Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA KANE

Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare

Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
  • Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu abe umunega mwiza?

  • Umugore yoshitsa neza gute ibanga ryo kuba inarugo?

  • Kuba umuvyeyi mwiza bisaba iki?

  • Abana bashobora gute kugira ico baterereye kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare?

1. Ni igiki gituma mu rugo harangwa agahimbare?

YEHOVA IMANA ashaka ko mu rugo iwanyu harangwa agahimbare. Ijambo ryiwe Bibiliya riraha ubuyobozi umwe wese mu bagize urugo, rikadondora uruhara Imana ishaka ko umwumwe wese arangura. Mu gihe abagize urugo barangura uruhara rwabo mu buryo buhuye n’impanuro zitangwa n’Imana, haravamwo ivyiza vyinshi. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:28.

2. Kugira ngo mu rugo iwacu harangwe agahimbare, bisaba ko twemera iki?

2 Kugira ngo mu rugo iwacu harangwe agahimbare, ahanini bisaba ko twemera yuko ingo zose zikomoka kuri Yehova, umwe Yezu yise “Dawe wa twese.” (Matayo 6:9) Ingo zose zo kw’isi ziriho kubera ko Dawe wa twese wo mw’ijuru yabigomvye; ni co gituma ategerezwa kuba azi ivyotuma zibamwo agahimbare. (Abanyefeso 3:14, 15) None Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’uruhara rw’umwumwe wese mu bagize urugo?

IMANA NI YO YATANGUJE URUGO

3. Bibiliya idondora gute ukuntu urugo rwatanguye, kandi tuzi gute ko ivyo ivuga ari ivy’ukuri?

3 Yehova yararemye abantu ba mbere ari bo Adamu na Eva, hanyuma arabahuza baba umugabo n’umugore. Yabashize mw’Iparadizo y’akaroruhore kw’isi, ari wo wa murima wa Edeni, ngo abe ari ho baba maze ababwira ngo barondoke. Yehova yavuze ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:26-28; 2:18, 21-24) Uwo si umugani gusa canke igitito, kubera ko Yezu yerekanye yuko ibivugwa mw’​Itanguriro ku bijanye n’intango y’ubuzima bwo mu rugo ari ivy’ukuri. (Matayo 19:4, 5) Naho dushikirwa n’ingorane nyinshi kandi ubuzima bwo muri iki gihe bukaba butameze nk’uko Imana yari yashatse ko bumera, reka turabe igituma bishoboka ko mu rugo harangwa agahimbare.

4. (a) Umwumwe wese mu bagize urugo, ashobora gute kugira ico aterereye kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare? (b) Ni kubera iki kwiga ivyerekeye ubuzima bwa Yezu bihambaye cane kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare?

4 Umwumwe wese mu bagize urugo arashobora kugira ico aterereye kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare, mu kwigana Imana mu bijanye no kugaragaza urukundo. (Abanyefeso 5:1, 2) Ariko none, dushobora gute kwigana Imana kandi tudashobora no kuyibona? Turashobora kumenya ingene Yehova akora ibintu kubera ko yarungitse Umwana wiwe w’imfura ng’aha kw’isi avuye mw’ijuru. (Yohani 1:14, 18) Igihe uwo Mwana Yezu Kristu yari ng’aha kw’isi, yariganye neza na neza Se wiwe wo mw’ijuru ku buryo umuntu abonye Yezu akongera akamwumviriza ari nk’aho yaba ari kumwe na Yehova amwumviriza. (Yohani 14:9) Ku bw’ivyo, umwumwe wese muri twebwe yize ivyerekeye urukundo Yezu yagaragaje akongera agakurikiza akarorero kiwe, arashobora gutuma mu rugo harushiriza kurangwa agahimbare.

AKARORERO ABAGABO BOKWIGANA

5, 6. (a) Ni gute uburyo Yezu afata ishengero ari akarorero ku bagabo? (b) Umuntu yokora iki kugira ngo ababarirwe ibicumuro?

5 Bibiliya ivuga ko abagabo bakwiye gufata abagore babo nk’uko Yezu afata abigishwa biwe. Raba ubu buyobozi Bibiliya itanga: “Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura . . . Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero.”​Abanyefeso 5:23, 25-29.

