Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba utakironka umwanya kubera akazi?

Woba utakironka umwanya kubera akazi?

Woba ubona ko ata mwanya ufise? Nimba ari ukwo, uri mu bandi. Ikinyamakuru kimwe kivuga giti: “Abantu bose hirya no hino kw’isi basa n’abatagira umwanya.”

MU 2015 hari itohoza ryagizwe mu bihugu umunani ku bantu bakora imisi yose. Abenshi bavuze ko bigoye cane gushitsa ivyo basabwa ku kazi no mu miryango yabo. Mu mvo batanze harimwo ibikorwa vyiyongereye ku kazi canke muhira, iduzwa ry’ibiciro be no gukora amasaha menshi. Nk’akarorero, muri Amerika abakozi bakora imisi yose bavuga ko bakora nk’amasaha 47 buri ndwi. Hafi umuntu 1 kuri 5 avuga ko akora amasaha 60 canke arenga.

Mu rindi tohoza ryagizwe mu bihugu 36, abarenga ica kane c’ababajijwe bavuze ko akenshi bama bakora ibintu bihutagiza n’igihe bari kwisamaza. Ivyo birashobora gushika no ku bana igihe bafise ibikorwa vy’urutavanako.

Igihe twama tugerageza gukora ibintu birengeye umwanya dufise, birashobora gutuma dushuha umutwe kubera ukwiruka n’umwanya. Ariko none vyoba bishoboka ko dukoresha neza umwanya wacu? Kuraba neza ivyo twiyumvira, amahitamwo yacu n’imigambi dufise hari ico vyodufasha? Reka tubanze turabe impamvu zine zituma abantu bakora birenze urugero.

1 ICIPFUZO CO GUFATA NEZA UMURYANGO

Umuvyeyi umwe yitwa Gary avuga ati: “Nakora kuva ku wa mbere gushika ku wa mungu. Ivyo nabigira kubera nama ndondera guha abana banje ibintu vyiza. Nipfuza ko baronka ivyo ntigeze ndonka.” Naho abavyeyi baba barondera ineza y’umuryango, barakwiye gusuzuma ivyo bashira imbere y’ibindi. Hari ivyigwa vyerekana ko abato n’abakuze bashira umutima cane ku butunzi usanga batagira umunezero, batabumbwa n’ivyo bafise kandi bagira amagara make ubagereranije n’abatiruka inyuma y’amaronko.

Amatungo si yo atuma abana bahimbarwa mu buzima

Hari abavyeyi bakora bakarenza bagakoresha cane n’abana babo ngo kugira babaronderere kazoza keza. Naho abo bavyeyi baba bipfuriza ineza abana babo, igitabu kimwe kivuga ko ivyo bituma bo ubwabo n’abana babo bahabonera.

2 NGO GUTUNGA VYINSHI NI BWO BUZIMA

Abahayanisha ibidandazwa baragerageza kutujijura ko tutaguze ibintu bigezweho bagurisha, hari ico tuba turiko turahomba. Ca kinyamakuru twavuga mu ntango gisigura ko “kuba haguma hasohoka ibintu vyinshi bituma abantu babona ko badafise umwanya ukwiye” kubera ko “bibagora guhitamwo ico bagura, ico bafungura canke ico baraba” mu mwanya muto baba bafise.

Mu 1930, hari umuhinga umwe mu vy’ubutunzi yavuze ko iterambere ry’ubuhinga bwa none rizotuma abakozi baronka umwanya wiyongereye wo kwisamaza. Emwe yarihenze basi! Umwanditsi w’ikinyamakuru kimwe yitwa Elizabeth Kolbert yavuze ko “aho kuva [ku kazi] hakiri kare,” usanga abantu bakora amasaha menshi kubera “baguma bipfuza ibintu bishasha,” kandi bibatwara umwanya n’amahera.

3 KURONDERA KUNEZEREZA ABANDI

Hari abakozi bamara amasaha menshi bakora bagatama kugira banezereze abakoresha babo. Hari n’igihe abo mukorana batuma wiyagiriza kubera udakora amasaha menshi nka bo, ugaca wumva wobigana. N’ikindi kandi, kuba ivy’ubutunzi biguma bihindagurika bituma abantu bemera gukora amasaha menshi canke bakama biteguriye kuja ku kazi umwanya uwo ari wo wose.

Abavyeyi na bo nyene barashobora kwipfuza kumera nk’abandi bavyeyi bakora cane birenze. Igihe batabigize, boshobora kwiyagiriza bakabona ko hari ivyo bima abana babo.

4 KWUBAHWA NO KWUMVA KO HARI ICO UMAZE

Tim wo muri Amerika avuga ati: “Narakunda akazi kanje kandi nahakwa kukiyahurirako. Numva ntegerezwa kwerekana ko ndagashoboye.”

