Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza

Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza

Kw’isi yose abantu barashikirwa n’ingorane zituma batakaza umunezero, bakagira amaganya n’intuntu. Woba umaze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo? Bishobora kuba vyatewe n’indwara canke kubura uwawe. Rero ushobora kuba uriko wibaza uti: ‘Ubuzima bwoba buzokwigera bumera neza?’ Inyishu Bibiliya itanga irahumuriza cane.

1. Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?

Bibiliya irasigura igituma iyi si yuzuye ingorane. Ariko kandi iratubwira agakuru keza. Ivuga ko zigiye kurangira. Ibintu Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza birashobora gutuma ugira icizigiro. (Soma Yeremiya 29:​11, 12.) Vyongeye, biradufasha kwihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe, bigatuma tubona ibintu mu buryo bwiza kandi tukagumana umunezero.

2. Bibiliya yerekana ko muri kazoza ibintu bizoba vyifashe gute?

Bibiliya ivuga ko muri kazoza “urupfu [ruta]zoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Soma Ivyahishuwe 21:4.) Ingorane zituma muri kino gihe twihebura, nk’ubukene, akarenganyo, indwara n’urupfu, ntizizoba zikiriho. Bibiliya isezerana ko abantu bazobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.

3. Wokora iki kugira ngo urushirize kwizigira ivyo Bibiliya isezerana?

Abantu benshi baritega ibintu vyiza. Ariko ntibaba bazi neza ko bizoba. Mugabo ivyo Bibiliya isezerana vyama biranguka. ‘Gusuzuma Ivyanditswe tuvyitondeye’ birashobora kudufasha kurushiriza kwizigira ivyo Bibiliya isezerana. (Ivyakozwe 17:11) Niwabandanya kwiga Bibiliya, uzoshobora kwihitiramwo kwemera ivyo yigisha ku bijanye na kazoza canke kutavyemera.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibintu bimwebimwe Bibiliya isezerana ko bizoba muri kazoza, turabe n’ingene icizigiro itanga kiriko kirafasha abantu muri iki gihe.

4. Bibiliya isezerana ko dushobora kubaho ibihe bidahera kandi duhimbawe

Reka turabe ibintu bimwebimwe Bibiliya isezerana. Ni ibihe biguhimbara kuruta? Kubera iki biguhimbara?

Nimusome ivyo vyanditswe biri imbere y’iyo mihango muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ibivugwa muri ivyo vyanditswe vyoba bitumye ugira icizigiro? Ubona vyoremesha incuti n’abagenzi bawe?

Niwiyumvire uba ahantu nk’aha

IBI BINTU NTIBIZOBA BIKIRIHO:

IVYIZA TUZOKWIRONKERA:

  • Tuzoba dufise amagara meza kandi twasubiranye inguvu zo mu buto.​—Yobu 33:​25.

5. Icizigiro Bibiliya itanga kirashobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza

Ibintu bibi biba kw’isi biratuma abantu bihebura canke mbere bagata umutwe. Bamwe barakora uko bashoboye kwose kugira barabe ko vyohinduka. Raba ingene kumenya icizigiro Bibiliya itanga biriko birafasha abantu. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni ibiki vyababaza Rafika?

  • Naho ako karenganyo yabona kataheze, Bibiliya yamufashije gute?

Icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga kiratuma tutihebura kandi tugashobora kwihanganira ingorane zidushikira. Nimusome Imigani 17:22 n’Abaroma 12:12, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Woba wibaza ko icizigiro Bibiliya itanga gishobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza? Kubera iki wishuye gutyo?

HARI ABAVUGA BATI: “Ivyo Bibiliya isezerana biragoye kwemera.”

  • Wibaza ko ari kubera iki vyoba vyiza uvyitohoreje?

INCAMAKE

Bibiliya idusezeranira kazoza keza. Ivyo biratuma tugira icizigiro kandi ubuzima bwacu bukarushiriza kumera neza.

Wize iki?

  • Kubera iki abantu bakeneye kumenya icizigiro Bibiliya itanga?

  • Bibiliya ivuga ko muri kazoza ibintu bizoba bimeze gute?

  • Kugira icizigiro ca kazoza bigufasha iki muri iki gihe?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ingene icizigiro gishobora kugufasha igihe uri mu ngorane.

“Wokura hehe icizigiro?” (Be maso!, 22 Ndamukiza 2004)

Nurabe ingene icizigiro ca kazoza gishobora gufasha abarwaye indwara zidakira.

“Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Igihe uzoba uriko uraraba uwu muziki, nuse n’uwubona wewe n’umuryango wawe muryohewe muri ya Paradizo Bibiliya isezerana.

Niwiyumvire ico gihe (3:37)

Raba ingene uwahora aharanira amahinduka mu kibano yahindutse kuva aho amenyeye icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga.

“Ubu sinkibona ko ntegerezwa guhindura isi” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2013)