Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Abakene

Abakene

Imana yoba yitaho abakene?

“Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera . . . Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’”—Abaheburayo 13:5.

INGENE IMANA YEREKANA KO IBITAHO

Igihe umusavyi wa Yehova Imana ari mu bihe bitoroshe, Imana irashobora kumwitwararika mu buryo butandukanye. Irashobora kumufasha mu gutuma abakirisu bagenziwe bamwitwararikana urukundo. * Muri Yakobo 1:27 havuga hati: “Insengo ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo.”

Abakirisu bo mu ntango barafashanya. Nk’akarorero, igihe hamenyeshwa yuko i Yudaya hoteye ikigoyi gikomeye, abakirisu bo mu gisagara ca Antiyokiya ho muri Siriya bariyemeje “kurungika imfashanyo yo gutabara abavukanyi baba i Yudaya.” (Ivyakozwe 11:28-30) Ivyo vyatumye abakirisu bagenzi babo bari bakenye baronka ivya nkenerwa mu buzima. Mu gutanga iyo mfashanyo bivuye ku mutima barerekanye mu bikorwa urukundo bari bafitiye abakirisu bagenzi babo.—1 Yohani 3:18.

Abakene bokora iki kugira ngo ivyabo bigende neza?

“Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”​—Yesaya 48:17, 18.

INGENE IMANA IDUFASHA KUGIRA NGO TWIFASHE

Nk’uko abantu amamiliyoni bamaze kuvyibonera, ubukerebutsi bwo muri Bibiliya ni ngirakamaro kandi ni ntangere. Mu Migani 2:6, 7 hagira hati: “Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura. Kandi abagororotse azobabikira muri ntibate ubukerebutsi ngirakamaro.” Igihe abantu barondeye ubwo bukerebutsi kandi bakabukoresha, barahungukira.

Nk’akarorero, baririnda ingeso zishobora kubagirira nabi kandi zobasesaguza, nko kunywa ibiyayuramutwe canke inzoga nyinshi. (2 Abakorinto 7:1) Vyongeye, baraba abantu b’inzirabugunge, bakora bivuye inyuma kandi bitaho ibintu, ivyo bigatuma vyoroha ko baronka akazi canke bagakundwa cane n’abakoresha babo. Mu Banyefeso 4:28 hagira hati: “Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, . . . kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.”

Hoba hari icemeza yuko ubukerebutsi bwo muri Bibiliya bufasha abakene?

“Ivyo ubukerebutsi buva ku Mana buvamwo ni vyo vyerekana ko bugororotse.”​—Matayo 11:19, The New English Bible.

IBIMENYAMENYA

Umugabo umwe wo muri Gana yitwa Wilson yakora ibiraka, akazi kiwe kari kimirije kurangira. Umusi ako kazi kari kurangirirako, Wilson yariko aroza umuduga w’umuyobozi w’aho yakorera, maze aja abona amahera mu bubiko bw’inyuma bw’uwo muduga. Umuhagarikizi wiwe yamubwiye ko yogumya ayo mahera. Ariko Wilson, uno akaba asanzwe ari Icabona ca Yehova, yaranse kwiba. Ahubwo yaciye asubiza ayo mahera nyeneyo. Aho gukurwa mu kazi, Wilson yaciye ahabwa akazi kabandanya, mu nyuma bamugira umwe mu bakozi bakurubakuru.

I Buraya, uwitwa Géraldine yarakuwe mu kazi kubera inabuja yanka Ivyabona vya Yehova. Ariko nyina w’uwo inabuja yabwiye uwo mwana wiwe yuko yari yihenze cane. Yavuze ati: “Nimba wipfuza umukozi w’umwizigirwa kandi yitaho akazi, nta we uzopfa uronse azoza aruta Icabona ca Yehova.” Uwo mukobwa wiwe yaciye agira amatohoza ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova, mu nyuma arasubiza Géraldine ku kazi.

Igihe umukenyezi umwe yireranye abana yitwa Sarah wo muri Afrika y’Epfo yashikirwa n’ibintu bitoroshe, abo mw’ishengero yarimwo baramugaragarije urukundo rwa gikirisu mu kuronsa imfungurwa umuryango wiwe be n’uburyo bwo kwiyunguruza. Mu nyuma, abana biwe bavuze bati: “Turafise abavyeyi benshi mw’ishengero.”

Hariho n’ubundi burorero bwinshi mwene ubwo twovuga. Ivyo bitwibutsa ivyo Yehova avuga mu Migani 1:33 ati: “Nayo uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano.” Emwe, ukwo ni ukuri kwuzuye!

^ ing. 5 Mu bihugu bimwebimwe, Leta iraha agafashanyo abakene. Aho ivyo bitagirwa, ibanga ryo kwitwararika uwukenye ahanini ryega incuti ziwe.—1 Timoteyo 5:3, 4, 16.