Ja ku birimwo

Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?

Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome. Igihe Yezu yari kw’isi, yarashikije ubuhanuzi bwinshi bwerekeye “Mesiya Indongozi,” ari we yobaye “Umukiza w’isi.” (Daniyeli 9:25; 1 Yohani 4:14) N’aho Yezu amariye gupfa, yarabandanije gushitsa ubuhanuzi bwerekeye Mesiya.—Zaburi 110:1; Ivyakozwe 2:34-36.

 Izina “Mesiya” risobanura iki?

 Ijambo ry’igiheburayo Ma·shiʹach (Mesiya) hamwe n’iry’ikigiriki Khri·stos (Kristu) yompi asobanura “Uwarobanuwe.” Ku bw’ivyo, “Yezu Kristu” bisobanura “Yezu Uwarobanuwe,” canke “Yezu Mesiya.”

 Mu bihe vya Bibiliya, igihe umuntu yaba agenywe ngo azezwe ibanga ridasanzwe, akenshi baca bamusuka amavuta ku mutwe mu kwerekana ko yarobanuwe. (Abalewi 8:12; 1 Samweli 16:13) Imana ni yo yagenye Yezu ngo abe Mesiya, iryo rikaba ari ibanga ridasanzwe. (Ivyakozwe 2:36) Ariko Imana ntiyamurobanuje amavuta, ahubwo yamurobanuje impwemu nyeranda.—Matayo 3:16.

 Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwari kurangukira ku bantu benshi?

 Oya. Nka kurya nyene ata muntu asangira igikumu n’uwundi, ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bworangukiye ku muntu umwe. Ariko rero, Bibiliya iratugabisha ko “ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe.”—Matayo 24:24.

 Mesiya yoba azoboneka muri kazoza?

 Oya. Bibiliya yari yaravuze ko Mesiya yokomotse kuri Dawidi, Umwami wa Isirayeli. (Zaburi 89:​3, 4) Ariko rero, inzandiko zerekana ingene ba sekuruza b’Abayuda bagiye barakurikirana kuva kuri Yezu gushika kuri Dawidi zaratakaye, bikaba bishoboka ko zaturiwe igihe Abaroma bigarurira Yeruzalemu mu 70 inyuma ya Kristu. a Kuva ico gihe, nta n’umwe yoshoboye kwemeza ko akomoka mu muryango w’Umwami Dawidi. Yamara rero, izo nzandiko zariho mu gihe ca Yezu, kandi n’abansi biwe ntibahakanye ko yakomoka kuri Dawidi.—Matayo 22:41-46.

 Muri Bibiliya hari ubuhanuzi bungahe bwerekeye Mesiya?

 Nta woshobora kudomako igitigiri nyezina c’ubwo buhanuzi. Nk’akarorero, uburyo bwo guharura ubuhanuzi ushobora gusanga butandukanye, mbere no ku buhanuzi biboneka neza ko bwerekeye Mesiya. Muri Yesaya 53:2-7 haravuga ibintu bitandukanye vyerekeye Mesiya. Hari abofata ko ibivugwa muri iyo mirongo yose ari ubuhanuzi bumwe, abandi na bo bagafata ko kimwekimwe cose muri vyo ari ubuhanuzi buri ukwabwo.

