Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mwobabarirana

Ingene mwobabarirana

INGORANE

Iyo ushwanye n’uwo mwubakanye, urakunda guca uzura akaboze, ukagarukana ivyigeze kukubabaza vyategerezwa kuba vyaramaze gutorerwa umuti. None ingorane iri he? Hari aho umwe muri mwebwe yoba atazi kubabarira mugenziwe canke ugasanga iyo ngorane muyifise mwempi.

Urashobora kwiga kubabarira uwo mwubakanye. Ariko rero, reka tubanze turimbure igituma umugabo n’umugore bishobora kubagora cane kubabarirana.

IKIBITERA

Ububasha. Hari abanka kubabarira abo bubakanye kugira ngo bagume babafiseko ububasha kanaka. Iyo rero havyutse ukutumvikana, baca bafatira ku vyigeze gushika kugira ngo biganzire abo bubakanye.

Inzika. Birashobora gufata igihe kirekire kugira ngo wibagire ikintu kibabaje uwo mwubakanye yagukoreye. Uwo mwubakanye yoshobora kuvuga ngo ‘ndakubabariye,’ mugabo akagumana inzika, kumbure akumva yipfuza cane kwihora.

Kuvunika umutima. Hari abantu bubaka izabo bafise icizigiro c’uko ubuzima bwabo buzomera nk’uko vyiganwa mu nkuru zivuga ivyerekeye urukundo. Iyo rero havyutse ukutumvikana, baguma bumiye ku vyiyumviro vyabo, ntibumve igituma uwo bahora biyumvira ko bakwiranye bishika ntabone ibintu kumwe na bo. Kwitega ibirenze urugero rero birashobora gutuma umuntu aguma arondera gutora uwundi amahinyu kandi bikamugora kumubabarira.

Gutahura ibintu ukutari ko. Abantu benshi barareka kubabarira abo bubakanye kubera ko batahura ukutari ko ico kubabarira bisobanura. Nk’akarorero, hari abiyumvira bati:

Ninamubabarira, nzoba ndengeje uruho rw’amazi ku kibi yankoreye.

Ninamubabarira, ntegerezwa guca nibagira ivyabaye.

Ninamubabarira, bizotuma aca arendegera.

Mu vy’ukuri, nta na kimwe muri ivyo vyiyumviro gisigura neza ico ari co kubabarira. Ariko ntiwumve, kubabarira uwundi birashobora kuba urugamba, na canecane hagati y’umugabo n’umugore.

 ICO WOKORA

Nutahure ico kubabarira bisobanura. Muri Bibiliya, akenshi ijambo “kubabarira” risobanura “kurekura,” ni ukuvuga kwihoza ikintu. Kubabarira rero ntivyama bisaba ko wibagira ikibi wakorewe canke ngo ukirenzeko uruho rw’amazi. Rimwe na rimwe bisobanura gusa ko ukeneye kwihoza ikintu kanaka, ku neza yawe n’uwo mwubakanye.

Numenye ingaruka z’ukutababarira uwundi. Hari abahinga bavuga ko kubika inzika bishobora gutuma ugira ingorane zitandukanye ku mubiri no mu mutima, ushizemwo ukurwara akabonge no kugira ingorane y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, tutiriwe turavuga ingene bimerera nabi umubano wawe. Birabereye kubona Bibiliya ivuga iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.”—Abanyefeso 4:32.

Numenye ivyiza biva ku kubabarira uwundi. Agatima ko guharira gatuma wewe n’uwo mwubakanye mutiyumvirana nabi, ntimugume muharura ibibi mukoreranira. Ivyo bituma wicungera ngo ntubike inzika, bigatuma kandi murushiriza gukundana.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:13.

Ntiwitege ibirenze. Usanga kubabarira uwo mwubakanye birushiriza kworoha igihe umukundira ivyiza bimurimwo, naho atabuze utunenge. Igitabu kimwe (Fighting for Your Marriage) kivuga yuko igihe uguma uraba amakosa y’uwo mwubakanye, bishobora gutuma wibagira ivyiza bimurimwo. Ico gitabu kibaza giti: “Ni ikihe none muri ivyo wipfuza kwibandako?” Niwibuke ko ata nyambo ibura agahonzi, na wewe urimwo.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 3:2.

Nukore ibitegereka. Nivyasubira gushika uwo mwubakanye akavuga canke agakora ikintu kikubabaza, uraca wibaza uti: ‘Ico kintu coba gihambaye vy’ukuri? Vyoba bikenewe ko ansaba imbabazi canke nkwiye gusa kwirengagiza ivyabaye, ubuzima bukabandanya?’—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Petero 4:8.

Nimubiganire nimba bikenewe. Nusigure uturuye icakubabaje be n’igituma cakubabaje. Ntufate ko yabikoranye umutima mubi canke ngo uvuge amajambo yo kumwagiriza, kuko ata co vyofasha uretse ugutuma uwo mwubakanye yihagararako. Aho kubigenza gutyo, nuvuge gusa ukuntu ivyo uwo mwubakanye yakoze vyatumye wiyumva.