6 Urukundo Yezu akunda ishengero ryiwe rigizwe n’abigishwa biwe, ni akarorero ntangere ku bagabo. Yezu “yarabakunze gushika kw’iherezo,” aratanga ubuzima bwiwe ku bwabo, naho batari batunganye. (Yohani 13:1; 15:13) Muri ubwo buryo nyene, abagabo bahimirizwa ngo: “Mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi.” (Abakolosayi 3:19) Ni igiki cofasha umugabo gushira mu ngiro iyo mpanuro, canecane igihe bishitse umugore wiwe ntakorane ukwiyubara? Umugabo akwiye kwibuka ko na we nyene akora amakosa, akanibuka ico ategerezwa gukora kugira ngo ababarirwe n’Imana. Ico kintu ni ikihe? Ategerezwa kubabarira abamucumurako, muri abo hakaba harimwo n’umugore wiwe. Birumvikana ko n’uwo mugore akwiye kugira gutyo nyene. (Soma Matayo 6:12, 14, 15.) Woba ubona igituma hari abavuze ko urugo rurama igihe rugizwe n’abantu babiri bama bababarirana babikuye ku mutima?

7. Ni ibiki Yezu atirengagiza, aba ahaye akarorero akahe abagabo?

7 Vyoba vyiza abagabo bibutse ko Yezu yamye yitwararika abigishwa biwe. Ntiyirengagiza ko bafise aho bageza be n’uko hari ivyo bakenera mu vy’umubiri. Nk’akarorero, igihe bari barushe, yavuze ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.” (Mariko 6:30-32) Abagore na bo nyene barakenera kwitwararikwa bivuye ku mutima. Bibiliya ivuga ko ari “icombo kirushirije kuba goyigoyi,” abagabo bakaba basabwa kubatera “iteka.” Kubera iki? Kubera ko abagabo n’abagore bose bagirirwa “ubutoni ata wari abukwiriye bw’ubuzima” ku rugero rumwe. (1 Petero 3:7) Abagabo bakwiye kwibuka yuko igituma umuntu agira agaciro ku Mana atari uko aba ari umugabo canke umugore, ahubwo ari uko aba ari umwizigirwa.​—Zaburi 101:6.

8. (a) Ni mu buryo ubuhe umugabo “[a]kunda umugore wiwe aba yikunda”? (b) Kuba umugabo n’umugore bagize “umubiri umwe” bisobanura iki?

8 Bibiliya ivuga ko umugabo “[a]kunda umugore wiwe aba yikunda.” Ivyo ni ko biri kubera yuko, nk’uko Yezu yavyerekanye, umunega n’umukenyezi wiwe “bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe.” (Matayo 19:6) Ku bw’ivyo, nta wundi muntu bakwiye kwitwararika mu vy’igitsina atari uwo bubakanye. (Imigani 5:15-21; Abaheburayo 13:4) Ivyo boshobora kubishikako mu gihe umwe wese yitwararika ivyo mugenziwe akeneye. (1 Abakorinto 7:3-5) Kino ciyumviro twibutswa kirahambaye: “[N]ta muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.” Abagabo barakwiye gukunda abagore babo nk’uko bikunda, bakibuka ko na bo hari ico babazwa n’umutwe wabo, ari we Yezu Kristu.​—Abanyefeso 5:29; 1 Abakorinto 11:3.

9. Ni kamere iyihe Yezu yari afise ivugwa mu Bafilipi 1:8, kandi ni kubera iki abagabo bakwiye kuyigaragariza abagore babo?

9 Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye ‘ikibabarwe Kristu Yezu afise.’ (Abafilipi 1:8) Ikibabarwe Yezu yari afise yari kamere iruhura, ikaba yarahimbara abagore baba bacitse abigishwa biwe. (Yohani 20:1, 11-13, 16) Kandi abagore baripfuza cane ko abagabo babo babagirira ikibabarwe.

