Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 1

Bibiliya ishobora gute kugufasha mu buzima bwawe?

Bibiliya ishobora gute kugufasha mu buzima bwawe?

Twese turafise ibibazo vyerekeye ubuzima, urupfu, kazoza n’ibindi. Vyongeye, hari ibintu bituraza ishinga buri musi, nko kuronka ikitubeshaho canke kuronka agahimbare mu rugo. Abantu benshi basanze Bibiliya itanga inyishu z’ibibazo bihambaye vyo mu buzima. Iratanga kandi impanuro zifasha mu buzima bwa misi yose. Wibaza ko Bibiliya yoshobora kudufasha?

1. Bimwe mu bibazo Bibiliya yishura ni ibihe?

Bibiliya iratanga inyishu ku bibazo bihambaye nk’ibi: Twakomotse he? Ubuzima bufise intumbero iyihe? Kubera iki n’abantu beza bashikirwa n’ingorane? Umuntu apfuye aja he? Kubera iki hari intambara nyinshi kandi abantu bose bipfuza amahoro? Kazoza k’iyi si ni akahe? Bibiliya irimwo inyishu z’ivyo bibazo, kandi abantu amamiliyoni basanze inyishu itanga zihumuriza cane.

2. Bibiliya yodufasha gute kuronka umunezero mu buzima?

Bibiliya iraduha impanuro nziza. Nk’akarorero, iratubwira ukuntu abagize umuryango bohimbarwa vy’ukuri. Iratubwira uko twovyifatamwo igihe dushikiwe n’ibintu bitesha umutwe be n’ingene twohimbarirwa akazi dukora. Uko tuzobandanya kuganirira hamwe ibi vyigwa, uzomenya ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ivyo vyiyumviro eka mbere n’ibindi. Uzokwibonera ko ‘icanditswe cose [ni ukuvuga ibintu vyose biri muri Bibiliya] ari ngirakamaro.’​—2 Timoteyo 3:16.

Iki gitabu ntigisubirira Bibiliya. Ahubwo kikuremesha kwisomera Bibiliya. Ku bw’ivyo, tugusavye kuza urasoma ivyanditswe biri muri iki gitabu, uce uraba isano bifitaniye n’ivyo uriko uriga.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ukuntu Bibiliya yafashije abantu, ingene woryoherwa no kuyisoma be n’igituma ari vyiza ko hagira umuntu agufasha kuyitahura.

3. Bibiliya iratuyobora

Bibiliya imeze nk’itoroshi ribona cane. Irashobora kutumurikira, ikatwereka ukuntu twohitamwo gukora ivyiza. Iradufasha kandi kumenya ibizoba muri kazoza.

Nimusome Zaburi 119:105, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Uwanditse iyi Zaburi yabona gute Bibiliya?

  • Wewe nawe uyibona gute?

4. Bibiliya irimwo inyishu z’ibibazo twibaza

Umugore umwe yararonse muri Bibiliya inyishu z’ibibazo yari amaze imyaka myinshi yibaza. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, uwo mugore yari afise ibibazo ibihe?

  • Kwiga Bibiliya vyamufashije gute?

Bibiliya irerekana ko ari vyiza kubaza ibibazo. Nimusome Matayo 7:7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibibazo ibihe uhora wibaza woshima kuronkera inyishu muri Bibiliya?

5. Gusoma Bibiliya birashobora kukuryohera

Abantu benshi barakunda gusoma Bibiliya kandi ivyo birabagirira akamaro. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abo bakiri bato berekanywe muri iyo videwo bahora babona gute ivyo gusoma?

  • Kubera iki gusoma Bibiliya bisigaye bibaryohera?

Bibiliya irerekana ko ivyo ivuga bishobora kuturemesha kandi bigatuma tugira icizigiro. Nimusome Abaroma 15:4, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Woba woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya isezerana?

6. Abandi barashobora kudufasha gutahura Bibiliya

Uretse kwisomera Bibiliya, abantu benshi basanze kandi ari vyiza kuyiganirako n’abandi. Nimusome Ivyakozwe 8:26-31, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki codufasha gutahura Bibiliya? ​—Raba umurongo wa 30 n’uwa 31.

Wa mugabo w’Umunyetiyopiya yari akeneye uwumufasha gutahura ivyo yariko arasoma. Abantu benshi muri iki gihe basanze ari vyiza kuganira ibiri muri Bibiliya n’abandi

HARI ABAVUGA BATI: “Bibiliya ni ishamba. Ntushobora kuyitahura.”

  • Wewe ubivugako iki? Kubera iki wishuye gutyo?

INCAMAKE

Bibiliya irimwo impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose. Irimwo inyishu z’ibibazo bihambaye twibaza. Vyongeye, iraturemesha kandi ikaduha icizigiro.

Wize iki?

  • Ni impanuro izihe Bibiliya ishobora gutanga?

  • Ni ibibazo bimwebimwe ibihe Bibiliya yishura?

  • Ni ibiki woshima kumenya muri Bibiliya?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ingene Bibiliya ituronsa impanuro zidufasha muri iki gihe.

“Ivyo Bibiliya itwigisha vyama biranga ubukerebutsi” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2018)

Raba ukuntu Bibiliya yafashije umugabo yakuze ari umuntu w’ubwoba kandi avuga make.

Ukuntu natanguye guhimbarirwa ubuzima (2:53)

Raba impanuro Bibiliya iha abagize umuryango.

“Ibintu 12 vyofasha ingo kurama” (Be maso! No. 2 2018)

Abantu benshi bibaza ko bazi umutware w’iyi si uwo ari we. Raba inyishu y’ukuri Bibiliya itanga.

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?​—Ndende (3:14)