Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingorane nke mu vy’ubutunzi

Ingorane nke mu vy’ubutunzi

Abantu benshi baragabanije ingorane zijanye n’amahera mu gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga.

GUTEGEKANYA IBINTU NEZA

ICO BIBILIYA IVUGA: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.”​—Imigani 21:5.

ICO BISOBANURA: Kwumira ku rutonde rw’ivyo wategekanije ni vyo bizotuma uroranirwa. Nutegekanye ibintu neza rero imbere yo gusohora amahera. Uribuka ko vyoshobora kutama bikunda ko ugura ikintu cose wipfuza. Ku bw’ivyo, nukoreshe neza amahera yawe.

ICO WOKORA:

  • Ntusesagure. Niwandike urutonde rw’ivyo wipfuza kugura, uce ubishira mu migwi. Nuce ushinga amahera utazorenza kuri buri mugwi. Bishitse umugwi kanaka ukarenza ayo wari wawutegekanirije, nuce uyakura ku wundi mugwi. Nk’akarorero, nimba ku gitoro wakoresheje ayaruta ayo wari wategekanije, nuce uyakura ku bindi bidahambaye cane, nko ku yo wokoresheje mu kabare.

  • Niwirinde amadeni adakenewe. Irinde ideni uko bishoboka kwose. Aho kurya amadeni, nuziganye kugira uzogure ivyo ukeneye. Nimba bibaye ngombwa ko ugurana amahera, niwihatire kuyariha vuba bishoboka kugira ntiwibikeko amadeni. Nimba umaze kurya ideni, nupange ukuntu uzoririha kandi uvyubahirize.

    Umuntu yama ari karyamyenda, akenshi usanga asesagura. Nubanze rero uzirikane witonze imbere yo kugurana amahera.

KWIRINDA INYIFATO MBI

ICO BIBILIYA IVUGA: “Kubera urushana, ikinebwe ntikizorima; kizosegerereza mu gihe c’ishwabura, mugabo nta kintu kizoboneka.”​—Imigani 20:4.

ICO BISOBANURA: Ubunebwe bushikana umuntu ku bukene. Ku bw’ivyo, nukore cane kandi utegekanirize kazoza uko bishoboka kwose.

ICO WOKORA:

  • Nukorane umwete. Niwaba umunyamwete n’umwizigirwa ku kazi bizotuma utagatakaza. Abakoresha barakunda abakozi b’abanyamwete.

  • Nube umwizigirwa. Niwirinde kwiba umukoresha wawe. Ubusuma canke amanyanga birashobora gucafuza umuntu bigatuma mu nyuma atoroherwa kuronka akazi.

  • Niwirinde umwina. Kurondera amahera menshi hasi hejuru, amaherezo bironona amagara yawe n’ubucuti ufitaniye n’abandi. Uribuka ko amaronko menshi aziba amatwi.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

Soma Bibiliya kuri internet. Iraboneka kuri jw.org mu ndimi amajana

NTUTAKAZE UMWANYA N’AMAHERA MU NGESO MBI.

“Imborerwa n’umukunzi w’inda bazoja mu bworo, kandi uguhunyiza kuzokwambika umuntu imishambara.”​—IMIGANI 23:21.

NIWIRINDE AMAGANYA ADAKENEWE.

“Mureke kuganyira ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa, canke kuganyira imibiri yanyu ku vyo muzokwambara.”​—MATAYO 6:25.

NIWIRINDE KUNOHOKERA IVY’ABANDI.

“Umuntu w’ijisho ry’agashari ariyahagura akurikira ibintu vy’agaciro, mugabo ntazi yuko ubukene ari bwo buzomuzako.”​—IMIGANI 28:22.