Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KURONKA AMAHORO MU RUGO

Icogufasha kuzigama amahoro mu muryango

Icogufasha kuzigama amahoro mu muryango

WOBA wibaza ko Bibiliya yobafasha kuzigama amahoro mu rugo? Niwirabire ingene gukurikiza ivyo Bibiliya ivuga ari ngirakamaro nk’uko vyavuzwe n’abantu babajijwe ibibazo. Nugerageze kubona ivyiyumviro vyobafasha kwirinda amatati, kuzigama amahoro no gukomeza ubucuti mufitaniye.

IMPANURO ZO MURI BIBILIYA ZIREMESHA AMAHORO

MUTERANE ITEKA.

“Ata na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”Abafilipi 2:3, 4.

“Twasanze ari vyiza kubona ko uwo mwubakanye ahambaye kukuruta eka no kuruta abandi.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 19 yubatse.

NUTEGE YOMPI UWUNDI WITONZE.

“Ubandanye kubibutsa . . . kutaba abakunda kurwana, kuba abagira ibitegereka, berekana ubwitonzi bwose ku bantu bose.”Tito 3:1, 2.

“Turashobora kwirinda ingorane nyinshi igihe tutishura uwo twubakanye tubigiranye ishavu. Birahambaye ko umutega yompi kandi ugaha agaciro iciyumviro aseruye naho utoba ucemera.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 20 yubatse.

NIMUTSIMBATAZE UKWIHANGANA N’UBWITONZI.

“Biciye ku kwihangana umukomanda arayengayengwa, kandi ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa.”Imigani 25:15.

“Amatati ntazobura gushika, ariko ukuntu tuvyifatamwo ni vyo bihambaye. Turakeneye vy’ukuri kwihangana. Igihe tubigenjeje gutyo biragenda neza.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 27 yubatse.

NTIWUBAHUKE GUKORESHA INGUVU CANKE AMAJAMBO ABABAZA.

“Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.”Abakolosayi 3:8.

“Umugabo wanje arigumya bidasanzwe. Yama atekanye kandi ntiyigera ankankamira canke antuka.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 20 yubatse.

NIMWIHUTIRE KUBABARIRANA NO GUTORERA UMUTI INGORANE.

“Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”Abakolosayi 3:13.

“Igihe imitwe yashushe ntivyama vyoroshe kuguma utekanye kandi woshobora kuvuga canke gukora ikintu kibabaza uwo mwubakanye. Mu bihe nk’ivyo birahambaye cane kubabarirana. Umubano mwiza ugizwe n’abantu bababarirana.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 34 yubatse.

NIMUGIRE AKAMENYERO KO GUTANGA NO GUSANGIRA.

“Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. . . . Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako.”Luka 6:38.

“Umugabo wanje arazi ivyo nkunda, kandi yama ankorera utuntu twiza ntari ndavyiteze. Akenshi nanje nca nibaza nti: ‘Nokora iki kugira ndamunezereze?’ Ivyo bituma twama dusangira umunezero.”—Vyavuzwe n’uwumaze imyaka 44 yubatse.

NTUCIKE INTEGE.

Abo bantu babajijwe n’ikinyamakuru Be maso!, ni bake gusa mu bantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi Bibiliya yafashije kuba abaremesha amahoro mu ngo zabo. * Naho bamwebamwe mu bagize umuryango wabo boba bataborohereza, basanze ari ngirakamaro kwinanata bakaba indemeshamahoro kuko Bibiliya ivuga ko “abaremesha amahoro bagira umunezero.”Imigani 12:20.

^ ing. 24 Ushaka ayandi makuru yogufasha kumenya ingene wotuma mu rugo harangwa agahimbare raba ikigabane ca 14 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.pr418.com. Raba kandi ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ICOFASHA UMURYANGO.