Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOKORA IKI UFISE AMAGANYA?

Amaganya yerekeye amahera

Amaganya yerekeye amahera

Umugabo yitwa Paul afise abana babiri yigana ati: “Amahera amaze guta agaciro mu gihugu cacu, ibifungurwa vyarazimvye cane kandi vyari bikenye. Twaramara amasaha dutonze umurongo ariko kenshi twaja gushikirwa ibifungurwa vyaheze. Abantu wasanga bonze cane kubera inzara. Hari n’abo waza ubona baguye hasi mw’ibarabara. Igiciro c’ibintu vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose caraduze bwampi ku buryo bigurwa amamiliyoni mbere n’amamiliyaridi. Amahera yahavuye aba nk’ibipapuro. Narahomvye amahera nari mfise muri banki no mu mashirahamwe yo gutegekanya kazoza.”

Paul

Paul yarabona ko akwiye gukorana ubwenge ari bwo “bukerebutsi ngirakamaro,” kugira abesheho umuryango wiwe. (Imigani 3:21) Asigura ati: “Nakora mu vy’umuyagankuba ariko sinareka gukora akazi kose kabonetse naho naronka amahera make ugereranije n’ayo nahembwa. Hari abampemba ibifungurwa canke ibikoresho vyo mu nzu. Bishitse bakampemba amasabuni ane, naca nkoresha abiri ayandi nkayagurisha. Nahavuye ndonka imiswi 40. Imaze gukura narayigurishije nca ngura iyindi 300. Mu nyuma hari umuntu nahaye inkoko 50 aca ampa imipfuko ibiri y’ibiro mirongo itanitanu y’ubufu bw’ibigori. Umuryango wanje be n’iyindi miryango itari mike, twaramaze igihe kinini twikora kuri ubwo bufu.”

Paul yarabona kandi ko kwizigira Imana ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose umuntu yokora. Igihe dukoze ivyo Imana idusaba iradufasha. Ku bijanye no kwironsa ivyo dukeneye mu buzima, Yezu yavuze ati: “Mureke kwamiza umutima mu kirere mwiganyira; kuko . . . So [azi] ko ivyo bintu mubikenera.”Luka 12:29-31.

Ikibabaje, Shetani wa mwansi w’Imana mukuru yaratumye abantu benshi kw’isi babona ko ubuzima bushingiye ku bintu vy’umubiri. Abantu bararazwa ishinga cane n’ivyo bakeneye, vyaba ivyo bakeneye vy’ukuri canke ivyo bishakira gusa, kandi baragwa bavyuka barondera ibintu badakeneye koko. Kubera gufata amadeni, benshi baribonerako. Nakare mu Migani 22:7 havuga yuko “uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.”

Abantu bamwebamwe barafata ingingo zibabaje. Paul yigana ati: “Ababanyi benshi barataye imiryango n’abagenzi baja kurondera akarusho mu mahanga. Hari abatashoboye kuronka akazi kubera ko bagiye ata mpapuro z’ukuri bafise. Kenshi baguma binyegeza abapolisi canke bakarara mu mabarabara. Ntibaretse ngo Imana ibafashe. Mugabo twebwe uko tugize umuryango twafashe ingingo yo guhangana n’ingorane twarimwo turi hamwe, tubifashijwemwo n’Imana.”

IMPANURO YEZU YATANZE

Paul abandanya ati: “Yezu yavuze ati: ‘Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.’ Imisi yose rero nasenga nsaba gusa ko Imana ‘[yoduha] uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi’ kugira ngo dushobore kubaho. Kandi yaradufashije nk’uko Yezu yabisezeranye. Ego ni ko ntitwaronka imisi yose ivyo twipfuza. Umusi umwe naragiye kugura ibifungurwa ntazi ivyo bariko baragurisha. Nshikiriwe nasanze ari ikivuguto. Sinkunda ikivuguto. Mugabo ni zo mfungurwa zari zihari, rero ni co twaciye turarira. Ndashimira Imana kubona muri ico gihe cose umuryango wanje utigeze uburara.” *

Imana yasezeranye iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”Abaheburayo 13:5

“Ubu mu muryango wacu ivy’ubutunzi si nabi. Mugabo dufatiye ku vyadushikiye, twariboneye yuko kwizigira Imana ari wo muti w’amaganya ukomeye kuruta iyindi yose. Yehova * azokwama adufasha nitwaguma dukora ivyo agomba. Twariboneye ko amajambo yo muri Zaburi 34:8 ari ay’ukuri. Agira ati: ‘Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe; hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we.’ Ivyo bituma tudatinya guhangana n’ingorane zijanye n’ivy’ubutunzi nka hamwe zosubira kwaduka.

Imana irafasha abayikunda kuronka ‘ibifungurwa vy’uyu musi’

“Ubu turatahura neza ko ico umuntu akeneye kugira abeho atari akazi canke amahera ahubwo ko ari ibifungurwa. Si twe tuzobona ivyo Imana yasezeranye birarangutse. Yavuze iti: ‘Hazoba umukimba w’intete kw’isi.’ Mu kurindira, iyo ‘dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.’ Turakomezwa n’amajambo yo muri Bibiliya agira ati: ‘Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko yavuze iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.”’” *

Bisaba ukwizera nyakuri kugira umuntu ‘agendane n’Imana’ nk’uko kwa Paul n’umuryango wiwe. (Itanguriro 6:9) Twaba dufise ingorane mu vy’ubutunzi canke zikaba zizodushikira muri kazoza, ukwizera kwa Paul be n’ingene yakoranye ubwenge biratwigisha ivyigwa bihambaye.

Ariko none twokora iki igihe dufise amaganya kubera ingorane zo mu muryango?

^ par. 10 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.