yiwe? Yoba yaranohokeye ubwo buzima bw’ibihinda, kumbure mbere bwaruta ubwo yahozemwo i Uri? Iyumvire ingene Shetani yari kuryoherwa iyo Sara ahitamwo guheba Aburahamu, akibera umugore wa Farawo! Ariko Sara nta vyo yagize. Ntiyigeze ahemukira umugabo wiwe n’Imana yabo. Ese umwe wese rero mu bubakanye yoguma ari intahemuka gutyo muri iyi si yuzuye ubushegabo! None ntivyoba vyiza wiganye Sara mu kutigera uhemukira incuti n’abagenzi?

Naho Sara yahuye n’inyosha mbi ku kirimba kwa Farawo, yaranse guhemukira umugabo wiwe

Yehova yaciye ahaseruka arakingira uwo mukenyezi, mu guteza ivyago Farawo n’inzu yiwe. Igihe Farawo yamenya ko Sara ari umugore wa Aburahamu, yaciye amurungika ngo asubire ku mugabo wiwe, aca abasaba kuva mu gihugu ciwe ca Misiri. (Itanguriro 12:17-20) Iyumvire umunezero Aburahamu yagize asubiye kubona umugore wiwe! Niwibuke ko Aburahamu yari yabwiye Sara n’igikundiro cinshi ati: “Ndazi neza yuko uri umugore asa neza.” Ariko ubwiza yashimira Sara ntibwari ubwo ku mubiri gusa, yamushimira canecane ubwiza bwo mu mutima. Sara yari afise ubwiza bwo mu mutima, ari na bwo Yehova aha agaciro. (1 Petero 3:1-5) Ubwo bwiza, umwe wese muri twebwe arashobora kubutsimbataza muri we. Nitwashira imbere ivy’Imana aho gushira imbere ibintu vy’umubiri, tukabwira abandi ivyo tuzi ku vyerekeye Imana kandi tukaguma twisunga amabwirizwa y’Imana adusaba kwigenza runtu naho twoba duhanganye n’inyosha mbi, tuzoba twiganye ukwizera kwa Sara.

^ ing. 3 Mu ntango bitwa Aburamu na Sarayi. Ariko rero amazina yabo akoreshwa cane ni ayo Yehova yahavuye abaha.​—Itanguriro 17:5, 15.

^ ing. 8 Sara yari mushiki wa Aburahamu. Se wabo bompi yitwa Tera, mugabo ntibari basangiye nyina. (Itanguriro 20:12) Naho muri iki gihe bitabereye ko abasangiye amaraso bubakana, twokwibuka ko ico gihe ibintu vyari bitandukanye n’ubu. Abantu bari bakiri hafi cane y’ugutungana Adamu na Eva bigeze kuba bafise. Kubera ko abantu bari bagikomeye kandi bafise amagara meza, incuti za hafi zarubakana ntihagire ingorane biteza uruvyaro rwabo. Ariko inyuma y’imyaka nka 400, abantu babaho imyaka mike cokimwe n’ubu. Ico gihe rero, Itegeko rya Musa ryaciye ribuza kwabirana n’incuti za hafi.​—Abalewi 18:6.