Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Imana yoba yitaho imibabaro yacu?

Imana yoba yitaho imibabaro yacu?

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Janine yagendeye umugore twise Sofiya.

KUBERA IKI IMANA IREKA BIGASHIKA?

Janine: Uno musi naramutse nshikiriza aka gapapuro k’inkuru nziza abantu bo muri aka karere kanyu. Kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? Akawe ng’aka.

Sofiya: Kavuga ivy’Imana?

Janine: Egome. Urabona ko ng’aha hejuru hari ibibazo bitandatu. Muri ivyo bibazo, ni . . .

Sofiya: Rindira, rindira gatoya! Ntiwirirwe urata umwanya wawe umbwira ivy’Imana.

Janine: Kubera iki uvuze gutyo?

Sofiya: Nkubwije ukuri, sinemera n’uko Imana ibaho.

Janine: Urakoze kumbwiza ukuri. Nagomba nkwibarize: Ukwo kwoba ari ko wamye ubona ibintu?

Sofiya: Oya, nkiri umwana naraja gusenga. Mugabo haraheze igihe kirekire ntahonyozayo ikirenge.

Janine: Ndavyumva. Uzi ko nibagiye kwidondora! Jewe nitwa Janine.

Sofiya: Nanje nitwa Sofiya.

Janine: Urakoze, Sofi.

Sofiya: Ni ibisanzwe.

Janine: Mu bisanzwe Sofi, sinaje kugushiramwo ivyo nemera. Ariko hariho ikintu noshima kumenya. Hoba hariho ikintu kanaka catumye wiyumvira ko Imana itabaho?

Sofiya: Egome. Haraheze imyaka 17 mawe agize isanganya ry’umuduga.

Janine: Birababaje yemwe. Yoba yarakomeretse?

Sofiya: Ego yarakomeretse, kandi kuva ico gihe yaciye amugara.

Janine: Birateye agahinda. Bitegerezwa kuba vyaragutuntuje.

Sofiya: Emwe, ntubeshe! Ni co gituma nguma nibaza nti: “Nimba Imana ibaho, ni kubera iki yaretse ivyo bikanshikira? Kubera iki Imana ireka tukamererwa nabi gutya?”

VYOBA ARI BIBI KWIBAZA IGITUMA IREKA BIGASHIKA?

Janine: Ndatahura umubabaro ufise kandi n’ivyo bibazo vyawe birumvikana. Igihe dushikiwe n’ibintu bibabaje, ni ibisanzwe ko twibaza igituma biriko biradushikira. Ushima ari ukwo biri, hariho mbere abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya bibajije ico kibazo!

Sofiya: Ni vyo?

Janine: Ego cane. Ubona nokwereka akarorero kamwe muri Bibiliya?

Sofiya: Nobishima.

Janine: Raba ivyo umumenyeshakazoza w’umwizigirwa yitwa Habakuki yabajije Imana, nk’uko tubisoma muri Habakuki, ikigabane ca 1, umurongo wa 2 n’uwa 3. Hagira hati: “Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize? Kubera iki unyereka ibintu bibabaza?” Wumva ivyo bibazo bisa n’ivyo uhora wibaza?

Sofiya: Egome.

Janine: Imana ntiyigeze ihambarira Habakuki kubera yabajije ivyo bibazo, eka mbere ntiyabwiye Habakuki yuko yari akeneye gusa kurushiriza kugira ukwizera.

Sofiya: Uzi ko ari vyo!

YEHOVA BIRAMUBABAZA IYO TUMEREWE NABI

Janine: Bibiliya yigisha yuko Imana ibona imibabaro idushikira be n’uko ivyitaho.

Sofiya: Ushatse kuvuga iki?

Janine: Reka nkwereke akarorero ng’aha muri Kuvayo 3:7. Ubona wohasoma?

Sofiya: Nta kibazo. Havuga hati: “Nuko Yehova yongerako ati: ‘Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo.’ ”

Janine: Urakoze. Wisunze uwo murongo, Imana yoba ibibona igihe abasavyi bayo baba bariko baramererwa nabi?

Sofiya: Ndavye uko havuga, umengo irabibona.

Janine: Kandi ibidushikira ntibizi muri rusangi gusa. Subira urabe agace ka nyuma k’uwo murongo. Imana yavuze iti: [Ndazi] neza imibabaro barimwo.” Wumva ayo majambo yoba yavuzwe n’Imana itagira igishika canke impuhwe?

Sofiya: Oya, oya ni ukuri.

Janine: Ariko ntiwumve, kubona ikintu no kwumva kikubabaje ni ibintu bibiri bitandukanye.

Sofiya: Ni vyo.

Janine: Tugifise ico ciyumviro ku muzirikanyi, reka dusome ikindi canditswe kivuga ibijanye n’igihe abasavyi b’Imana bari bamerewe nabi. Ni muri Yesaya 63:9. Igice ca mbere c’uwo murongo kivuga giti: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.” Wumva none Imana yarababajwe n’ukuntu abasavyi bayo bari bamerewe?

Sofiya: Umengo ni ko herekana.

Janine: Ico womenya co Sofi, Imana iratwitaho cane, kandi iyo tumerewe nabi birayibabaza cane. Iyo tubabaye, na yo nyene irababara.

KUBERA IKI ITARABIHAGURUKIRA?

Janine: Imbere y’uko dutandukana, hari iciyumviro kimwe nagomba kugushikiriza.

Sofiya: Nta ngorane.

Janine: Raba ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ububasha Imana ifise. Umurongo nipfuza kukwereka ni Yeremiya 10:12. Ubona wohasoma?

Sofiya: Nta kibazo. Havuga hati: “Ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe, Umwe yagaranzura amajuru akoresheje ugutegera kwiwe.”

Janine: Urakoze. Reka tuzirikane gatoya kuri uyu murongo. Imana vyoba vyarayisavye ububasha bwinshi kugira ngo ireme ijuru n’isi be n’ibintu vyose biri muri vyo?

Sofiya: Cane nyene.

Janine: Nimba rero Imana ifise ububasha bwo kurema ibintu vyose tubona, wumva none tutokwitega ko ibigirako ububasha?

Sofiya: Ivyo birumvikana.

Janine: Subira wiyumvire ibijanye na nyoko wawe. Kubera iki bikubabaza kubona amerewe nabi?

Sofiya: Ni uko ndamukunda. Erega ni mawe!

Janine: None iyo uba ufise ububasha bwo kumukiza, ntiwomukijije?

Sofiya: Noyikuyeho nyene.

Janine: Iyumvire ico ivyo bitwigisha. Bibiliya ivuga yuko Imana ibona imibabaro yacu, ko biyibabaza, be n’uko ifise ububasha bw’akaburarugero. Iyumvire rero ukuntu Imana biyisaba kwigumya cane igihe ibonye imibabaro idushikira ariko ntice ubwo nyene igira ico ikoze ngo iyikureho?

Sofiya: Uzi ko ico kintu ntari bwigere ndaciyumvira!

Janine: Ubwo ntiyoba ifise imvo zumvikana zituma iba irabangiriye gukuraho ingorane dufise? *

Sofiya: Kumbure, ishobora kuba izifise.

Janine: Ndumva ko baguhamagaye kuri telefone. Reka ndabikebanure, nze ngaruke ikindi gihe dushishikare iki kiyago.

Sofiya: Urakoze. Bizompimbara. *

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ ing. 61 Nimba wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 64 Ikiganiro nk’iki kizokurikira kizoca irya n’ino igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro.