Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene wotega yompi uwo mwubakanye

Ingene wotega yompi uwo mwubakanye

INGORANE

Uwo mwubakanye akubwiye ati: “Nturiko urantega ugutwi!” Nawe uciye wibwira uti: ‘Nari ndamuteze ugutwi.’ Ariko rero, biboneka ko ivyo wumvise bitandukanye n’ivyo uwo mwubakanye yariko aravuga. Ivyo biciye bituma havyuka ibindi bihari.

Woshobora kwirinda ayo matati. Ariko rero, urakwiye kubanza gutahura igituma vyoshika ntiwumve ibintu bimwebimwe bihambaye mu vyo uwo mwubakanye avuga, n’igihe woba wibaza ko uriko uramutega ugutwi.

IKIBITERA

Gusamara, uburuhe, canke vyompi. Dufate ko abana bariko baravuza urwamo, imboneshakure na yo iriko iravuga cane, nawe ukaba uriko uriyumvira ingorane yagushikiye ku kazi. Uwo mwubakanye aciye atangura kukuyagisha akubwira ivyerekeye abashitsi baza kubagendera ku mugoroba. Uremeye mu kuzunza umutwe; ariko none, woba wumvise vy’ukuri ivyo akubwiye? Hari aho utoba wavyumvise.

Kwibwira ibintu bitari vyo. Umuntu arashobora kwihenda mu kwibwira ivyo uwundi yiyumvira. Iyo uwo mwubakanye avuze ikintu, ushobora kuba uca wibwira ko hari ikindi ashatse kuvuga, mugabo mu vy’ukuri ukaba woba uriko urarenza urugero. Dufate nk’akarorero ko uwo mwubakanye avuze ati: “Muri iyi ndwi akazi karagutwaye cane.” Uciye ufata ko agutoye amahinyu, ukavuga uti: “Si ikosa ryanje! Ntegerezwa gukora amasaha menshi kubera ko usesagura ivy’umuryango.” Na we aciye ashira ijwi hejuru ati: “Sinariko ndakwagiriza!” Mu bisanzwe yabivuze ashaka gusa kugusaba ko mwofata akanya ko kwiruhura muri kumwe mu mpera y’umushamvu.

Kwihutagiza gutorera umuti ingorane. Umukenyezi yitwa Marcie * avuga ati: “Hari aho mba nipfuza gusa guserura ukuntu niyumva, ariko Mike agashaka kumbwira ico nokora. Simba nshaka ko aca ambwira ico nokora, ahubwo mba nshaka ko amenya ingene niyumva.” None ingorane ihagaze he? Mike mu bwenge yihutira kurondera umuti w’ingorane. Ivyo vyoshobora gutuma hagira ibimucika mu vyo Marcie avuga canke ntiyumvemwo na kimwe.

Igitera iyo ngorane caba ikihe, wokora iki kugira ngo urushirize gutega ugutwi uwo mwubakanye?

ICO WOKORA

Numutege yompi. Uwo mwubakanye arafise ikintu gihamba- ye agomba kukubwira. Woba none witeguriye kumwumviriza? Hari aho utoba uvyiteguriye. Ubwenge bwawe bushobora kuba buri ku kindi kintu. Mu gihe vyifashe gutyo, ntiwigire nk’aho uriko uramwumviriza. Nimba bishoboka, nuhagarike ivyo uriko urakora uheze utege yompi uwo mwubakanye, canke kumbure umusabe arindire gushika igihe uza kuba ushoboye kwumwumviriza.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yakobo 1:19.

Nimwumvikane ko muza guhanahana ijambo. Igihe uriko urumviriza, niwirinde guciramwo uwo mwubakanye canke kumuhaririza. Nawe uraza kuronka akaryo ko kuvuga. Nutege ugutwi gusa.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 18:13.

Nubaze utubazo. Ivyo bizotuma urushiriza gutahura ivyo uwo mwubakanye avuga. Wa mukenyezi Marcie twavuga, agira ati: “Birandyohera iyo Mike abajije utubazo. Binyereka ko aba yitayeho ivyo ndiko ndavuga.”

Gerageza gutahura ico ashaka kuvuga, aho kwibanda ku vyo avuze gusa. Numurabe mu maso, urabe n’ibimenyetso vy’umubiri be n’ijwi akoresha, ugerageze gutahura ico bisigura. Arashobora kuvuga ngo “Ni sawa” ariko mu vy’ukuri avuze ngo “Si sawa” bivanye n’ukuntu abivuze. Yoshobora kuvuga ngo “Ntiwigera unsaba ngo umfashe,” mu vy’ukuri ashaka kuvuga ngo “Mbona umengo ntumbabaye.” Nugerageze gutahura ico ashaka kuvuga vy’ukuri n’igihe ataba yakivuze. Ahandi ho mwoshobora kuja mu vyo guharira ku vyo yavuze aho kwibanda ku co bisobanura.

Nugume uteze yompi. Ntiwizibe amatwi canke ngo uce wigira, n’igihe ivyo avuze bitakunezereye. Nk’akarorero, vyogenda gute nk’igihe uwo mwubakanye ariko arakunegura? Uwitwa Gregory amaze imyaka irenga 60 yubatse, atanga impanuro igira iti: “Nugume uteze yompi. Nushire umutima ku vyo uwo mwubakanye aba ariko aravuga. Ivyo bisaba kuba umuntu akuze mu vyiyumviro, ariko biravamwo ivyiza.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 18:15.

Niwitwararike bivuye ku mutima uwo mwubakanye. Gutega ugutwi witonze si ubuhinga gusa, ariko kandi ni ikintu kiranga urukundo. Igihe witwararika vy’ukuri ivyo uwo mwubakanye avuga, kumutega ugutwi bica vyoroha kandi bikarushiriza kuba ibintu vyizana. Ubigenjeje gutyo, uzoba ukurikije iyi mpanuro Bibiliya itanga igira iti: “Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.”Abafilipi 2:4, Bibiliya Yera.

^ par. 9 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.