AKARORERO ABAGORE BOKWIGANA

10. Yezu abera gute akarorero abagore?

10 Urugo ni ishirahamwe, kandi kugira ngo rikore neza rirakenera umutwe. Na Yezu arafise Umutwe ayobokera. “Umutwe wa Kristu . . . ni Imana” nk’uko nyene “umutwe w’umugore [ari] umugabo.” (1 Abakorinto 11:3) Ukuntu Yezu ayobokera Imana ari yo mutwe wiwe, ni akarorero keza kubera ko twese dufise umutwe dutegerezwa kuyobokera.

11. Umugore akwiye kugira inyifato iyihe imbere y’umugabo wiwe, kandi iyo nyifato ishobora kuvamwo iki?

11 Kubera ko abagabo badatunganye, barakora amakosa kandi akenshi ntibarangura neza uruhara rwabo rwo kuba umutwe w’urugo. None umugore akwiye gukora iki? Ntakwiye gukengera ivyo umugabo wiwe akora canke ngo agerageze gufata ikibanza ciwe co kuba umutwe. Vyoba vyiza umugore yibutse yuko umutima utekereje kandi witonda ari wo ufise agaciro kanini imbere y’Imana. (1 Petero 3:4) Agaragaje uwo mutima, azosanga birushirije kumworohera kuyoboka mu buryo bushimwa n’Imana, eka mbere no mu bihe bigoye. Vyongeye, Bibiliya ivuga iti: “Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) Ariko none vyogenda gute hamwe umugabo atoba yemera ko Kristu ari we mutwe wiwe? Bibiliya ihimiriza abagore iti: “Muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo, kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye ziri kumwe n’icubahiro kigera kure.”​1 Petero 3:1, 2.

12. Ni kubera iki atari bibi ko umugore aserura iryo agona abigiranye icubahiro?

12 Umugore, yaba asangiye canke adasangiye ukwemera n’umugabo wiwe, ntaba agaragaje ko amukengera mu gihe ashikirije iciyumviro gitandukanye n’iciwe abigiranye urupfasoni. Iciyumviro c’uwo mugore coshobora kuba ari co, kandi kikaba cokwungura umuryango wose umugabo aramutse amuteze yompi. Igihe Aburahamu atemera ivyo umugore wiwe Sara amubwiye hamwe Sara yerekana ingene ingorane imwe yari mu rugo rwabo yotorerwa umuti, Imana yabwiye Aburahamu iti: “Umviriza ijwi ryiwe.” (Soma Itanguriro 21:9-12.) Ariko ntiwumve, igihe umugabo afashe ingingo ya nyuma, ikaba idateye kubiri n’itegeko ry’Imana, umugore wiwe aragaragaza ko ayoboka mu kuyishigikira.​—Ivyakozwe 5:29; Abanyefeso 5:24.

Ni akarorero keza akahe Sara yasigiye abagore?

13. (a) Muri Tito 2:4, 5 hahimiriza abagore bubatse gukora iki? (b) Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ugutandukana n’ukwahukana?

13 Igihe umugore ashitsa uruhara rwiwe, arashobora kurangura ibitari bike ku bijanye no kubungabunga urugo. Nk’akarorero, Bibiliya yerekana ko abagore bubatse bategerezwa ‘gukunda abagabo babo, gukunda abana babo, kuba abaroranye mu muzirikanyi, abatanduye, abitwararika ibikorwa vyo mu rugo, abameze neza, abayobokera abagabo babo bwite.’ (Tito 2:4, 5) Umugore akaba na inabibondo akora gutyo, azokwama akundwa kandi yubahwa n’abo mu rugo rwiwe. (Soma Imigani 31:10, 28.) Ariko rero, kubera ko umubano w’ababiranye uba ugizwe n’abantu badatunganye, hoshobora gushika ibintu bikomeye vyotuma batandukana canke bahukana. Bibiliya iremera ko mu bihe kanaka abubakanye bashobora gutandukana. Yamara, ingingo yo gutandukana si iyo gupfa gufata, kubera ko Bibiliya ihanura iti: “Umugore [ntavane] n’umugabo wiwe; . . . kandi umugabo ntakwiye guta umugore wiwe.” (1 Abakorinto 7:10, 11) Vyongeye, igihe umwe mu bubakanye arenze ibigo, ni ho gusa Ivyanditswe vyemera ko habaho ukwahukana.​—Matayo 19:9.

