Ja ku birimwo

Kubera iki mugendera abantu basanzwe bifitiye idini?

Kubera iki mugendera abantu basanzwe bifitiye idini?

 Benshi mu basanzwe bifitiye idini twasanze bahimbarwa no kuyaga ivya Bibiliya. Ariko ntiwumve, turubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwemera ibitandukanye n’ivyacu, kandi nta we duhatira kwemera ubutumwa dushikiriza.

 Igihe tuyaga n’umuntu ivy’Imana, turagerageza gukurikiza impanuro Bibiliya itanga yo kuvugana “ubwitonzi” no kugaragaza “icubahiro kigera kure”. (1 Petero 3:15) Turitega ko hari abatakira ubutumwa dushikiriza. (Matayo 10:14) Ariko rero, ukuntu abantu bavyakira tubimenya ari uko tubayagishije. N’ikindi kandi, turatahura yuko uko ivy’abantu vyifashe guhinduka.

 Nk’akarorero, umuntu arashobora kuba afatiriwe ku buryo atoronka akanya ko kuyaga natwe ariko agashima ko twoyaga ikindi gihe. Hari n’abashikirwa n’ingorane canke bagaca mu bintu batari bwigere bacamwo, bigatuma bashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ni yo gituma twihatira kuyaga n’abantu incuro nyinshi.