Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Akazi

Akazi

Naho Bibiliya ari igitabu ca kera, impanuro itanga ntizita igihe. Ivyo ivuga ku bijanye n’akazi n’ubu biracari ngirakamaro nk’uko vyari igihe yandikwa.

Dukwiye kubona gute akazi?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Akazi gategerezwa gufata ikibanza ca mbere mu buzima bwawe nimba udashaka kugatakaza. Kubona ibintu gutyo vyaratumye bamwe batwarwa cane n’akazi ku buryo bibagira imiryango yabo n’amagara yabo.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iradufasha kubona ibijanye n’akazi mu buryo bwiza. Iravuga neza abantu bakorana umwete, ikarwanya ubunebwe. (Imigani 6:6-11; 13:4) Ariko rero, Bibiliya ntituremesha gutwarwa n’akazi, ahubwo ituremesha kuza turafata akanya tukaruhuka. Mu Musiguzi 4:6 havuga hati: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” Ntidukwiye rero gutwarwa cane n’akazi ku buryo twibagira imiryango yacu canke amagara yacu. Nta co vyoba bimaze gukora gushika aho utabuka!

“Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.”Umusiguzi 2:24.

Woba ukwiye gukora akazi ako ari ko kose?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Nimba karimwo umutamiro, ubuzwa n’iki kugakora? Ico ciyumviro hamwe n’agatima abantu bafise ko kuronka amahera menshi, vyaratumye bamwebamwe baja mu rudandaza rurimwo ubusuma canke bakora akazi katemewe n’amategeko.

Abandi na bo bemera gukora gusa akazi kabaryohera. Nimba akazi bakora atari ko bamye bipfuza canke nimba katabaryohera, baca babona ko karambira. Ivyo bituma babona nabi akazi bakora kandi ntibagakorane umwete. Bashobora mbere kwanka akazi kari keza kubera gusa biyumvira ko bakarengeye.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iriyamiriza akazi karimwo ubusuma canke gatuma umuntu arenganya abandi. (Abalewi 19:11, 13; Abaroma 13:10) Akazi keza karagirira abandi akamaro, kagatuma nyene kugakora “[agira] ijwi ryo mu mutima ryiza.”1 Petero 3:16.

Bibiliya yerekana kandi ko intumbero nyamukuru y’akazi atari ukwumva ko hari ico umaze, ahubwo ko ari ukuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye. Naho atari bibi kuryohererwa akazi ukora, ntukwiye kukihebera.

“Dawe afise akazi kenshi. Uretse akazi asanzwe akora, arafise ibikorwa ajejwe mw’ishengero turimwo ry’Ivyabona vya Yehova. Naho ari ukwo, ibikorwa vyiwe abikora neza. Arakora ivyo baba bamusavye ariko akadusigariza umwanya jewe, mukuru wanje na mawe. Dawe yama afise ivyo akora ariko ntiyigera atwarwa n’akazi.”—Alannah.

Birumvikana ko igihe amahera ataye agaciro canke ibiciro biduze twoshobora kwibaza ingene tuzotunga imiryango yacu, ariko Bibiliya ituremesha kworosha ubuzima. Ivuga iti: “Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Timoteyo 6:8) Ivyo ntibisobanura ko dukwiye kubaho nk’abantu bagowe. Naho ari ukwo, ntidukeneye gutunga ibintu vy’umurengera.Luka 12:15.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Nube umunyamwete ku kazi kandi ukiteho. Naho akazi ukora koba kabayabaye canke ntikabe ari ko wamye wipfuza, niwihatire kugakora neza. Gukorana umwete bituma wumva ko hari ico umaze kandi gukora neza vyoshobora gutuma urushiriza gukunda akazi kawe.

Ariko rero, nturenze urugero. Nuze urafata akanya ko kuruhuka. Ivyo birakenerwa canecane igihe uba wakoze rwose. Vyongeye, kwironsa ivyo dukeneye bituma twumva ko hari ico tumaze, bikanatuma abandi batwubaha, ushizemwo n’umuryango wacu.2 Abatesalonika 3:12.

“Ntimukigere mwiganyira ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ . . . So wo mw’ijuru a[ra]zi ko ivyo vyose mubikenera.”Matayo 6:31, 32.