AKARORERO NTANGERE KU BAVYEYI

14. Yezu yafata abana gute, kandi ni ibiki abana bakenera ko abavyeyi babo bagira?

14 Yezu yarahaye abavyeyi akarorero ntangere mu kuntu yafata abana. Mu gihe abandi bariko baragerageza kubuza abana ngo ntibegere Yezu, we yavuze ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza.” Bibiliya ivuga yuko yaciye “afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza.” (Mariko 10:13-16) Ko Yezu yamarana umwanya n’abana bakiri bato, ntukwiye none kubigenza gutyo ku bahungu bawe n’abakobwa bawe? Ico bakeneye si ukuza baramarana nawe akanya gatoya, ahubwo bakeneye kuza baramarana nawe umwanya munini. Urakeneye gufata umwanya wo kubigisha, kubera yuko ivyo ari vyo Yehova ategeka abavyeyi.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:4-9.

15. Abavyeyi bakwiye gukora iki kugira ngo bakingire abana babo?

15 Kubera ko isi igenda irushiriza kwononekara, abana barakeneye ko abavyeyi babo babakingira abantu barondera kubagirira nabi, nk’abarondera kubashurashuza. Raba ingene Yezu yakingiye abigishwa biwe, abo yitana urukundo “abana bato.” Igihe Yezu yafatwa akaba yari agiye kwicwa, yarabarondereye ukuntu bova mu vyara vy’abamufashe. (Yohani 13:33; 18:7-9) Kubera ko uri umuvyeyi, urakeneye kuba maso ukamenya ibintu Shetani agerageza gukoresha kugira ngo agirire nabi abana bawe. Ukwiye kubaburira. * (1 Petero 5:8) Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, barabangamiwe ku mubiri, mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu.

Abavyeyi bashobora kwigira iki ku kuntu Yezu yafata abana?

16. Abavyeyi bashobora kwigira iki ku kuntu Yezu yatorera umuti ingorane zaterwa n’uko abigishwa biwe batari batunganye?

16 Buca Yezu apfa, abigishwa biwe barahaririye ku vyerekeye uwari mukuru muri bo. Aho kubatatira, Yezu abigiranye urukundo yabandanije gutuma bazirikana akoresheje amajambo n’ibikorwa. (Luka 22:24-27; Yohani 13:3-8) Nimba uri umuvyeyi, woba ubona ingene ukwiye kwigana akarorero ka Yezu mu buryo ukosora abana bawe? Ego ni ko, barakeneye gutozwa indero, mugabo ikwiye gutangwa “ku rugero rubereye,” ntiyigere itanganwa ishavu. Ntivyoba vyiza uvuze utiyumviriye “nk’aho uvuganye ugusogota kw’inkota.” (Yeremiya 30:11; Imigani 12:18) Indero ikwiye gutangwa mu buryo umwana wawe mu nyuma azobona ko yari ibereye koko.​—Abanyefeso 6:4; Abaheburayo 12:9-11.

AKARORERO ABANA BOKWIGANA

17. Ni mu buryo ubuhe Yezu yasigiye abana akarorero ntangere?

17 Abana boba bashobora kugira ico bigiye kuri Yezu? Cane nyene. Biciye ku karorero kiwe, Yezu yarerekanye ukuntu abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo. Yavuze ati: “Nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga.” Yongeyeko ati: “Nama nkora ibimuhimbara.” (Yohani 8:28, 29) Yezu yaragamburukira Se wiwe wo mw’ijuru, kandi Bibiliya isaba abana kugamburukira abavyeyi babo. (Soma Abanyefeso 6:1-3.) Naho Yezu yari umwana atunganye, yaragamburukira abavyeyi biwe bo ng’aha kw’isi ari bo Yozefu na Mariya, bano bakaba batari batunganye. Nta gukeka ko ivyo vyatuma abo mu rugo iwabo bose bahimbarwa.​—Luka 2:4, 5, 51, 52.

18. Ni kubera iki Yezu yama agamburukira Se wiwe wo mw’ijuru, kandi ni nde ahimbarwa igihe abana bagamburukiye abavyeyi babo muri iki gihe?

