Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha igihe watakaje akazi

Impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha igihe watakaje akazi

 Gutakaza akazi birashobora gutuma ugira ingorane z’amahera ariko kandi bikagira ingaruka ku buzima bwo mu muryango, maze bigatuma ugira amaganya menshi. Gusuzuma ibi vyiyumviro bikurikira bishingiye ku mpanuro zidata igihe zo muri Bibiliya, birashobora kugufasha kubona ingene wovyifatamwo.

  •   Nubwire abandi uko wiyumva.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.”​—Imigani 17:17.

     Umaze gutakaza akazi, urashobora kugira umubabaro, ishavu, ukabura ico ufata n’ico ureka canke mbere ukabona ko ata co ukivamwo. Ariko iyo ubwiye incuti n’abagenzi bawe uko wiyumva, barashobora kukuremesha. Barashobora no kuguterera ivyiyumviro vyogufasha kuronka akandi kazi.

  •   Niwirinde kwiganyira birenze.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.”​—Matayo 6:34.

     Bibiliya ituremesha gutegekanya ibintu imbere y’igihe. (Imigani 21:5) Naho ari ukwo, iduhanura kutiganyira birenze ku bijanye n’ibishobora gushika. Akenshi, turiganyira ku bintu bishobora kutazokwigera bishika. Birahambaye ko twitunira ku vyo dushoboye gukora buri musi.

     Bibiliya iratanga izindi mpanuro ngirakamaro zishobora kugufasha kubona ingene wovyifatamwo hamwe woba ufise amaganya. Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo “Wokora iki ufise umwitwarariko?

  •   Nuhindure ukuntu ukoresha amahera.

     Ico Bibiliya ivuga: “Narize akabanga . . . ko kugira umurengera no gukena.”​—Abafilipi 4:12.

     Nugire ivyo uhinduye wisunze uko ibintu vyifashe ubu. Aho harimwo guhindura ukuntu ukoresha amahera kugira uhuze n’uburyo ufise. Niwiyubare ntufate amadeni adakenewe.​—Imigani 22:7.

     Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ukuntu wohuza n’ingene uburyo bwawe bwifashe, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ingene wobeshwaho na bike.”

  •   Nukoreshe neza umwanya.

     Ico Bibiliya ivuga: “Mubandanye kugendana ubukerebutsi . . . , mwicungurira umwanya ubereye.”​—Abakolosayi 4:5.

     Naho utakija ku kazi, nugumane urutonde rwiza rw’ukuntu ukoresha umwanya. Ivyo niwabigira, bizogufasha kugumana urutonde mu buzima bwawe kandi bizotuma ubona ko hari ico umaze.

  •   Nuhuze n’uko ibintu vyifashe.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ubwoko bwose bw’ubucumukure burazana akarusho.”​—Imigani 14:23.

     Nugume witeguriye gukora akazi ako ari ko kose. Urashobora no kwemera gukora akazi gasa n’agaciye bugufi canke gatuma uronka amahera make ugereranije n’ayo wahora uronka.

  •   Ntucike intege.

     Ico Bibiliya ivuga: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke; kuko utazi aho bizokunda.”​—Umusiguzi 11:6.

     Nugume urondera akandi kazi. Nubwire abandi ko uriko urarondera akazi. Nubibwire incuti zawe, abo muzinanyi, abo mwigeze gukorana n’ababanyi. Nurondere amashirahamwe n’abantu bariko baratanga akazi, mbere no kuri internet. Niwitegurire gukora ibibazo vy’abarondera akazi, kandi uronderere akazi ahantu henshi.