 Ubuhanuzi bumwebumwe bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu

Ubuhanuzi

Aho buri

Iranguka

Akomoka kuri Aburahamu

Itanguriro 22:17, 18

Matayo 1:1

Akomoka kuri Izahaki umuhungu wa Aburahamu

Itanguriro 17:19

Matayo 1:2

Avuka mu muryango wa Yuda

Itanguriro 49:10

Matayo 1:1, 3

Akomoka mu muryango w’Umwami Dawidi

Yesaya 9:7

Matayo 1:1

Yavyawe n’umwigeme w’isugi

Yesaya 7:14

Matayo 1:18, 22, 23

Yavukiye i Betelehemu

Mika 5:2

Matayo 2:1, 5, 6

Yiswe Emanweli b

Yesaya 7:14

Matayo 1:21-23

Yavukiye mu muryango uciye bugufi

Yesaya 53:2

Luka 2:7

Abana barishwe inyuma y’ivuka ryiwe

Yeremiya 31:15

Matayo 2:16-18

Yarahamagawe ngo ave mu Misiri

Hoseya 11:1

Matayo 2:13-15

Yiswe Umunyanazareti c

Yesaya 11:1

Matayo 2:23

Intumwa yomwitangiye imbere

Malaki 3:1

Matayo 11:7-10

Yarobanuwe ngo abe Mesiya mu 29 inyuma ya Kristu d

Daniyeli 9:25

Matayo 3:13-17

Imana yaremeje ko ari Umwana wayo

Zaburi 2:7

Ivyakozwe 13:33, 34

Yaragiriye umwete inzu y’Imana

Zaburi 69:9

Yohani 2:13-17

Yaramamaje inkuru nziza

Yesaya 61:1

Luka 4:16-21

Igikorwa yaranguriye i Galilaya cabaye nk’umuco mwinshi

Yesaya 9:1, 2

Matayo 4:13-16

Yarakoze ibitangaro nka Musa

Gusubira mu vyagezwe 18:15

Ivyakozwe 2:22

Yavuga ibiva ku Mana nka Musa

Gusubira mu vyagezwe 18:18, 19

Yohani 12:49

Yarakijije abantu benshi

Yesaya 53:4

Matayo 8:16, 17

Ntiyininahaje

Yesaya 42:2

Matayo 12:17, 19

Yarumviye impuhwe abagowe

Yesaya 42:3

Matayo 12:9-20; Mariko 6:34

Yarerekanye ubutungane bw’Imana ico ari co

Yesaya 42:1, 4

Matayo 12:17-20

Umujana w’agatangaza

Yesaya 9:6, 7

Yohani 6:68

Yaramenyekanishije izina rya Yehova

Zaburi 22:22

Yohani 17:6

Yavugira mu migani

Zaburi 78:2

Matayo 13:34, 35

Indongozi

Daniyeli 9:25

Matayo 23:10

Benshi ntibamwemeye

Yesaya 53:1

Yohani 12:37, 38

Ibuye ritsitaza

Yesaya 8:14, 15

Matayo 21:42-44

Abantu baramwiyamirije

Zaburi 118:22, 23

Ivyakozwe 4:10, 11

Bamwankiye ubusa

Zaburi 69:4

Yohani 15:24, 25

Yinjiye i Yeruzalemu ari ku ndogobwa

Zekariya 9:9

Matayo 21:4-9

Abana baramuhayagije

Zaburi 8:2

Matayo 21:15, 16

Yaje mw’izina rya Yehova

Zaburi 118:26

Yohani 12:12, 13

Yarahemukiwe n’umugenzi yari yizigiye

Zaburi 41:9

Yohani 13:18

Yagurishijwe ibiceri 30 vy’ifeza e

Zekariya 11:12, 13

Matayo 26:14-16; 27:3-10

Abagenzi biwe baramutaye

Zekariya 13:7

Matayo 26:31, 56

Baramwagirije ibinyoma

Zaburi 35:11

Matayo 26:59-61

Yagumye yinumiye bariko baramwagiriza

Yesaya 53:7

Matayo 27:12-14

Baramuciriyeko amate

Yesaya 50:6

Matayo 26:67; 27:27, 30

Baramukubise ku mutwe

Mika 5:1

Mariko 15:19

Baramutonaguye

Yesaya 50:6

Yohani 19:1

Ntiyarwanije abariko baramukubita

Yesaya 50:6

Yohani 18:22, 23

Abategetsi baragiye hamwe kugira bamurwanye

Zaburi 2:2

Luka 23:10-12

Baramukomereye imisumari mu biganza no mu birenge

Zaburi 22:16

Matayo 27:35; Yohani 20:25

Abantu barapfindiye impuzu ziwe

Zaburi 22:18

Yohani 19:23, 24

Yaharuranywe n’abacumuzi

Yesaya 53:12

Matayo 27:38

Yaratutswe

Zaburi 22:7, 8

Matayo 27:39-43

Yarababajwe kubera abacumuzi

Yesaya 53:5, 6

1 Petero 2:23-25

Wamengo Imana yamuhevye

Zaburi 22:1

Mariko 15:34

Baramuhaye inkarihe n’indurwe ngo anywe

Zaburi 69:21

Matayo 27:34

Yaranyotewe imbere y’uko acikana

Zaburi 22:15

Yohani 19:28, 29

Yashize impwemu yiwe mu maboko y’Imana

Zaburi 31:5

Luka 23:46

Yarahevye ubuzima bwiwe

Yesaya 53:12

Mariko 15:37

Yaratanze incungu kugira akureho igicumuro

Yesaya 53:12

Matayo 20:28

Amagufa yiwe ntiyavunywe

Zaburi 34:20

Yohani 19:31-33, 36

Yaracumiswe

Zekariya 12:10

Yohani 19:33-35, 37

Yahambwe hamwe n’abatunzi

Yesaya 53:9

Matayo 27:57-60

Yarazuwe mu bapfuye

Zaburi 16:10

Ivyakozwe 2:29-31

Uwamuguze yarasubirijwe

Zaburi 109:8

Ivyakozwe 1:15-20

Yaricaye iburyo bw’Imana

Zaburi 110:1

Ivyakozwe 2:34-36

a Igitabu kimwe canditswe na McClintock be na Strong kivuga giti: “Nta gukeka ko inyandiko zerekeye urukurikirane rw’imiryango y’Abayuda zahiye mu gihe c’isenyurwa rya Yeruzalemu, ntizahiye imbere y’aho.”

b Izina ry’igiheburayo Emanweli risobanura ngo “Imana iri kumwe natwe.” Riradondora neza uruhara Yezu afise rwo kuba Mesiya. Umuzo wiwe kw’isi hamwe n’ibikorwa yakoze vyarerekanye ko Imana iri kumwe n’abasavyi bayo.​—Luka 2:27-32; 7:12-16.

c Izina “Umunyanazareti” rishobora kuba rikomoka mw’ijambo ry’igiheburayo neʹtser risobanura “umunago.”

d Ushaka kumenya ingene Bibiliya yerekana ko umwaka wa 29 ari wo Mesiya yobonekeyeko, raba ikiganiro kivuga ngo “Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya.”

e Ubwo buhanuzi buri mu gitabu ca Zekariya, ariko umwanditsi wa Bibiliya Matayo avuga ko bwavuzwe “biciye kuri Yeremiya umuhanuzi.” (Matayo 27:9) Biboneka ko igitabu ca Yeremiya cigeze kuba ari co gitangura igihimba co muri Bibiliya citwa “Abahanuzi.” (Luka 24:44) Matayo ashobora kuba yavuze “Yeremiya” ashaka kuvuga ivyo bitabu vyose, harimwo n’igitabu ca Zekariya.