18 Abana boba bashobora kubona uburyo borushiriza kumera nka Yezu, bigatuma bahimbara abavyeyi babo? Ni ivy’ukuri ko abakiri bato boshobora rimwe na rimwe kwibaza ko bitoroshe kugamburukira abavyeyi babo, yamara ivyo ni vyo Imana ibasaba. (Imigani 1:8; 6:20) Yezu yamye nantaryo agamburukira Se wiwe wo mw’ijuru n’igihe ibintu vyaba bigoye. Igihe kimwe, aho Imana yagomba ko Yezu akora ikintu kigoye bimwe bidasanzwe, Yezu yavuze ati: “Igizayo iki gikombe [ni ukuvuga ikintu kanaka yasabwa] kimveko.” Ariko rero, Yezu yarakoze ivyo Imana yasavye, kubera yatahura ko Se wiwe ari we yari azi ikibereye kuruta. (Luka 22:42) Abana nibiga kugamburuka bazohimbara abavyeyi babo bongere bahimbare Se wabo wo mw’ijuru. *​—Imigani 23:22-25.

Abakiri bato bakwiye guca bibaza iki igihe bohejwe nabi?

19. (a) Shetani yosha gute abana? (b) Igihe abana bigenjeje nabi bishobora gukora iki ku bavyeyi?

19 Shetani yaroheje Yezu, kandi nta gukeka ko azokwosha abakiri bato gukora ibitabereye. (Matayo 4:1-10) Shetani wa Mubesheranyi arakoresha akosho k’urunganwe, hakaba hari igihe usanga bitoroshe kukananira. Ese ukuntu bihambaye rero ko abana bareka kwifatanya n’abakora ibibi! (1 Abakorinto 15:33) Dina umukobwa wa Yakobo yarifatanya n’abantu batasenga Yehova, ivyo bikaba vyarakweze ingorane nyinshi. (Itanguriro 34:1, 2) Niwibaze ukuntu abagize urugo bababara igihe umwe muri bo yisutse mu vy’ubuhumbu.​—Imigani 17:21, 25.

IKINTU NYAMUKURU GITUMA URUGO RUGIRA AGAHIMBARE

20. Kugira ngo habe agahimbare mu rugo, umwe wese mu barugize ategerezwa gukora iki?

20 Ingorane zo mu rugo ziroroha gutunganya igihe impanuro zo muri Bibiliya zikurikizwa. Nkako, gushira mu ngiro impanuro nk’izo ni co kintu nyamukuru gituma urugo rugira agahimbare. Bagabo, nimukunde rero abagore banyu, mubafate nk’uko Yezu yafata ishengero. Bagore, nimuyobokere ubukuru bw’abagabo banyu, mukurikize akarorero ka wa mugore abishoboye avugwa mu Migani 31:10-31. Bavyeyi, nimurere abana banyu. (Imigani 22:6) Ba sebibondo, ‘nimuhagarikire neza urugo rwanyu.’ (1 Timoteyo 3:4, 5; 5:8) Namwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu. (Abakolosayi 3:20) Nta n’umwe mu bagize urugo atunganye, kuko bose bakora amakosa. Mukwiye rero kwicisha bugufi, mukaza murasabana ikigongwe.

21. Ni ibintu vy’akaroruhore ibihe twiteze, kandi dushobora gute kugira agahimbare mu rugo muri iki gihe?

21 Mu vy’ukuri, Bibiliya irimwo impanuro nyinshi n’ubuyobozi bwinshi bifise agaciro, vyerekeye ubuzima bwo mu rugo. Vyongeye, iratwigisha ibijanye n’isi nshasha y’Imana hamwe n’Iparadizo izoba iri kuri iyo si yuzuyemwo abantu bahimbawe basenga Yehova. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Mbega ibintu vy’akaroruhore twiteze! No muri iki gihe nyene, turashobora kugira agahimbare mu rugo mu gushira mu ngiro ubuyobozi Imana itanga dusanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.

^ ing. 15 Kugira ngo umuntu amenye ingene yokingira abana, yokwifashisha ikigabane ca 32 c’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 18 Umuvyeyi asavye umwana kurenga kw’itegeko ry’Imana, ni ho gusa bitoba ari bibi umwana agambaraye.​—Ivyakozwe 5:29.