Ja ku birimwo

Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?

Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?

Ico Bibiliya ibivugako

 Oya. Bibiliya ntivuga ko amahera ari mabi, canke ngo ivuge ko ari yo ntandaro y’ibibi vyose. Imvugo dukunze kwumva ngo “amahera ni umuzi w’ibibi vyose” iranyuranye n’ivyo Bibiliya ivuga. Ahubwo Bibiliya ivuga yuko “gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose.” a​—1 Timoteyo 6:10, Bibiliya Yera, ni twe dushimitse.

 Amahera Bibiliya iyavugako iki?

 Bibiliya iremeza ko amahera ashobora kutugirira akamaro hamwe twoyakoresha neza, mbere ‘akadukingira.’ (Umusiguzi 7:12) Vyongeye, Bibiliya iravuga neza abantu bafasha abandi, ivyo bikaba bishobora kujamwo no kubaha amahera.​—Imigani 11:25.

 Ariko kandi, Bibiliya iratugabisha ku bijanye no gushira imbere amahera mu buzima bwacu. Igira iti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.” (Abaheburayo 13:5) Uwo murongo ushimika ku vy’uko dukwiye gushira amahera mu kibanza cayo, aho kwiruka inyuma y’amaronko. Ku bw’ivyo, dukwiye kubumbwa n’ivyo dukeneye koko, nk’ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro.​—1 Timoteyo 6:8.

 Kubera iki Bibiliya itubuza gukunda amahera?

 Abanyamwina ntibazoronka ubuzima budahera. (Abanyefeso 5:5) Impamvu imwe, ni uko umwina ari cokimwe no gusenga ikigirwamana, na kwo kukaba ari ugusenga kw’ikinyoma. (Abakolosayi 3:5) Iyindi mvo, ni uko umuntu w’umunyamwina yirengagiza ingingo ngenderwako kugira ngo aronke ico yipfuza. Mu Migani 28:20 havuga ko ‘abihutira kuronka ubutunzi batazoguma ari intungane.’ Boshobora no kugwa mu vyaha, nko kugira iterabwoba, kunyaga, kugira forode, kunyuruza canke kwica.

 N’igihe ugukunda amahera bitotuma dukora ivyaha, vyoshobora kutugirako ingaruka mbi. Bibiliya ivuga ko “abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu.”​—1 Timoteyo 6:9.

 Impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’amahera zodufasha gute?

 Nitwirinda kurondera amahera mu gukora ibintu tuzi ko ari bibi kandi bidashimisha Imana, tuzoba abantu bubahwa kandi bashimwa n’Imana. Abihatira gushimisha Imana, ibasezeranira iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” (Abaheburayo 13:5, 6) Idukura kandi amazinda iti: “Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi.”​—Imigani 28:20.

a Uwo murongo kandi wahinduwe ngo: “Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.”