Cokimwe na Tim, benshi babona ko hari ico bamaze igihe bafise vyinshi birukamwo. None vyavuyemwo iki? Elizabeth Kolbert umwe twavuga, agira ati: “Kwiruka cane inyuma y’ubuzima bisigaye bihabwa agaciro kanini mu kibano. Igihe wiruka cane ni ho babona ko uhambaye.”

NIWIGE KUTARENZA URUGERO

Bibiliya iraturemesha kuba abanyamwete no gukora cane. (Imigani 13:4) Ariko kandi iraturemesha kutarenza urugero. Mu Musiguzi 4:6 hagira hati: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”

Kutarenza urugero biraturinda amaganya kandi bituma tugira amagara meza. None vyoba bishoboka ko tugira ivyo duhevye canke tukagabanya umuvuduko? Cane nyene. Raba ibintu bine vyodufasha.

1 TOMORA IMIGAMBI UFISE N’IBIHAMBAYE KURI WEWE

Ni ibisanzwe kwipfuza kuba umuntu yifashe neza mu vy’ubutunzi. Ariko none hakenewe amahera angahe? Ni igiki cerekana ko umuntu aroraniwe? Yoba ari amahera canke amatungo? Ku rundi ruhande, kuruhuka birengeje no kwisamaza cane birashobora na vyo nyene kudutwara umwanya bigatuma dukora twiruka cane.

Tim umwe twavuga agira ati: “Twe n’umukenyezi wanje twarasuzumye neza ukuntu tubayeho maze dufata ingingo yo kugira ivyo duhinduye. Twaranditse ukuntu ivyacu vyari vyifashe n’imigambi twipfuza gushikako. Twaraganiriye ku vyadushikiye kubera ingingo twagiye turafata n’ico twokora kugira dushike ku migambi yacu.”

2 IRINDE IVYOTUMA UKUNDA KUGURA IBINTU

Bibiliya ituremesha kwirinda “icipfuzo c’amaso.” (1 Yohani 2:15-17) Amahayanishwa y’ibidandazwa arashobora gutuma tugira mwene ico cipfuzo, bigatuma dukora amasaha menshi canke twinezereza mu buryo burenze urugero canke buzimvye. Ego ni ko hari igihe utoshobora kwirinda amahayanishwa yose ariko hari ayo ushobora kwirinda. Vyoba vyiza kandi usuzumye neza ivyo ukeneye vy’ukuri.

Urama kandi wibuka ko ubana na Suneba ugasuneba nka we. Nimba abagenzi bawe biruka cane inyuma y’amaronko canke babona ko amatungo ari yo yerekana ko umuntu aroraniwe, hari aho vyoba vyiza urondeye abashira imbere ibihambaye kuruta amatungo. Bibiliya igira iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

3 NIWISHINGIRE AKARIMBI MU VY’AKAZI

Yaga n’umukoresha wawe ibijanye n’akazi ujejwe umubwire n’ivyo ubona ko bihambaye mu buzima bwawe. Kandi ntiwiyagirize igihe utari ku kazi. Igitabu kimwe kivuga giti: “Abantu batandukanya ivyo ku kazi n’ivyo muhira canke bagafata ikonje, basanze isi idaca yubama ngo ni uko batari ku kazi.”

Gary, umwe twavuga, yari yifashe neza mu vy’ubutunzi. Yaciye rero afata ingingo yo kugabanya amasaha amara ku kazi. Yavuze ati: “Naraganiriye n’umuryango wanje hama dufata ingingo yo kugira ivyo duhevye, maze tugenda turabishira mu ngiro bukebuke. Narasavye kandi umukoresha wanje ko noza ndakora imisi mike buri ndwi, aranyemerera.”

4 NUSHIRE IMBERE UMURYANGO WAWE

Umugabo n’umugore barakeneye kumara umwanya bari kumwe. Abana na bo nyene barakeneye kumarana umwanya n’abavyeyi babo. Rero niwirinde kwigana abavyeyi bama bafatiriwe. Gary avuga ati: “Nutegekanye umwanya wo kuruhuka kandi wirengagize ibikorwa bidahambaye cane.”

Igihe abagize umuryango bari hamwe, ntimureke televiziyo, telefone canke utundi twuma ngo bitume mutaganira. Nimusangirire hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi kandi muganire uko mugize umuryango mu biringo vyo gufungura. Igihe abavyeyi bubahirije iyo mpanuro isanzwe, abana baramererwa neza kandi biratuma bakora neza kw’ishure.

Nimuganire igihe muriko murafungura

Mu gusozera, niwibaze uti: ‘Nipfuza kugira ubuzima bumeze gute? Ni igiki nipfuriza umuryango wanje?’ Nimba wipfuza kubaho uhimbawe vy’ukuri, nurabe ivyo ushira imbere ukurikije impanuro nziza Bibiliya itanga.