Ja ku birimwo

Impwemu nyeranda ni iki?

Impwemu nyeranda ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Impwemu nyeranda ni ubushobozi bw’Imana canke inguvu ikoresha. (Mika 3:8; Luka 1:​35) Imana iratuma impwemu yayo mu kurungika inguvu zayo aho bikenewe hose kugira umugambi wayo uranguke.​—Zaburi 104:30; 139:7.

 Muri Bibiliya, ijambo “impwemu” ryakuwe mw’ijambo ry’igiheburayo ruʹach no mu ry’ikigiriki pneuʹma. Kenshi ayo majambo yerekeza ku nguvu Imana ikoresha, ari yo mpwemu nyeranda. (Itanguriro 1:2) Ariko rero, Bibiliya irakoresha ayo majambo ishaka kuvuga n’ibindi bintu. Nk’akarorero:

 Izo nsobanuro zose zihuriza ku kintu kimwe, ni ukuvuga ikintu tudashobora kubona n’amaso ariko tukabona ibikorwa vyaco. Impwemu y’Imana na yo nyene, “cokimwe n’umuyaga, ntituyibona, ntidushobora kuyikabakaba ariko irafise ububasha.”​—An Expository Dictionary of New Testament Words ca W. E. Vine.

 Bibiliya kandi irakoresha “amaboko” y’Imana canke “intoke” zayo ishaka kuvuga impwemu nyeranda. (Zaburi 8:3; 19:1; Luka 11:20; gereranya na Matayo 12:28.) Nka kurya umuhinguzi w’utugenegene akoresha amaboko n’intoke, Imana yarakoresheje impwemu yayo mu gutuma ibi bintu bibaho:

Impwemu nyeranda si umuntu

 Mu kugereranya impwemu y’Imana n’“amaboko” yayo, “intoke” zayo canke “impemu zayo,” Bibiliya iba yerekanye ko impwemu nyeranda atari umuntu. (Kuvayo 15:​8, 10) Nka kurya kw’amaboko y’umuhinguzi adashobora gukora uyatandukanije n’umubiri n’ubwonko; impwemu y’Imana ikora gusa igihe iyobowe na yo. (Luka 11:13) Bibiliya iragereranya kandi impwemu y’Imana n’amazi, ikayisanisha n’ukwizera be n’ubumenyi. Izo mvugo ngereranyo zose zirerekana ko impwemu nyeranda atari umuntu.​—Yesaya 44:3; Ivyakozwe 6:5; 2 Abakorinto 6:6.

 Bibiliya iratomora izina rya Yehova Imana n’iry’Umwana wayo Yezu Kristu, ariko nta na hamwe ivuga izina ry’impwemu nyeranda. (Yesaya 42:8; Luka 1:​31) Igihe wa mukirisu Sitefano yerekwa ku gitangaro ibiri mw’ijuru, yabonye abantu babiri batarenga ntibarenguke, nta wa gatatu yarimwo. Bibiliya ivuga iti: “Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana.” (Ivyakozwe 7:​55) Impwemu nyeranda ni inguvu z’Imana zariko zirafasha Sitefano kubona ivyo bintu.

Ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye impwemu nyeranda

 Iciyumviro kitari co: Impwemu nyeranda ni umwe mu baperesona bagize Ubutatu, nk’uko bivugwa muri 1 Yohani 5:​7, 8 muri Bibiliya yitwa King James.

 Ukuri: Muri 1 Yohani 5:​7, 8 iyo Bibiliya irongeramwo amajambo ngo “mw’ijuru, Data, Jambo hamwe n’Impwemu nyeranda: abo uko ari batatu bagize umwe. Kandi hariho bitatu bishinga intahe mw’isi.” Yamara rero, abahinga basanze ayo majambo atari intumwa Yohani yayanditse, akaba rero adakwiye kuboneka muri Bibiliya. Porofeseri Bruce M. Metzger yanditse ati: “Biratomoye ko ayo majambo ari ayongeweko, akaba rero adakwiye kuboneka mw’Isezerano rishasha.”​—A Textual Commentary on the Greek New Testament.

 Iciyumviro kitari co: Bibiliya idondora impwemu nyeranda nk’umuntu, bigaca vyumvikana ko ari umuntu.

 Ukuri: Ni ivy’ukuri ko Bibiliya hari igihe idondora impwemu nyeranda nk’umuntu. Nk’akarorero, Yezu yaradondoye impwemu nyeranda nk’umuntu, avuga ko ari “umufasha” (paraclete) yotanze ikimenyamenya, akarongora abigishwa, akavuga, akumva, akamenyesha ukuri, akaninahaza akongera akaronka. (Yohani 16:​7-​15) Ariko ivyo ntivyerekana ko impwemu nyeranda ari umuntu. Iyo mvugo nyene Bibiliya irayikoresha ku bwenge canke ubukerebutsi, urupfu be n’igicumuro. (Imigani 1:​20; Abaroma 5:​17, 21) Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ko ubwenge bufise “ibikorwa” hamwe n’“abana,” ikanavuga ko igicumuro kiryosharyosha umuntu, ko cica be n’uko gitera umwina.​—Matayo 11:19; Luka 7:​35; Abaroma 7:​8, 11

 Iciyumviro kitari co: Kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda birerekana ko ari umuntu.

 Ukuri: Rimwe na rimwe Bibiliya irakoresha ijambo “izina” mu kwerekana ububasha canke ubukuru. (Gusubira mu vyagezwe 18:​5, 19-​22; Esiteri 8:​10) Ni nka kurya nyene uvuze ngo “kw’izina rya leta” utaba uvuze ko leta ari umuntu. Kubatizwa “mw’izina” ry’impwemu nyeranda vyerekana ko umuntu aba yemera ububasha bw’impwemu nyeranda be n’uruhara irangura mu gushitsa ivyo Imana igomba.​—Matayo 28:19.

 Iciyumviro kitari co: Intumwa za Yezu n’abandi bigishwa biwe ba kera baremera ko impwemu nyeranda ari umuntu.

 Ukuri: Bibiliya nta vyo ivuga kandi n’inkuru za kahise nta vyo zemeza. Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Insiguro y’uko Impwemu nyeranda ari umuntu . . . yapfunditswe mu nama ya Ekleziya yabereye i Constantinople mu 381 inyuma ya Kristu.” Ico gihe hari haheze imyaka irenga 250 uwa nyuma mu ntumwa apfuye.